Haheze amezi make Abarundi bamenye ko hahora hari urudandazwa rw’abigeme bajanwa mu bihugu vy’Abarabu nka Arabiya Sawudite na Omani. Umwe mu banditsi ba Yaga yarahuye n’umwe muri abo bigeme yashoboye kugaruka mu Burundi maze aramuyagira ayo yagoreweyo aho abigereranya no kuja i kuzimu.
Nari mu kibuga c’indege i Kigali mw’ijoro ndindiriye indege inshikana i Bujumbura bukeye. Nari nicaranye n’uyundi Murundi avuye muri Afrika y’epfo maze tuja mu vyo kuganira . Haheze akanya gato haza umwana w’umukobwa, amaze kudushikira, araturikisha ararira. Twe na mugenzanje twaratangaye cane ndetse tugira n’ubwoba, twibaza ico twoba twavuze catumye uwo mwigeme arira. Amaze kwicara, wa mukobwa atubwira ati: « Ndaryohewe cane no gusubira kwumva umuntu avuga ikirundi ». Twese twaratangaye, twibaza aho yoba avuye. Niho yatubwira ati : « Mvuye i kuzimu…Muri Arabiya Sawudite ».
Uko vyagenze
« Mvuka muri komine Musigati mu ntara ya Bubanza. Nahejeje amashuri yisumbuye muri 2014. Kuko ata buryo nari mfise bwo kuja kwiga kaminuza, naciye nguma muhira mfasha abavyeyi ibikorwa vyo mu mirima.
Mu kwezi kw’icumi 2015, babiri mu barongoye umugambwe uri ku butegetsi mu ntara ya Bubanza baradukoranije, jewe n’abandi bigeme bashika kuri mirongo ibiri, batubwira ko bashobora kuturonderera akazi mu bihugu vyo hanze. Twumvise ko tugiye kuronka akazi mu bindi bihugu, akamwemwe karadusya. Bamwe mu bakobwa twari kumwe bari bafise amakenga. Ariko tumaze gutangura kurondera ivya ngombwa bahavuye bagira umwete. Haheze iminsi mike, ba bagabo baradukoranije hama imodoka iraza kudutora ku biro vya komine i Musigati, itujana i Bujumbura kurondera ibitabo vy’inzira.
Tugeze kuri PAFE twatanze urutonde rw’abakobwa cumi n’umunani basaba ibitabo vy’inzira. Ntitwigeze tumenya uwarishe amafaranga bariha ku gitabo kimwe kimwe. Inyuma y’umutaga twaratashe iwacu. Mu kwezi kwa cumi na kabiri 2015, ba bagabo baraduhamagaye, umwe wese bamuha igitabo c’inzira ciwe, hama baratubwiye ko twokwitegura kuko twafata urugendo mu minsi cumi yakurikira.
Urugendo
Umunsi w’urugendo twese twari tunezerewe kuko bwari ubwa mbere tubonye indege turi hafi yayo, igisumbirije, twagire tuyinjiremwo. Urugendo rwagenze neza, bukeye niho twashika mu gihugu ca Arabiya Sawudite. Ku kibuga c’indege twakiriwe n’Abarabu. Jewe nakiriwe n’umupfasoni umwe, antwara iwe. Tugishika, baciye bampa izina rishasha, nca nitwa «Sina ».
Iminsi ya mbere nakora kuva isaha iwe y’igitondo, inyuma y’umutaga nkaruhuka amasaha abiri canke atatu hama nkasubira gukora gushika isaha zitatu z’ijoro hama nkaryama. Haheze indwi zibiri, ibintu vyarahindutse. Akaruhuko kanje k’inyuma y’umutaga karafutwa, nkatangura gukora isaha cumi z’igitondo gushika isaha zitanu z’ijoro.
Ibikorwa vyanje kwari ukumesa impuzu z’abantu cumi baba muri iyo nzu, kubategurira imfungurwa, kwoza ibikoresho vyo mu nzu, gusukura iyo nzu no kwoza imiduga itanu bari bafise. Ntibashobora kwihanganira kubona nduhutse. Iyo bishitse ngaheza akazi kare, umubanyi wabo yaca aza kuntora kugira mbandanye gukora iwegushika nk’isaha umunani z’ijoro. Aho nasanga nsigaranye amasaha atarenga abiri yo kuruhuka. Kenshi ayo masaha nayamara ndiko ndarira, niyumvira nyamba umusi umwe nzosubira kubona iwacu. Naragerageje kwakura ba bagabo badukura iwacu ariko sinigeze ndabatora.
Uko imisi yahera, ubuzima nari mbayemwo bwarushirije kuba bubi, bituma mpitamwo kwiyahura. Narikoroye ku nzu y’igorofa twabamwo, nari nizeye gupfa, nsanga navunitse ukuboko gusa. Abakoresha banje baramvuje ukuboko kurakira, ariko nari nahisemwo kudasubira kubakorera. Namaze ukwezi ntafungura naho naba ndabishaka. Baranjanye ku baganga batanu, bose bagatanga inyishu imwe : «Uyu muntu nta kintu na kimwe arwaye ». Nahavuye nsigurira umwana mukuru wo muri uyo muryango yavuga neza igiswahili, ko ngwaye ibitega ata handi na hamwe bivurirwa atari i Burundi. Yaravyemeye kuko yari amaze imyaka myinshi aba muri Afrika. Niho baca bangurira itike y’indege inshikana mu Burundi, ariko umushahara wanje wose barawusigaranye, bambwira ko nzowuronka nsubiyeyo».
Inyuma y’ivyo twari duhejeje kwumva, twe na mugenzanje twarabuze ijambo na rimwe twovuga. Tumaze kugera ku kibuga c’indege c’ i Bujumbura, duhejeje kwuzuza ibisabwa, Sina yaciye atabura igitabu c’inzira imbere y’aba polisi batigeze batahura impamvu akoze ivyo. Niho yababwira ati : « Nzorinda mpfa ntasubiriye kuva mu Burundi ».
Ikindi kandi no kwongerako hari abakobwa usanga yakuze iwabo no kwoza isahani atavyazi vyose vyakora bikora umukozi, so uyo rero yumvise kwurira indege abonako agiye kwogorora agiye hanze nicogituma ubuzi bwo munzu ashitseyo bumunanira kuko ni wabo ntavyo yigeze akora. Ariko ico nomubwira muvyo yavuze vyose vyinshi ni ububeshi cauz i was there I know everything. Ati yaryama amasaha abiri?uri ubeshi kuko abarabu ni abantu bakunda kuruhuka cane, bararyama nawe akaguma akora?ntivyumvikana pe
reka kuguma uhenda abantu wowe Eric! abarabu baziko abakozi bo munzu ari abacakara. birirwa baryamye wowe utetse, urera abana, ukora akandi kazi ko murugo! kumugoroba babyutse batangiye ibyayi na shisha ntago umukozi yaryama kuko baguma bamutuma. baryama sakumi zi gitondo kandi
wa mukozi agomba kubyuka 6h ategura abana akora na kandi kazi. uwo mwana ntacyo yabeshye. uwunva ariwowe uvugisha ukuri azashake ubuhamya bwa abana bo muri za bangaladesh, Srilanka, India na Ethiopie birirwa biyahura cg bica abana ba barabu kubera depression zo gufatwa nabi no kubura uburyo basubira iwabo! abo uri kubwira kuguha CV niba bazi gusoma bazabanze bamenye impanvu ibihugu bya Asia byahagaritse gutanga abakozi mu barabu. basome ama articles nu buhamya bwa bavuye ikuzimu. uzabaze za ambassade za ba filipino muri Saudia bakubwire amateka yibyago abakozi bo murugo bahura nabyo. bagukoresha gutyo noneho naba sobuja bakaza kugusambanya kungufu. ibyo nvuga ndabizi kuko nakoze muri Damac middle east imyaka 4. igihe cyose bazaga kutubwira kukazi ko hari umwirabura ukeneye ubufasha ngo atahe. kandi igihe cyose wasangaga ari abakobwa bazanywe gutyo bababeshye ngo bazakora muri supermarket bakisanga mu buyaya bwi kuzimu bakabura nuko bataha. abenshi babaga bazanywe muri ibyo bihugu!
Uwimana nagomba ndakubwireko jewe ndaguha exeperience yivyo nzi oman abarundi barafise na group ariko ubwambere mwaza muhenda abantu ko utemerewe no gutunga telephone, nivyo hariho usanga ufashwe nabi ariko nawew bivuye kuri wew kuko hariho abakobwa nabo bafise ingeso mbi ikindi ubu jewe nkaho nzi saudia oman Dubai abu dabi qatar umukobwa ananiranywe numukoresha arahindurirwa aho akora mpaka kugeza kunzu zitanu. Ico nokubwira co jewe mfise mes relatives bari soudia oman abu dabi nubu turavugana. Gusa kubera ibihugu vya baramu mubivuga nbi kubera ubu islamu, mfise umugenzi wanje yagiye Australie mu kazi ko munzu yafashwe nabi nuguturirwa araturirwa kukuguru ariko kubera ivyo ari abazungu ntibivugwa.ikindi ivyo mvuga ndabizi kuko nabayeyo
#erib bigenda gute mugihe ushaka ako kazi je mpejeje amashure vyokundako ndonka ako kazi?duhe umuco cnk ump numer yany ya whatsapp je ni 61666281
None Eric ugira umubeshuze ko ivyo avuga atarivyo? Nkuko watanguy ubivuga birashika akaba yashikiye aho bamuturubika.nanje ndafise akarorero ntokwirirwa ndavugira hano ariko ubimenye neza ko hari abafatwa nabi.
Uraba wumva Birenge niw’ubwigwa!!!!
Ibyo Eric avuga nibyo ,abariyo bose siko babayeho muburyo bwubukoloni,biterwa nuwo uguyeho.Ahubwo turangire izo companies.Mbwira
hmmmm.mbega ko muva uko kuki atamuhungu bigera barungika barunjika abakobwa gusa ndabizi gutanga akazi nivyiza mais twese ubuzima turabushaka kandi ndumva ko uyo mukobwa yahohotewe vrt pole sana imana yarabikoz uravayo ugaruka mugihugu cakwibarutse
None Bamwe Babandikish Ari Babarungitse, Murababwire Babishurize Ako Gashahara Kanyu!
Eric nawe nimba wabayeyo neza,umenye ko hari benshi bahagorewe,s’uwo wenyene kuko tuguma tuvyumva no kubandi.Abarundi turakwiye kwitunganya twebwe nyene,kuko tutaviriye hasi ubu0bukene bw’igihugu cacu,tuzokwama dutwarwa mu buja mu bindi bihugu,kanatsinda bavuga ngo « Umukene ntagira ijambo »!Nihanganishije abigeme bagorewe muri Arabie Saoudite na Omman,Umukama abarinde!!
ndayamaz simbon ic ngiy gukor kandangir uk kamer kwos nkarek gucakarira han hambav yabavyey icomp nkashikayoh ivyokubah nab sikibaz nub numv ndembejw nubuzim bwokutabon ejo hazaz ndim narek sha ahubw uwontang kuharonk agatiny arahandangir
niba yanze akazi azopfa ntaco aronse
Nka twebwe twibera nka ruguru turi banyarucari nimutubwire amazina yabo bagiraneza babafasha kuronka ibitabu vyinzira tubironderere babitugiremwo tubironke. Twe twigire kwiciringero
Mbe ni kuki ibihugu bigwiriyemwo aba Islam mwama mushaka kuvyegekako amabi yose? Ahubwo ni kubashimira kubona bariko batanga akazi, ibihugu vya buraya ko n’amerique k’ubwo buzi butaboneka? Canke mushaka twemere inkuru zitagira ivyemeza?
Nimba vyaragushikiye ntakundi niwihangane ubuzima ni kubura canke kuronka kandi ntibwerera bose! Ntawurya akatamugoye!
Ubu abandi barakarembeje, eka barashima!
hmmm!namw nimube mureka guca imitima abantu,ivyo no ngaha i burundi birabaho gusa nuko hoho uwo bishikiy aca afata iyihuta akitahira canke akungururiza ahandi
Niryari abantu bazumva ko gushaka ubutunzi bwisi ari bibi bagasha gukiranuka ko aribyo buzima
imana ishimwe
nibyiza gukora ubushishozi ndetse tukitondera abaduhenda ahubwo mureke dushake ubwami bw’Imana no gukiranuka ibyisi byo birashira!!
Imana idukize ubukene nakagaye vrm. Murabonaaaa
Abakobwa benshi bagiyeyo bavuga ko bafashwe nabi kandi ko babasutse mu buraya badashaka. Ndibuka ko hariho n’ikinamico yaciye kuri Radio Rwanda ikebura abana b’abakobwa babeshwa. Mbe nyene, kuki ubwo bufasha bugenerwa abakobwa gusa kandi n’abahungu bakenye? None bo ntibize? hariho ikintu kivyihishije inyuma. Simvuze ko nkumbure hatoba hariho abagira amahirwe bagezeyo. Ariko urwo rupagaso rw’abakobwa gusa mu bihugu vy’abarabo, runteye amakenga. Uwo mwana w’umukobwa yavuze ivyamubayeko. Siniyumvisha ukuntu muriko muramwegekako amakosa nkaho nawe adashaka imibereho myiza nk’urundi rwaruka. Ni yigumire mu Burundi, icibare c’Imana.
Uwo Mukobwa Sina Yarashikiwe N’ingorane Ariko Nimba Mumuryango Wabo Bari Bifise Ntiyari Gushobora Ako Kazi. No Muburundi Jewe Nakorera Abasenegalais Amasaha 18 Kumusi Rero Akazi Ako Ariko Kose Gafise Beneko Siguhahamira Kurira Indege Nkakumwe Kwabantu Baba Mwikambi Ya Mutabila Barya Imfashanyo Za P A M Batakoze Bajanwa Muri Amerika.Biyumvira Ko Bagiye Kurya Bicaye, Ariko Basanga Bagiye Kukazi Munyuma Baricuza Bipfuza Gusubira Mwikambi Bitagishoboka.
ntago abantu bose ari kimwe! Hariho abazi kubahiriza uburenganzira bwa muntu, ahubwo muduhe izo website zizo company tugeragez natwe
Ikindi ninde yakubwiye ko batwara abakobwa gusa? Jewe konagiyeyo nari umukobwa? Gusa biratandukanye kuko twebwe tugenda ubwambere baratwishurira amatike ariko ubu vyarahindutse abahungu bariyishurira na bakobwa bagenda gukora ubuzi busanzwe nkaba foroma abakora mama salon de beaute abakora nka ba serveuse muma hotel bariyishurira itike kiretse abakora ubuzi bwo mumazu canke kuraba abantu bakuze abo nibo bishurirwa itike.jew unyumve neza sindi Agent atwara abantu mu bihugu vyabarabu ariko ico nase nuku dramatiza ngo abagiyeyo bose bafatwa nabi. Ikindi novuga abakobwa ntibagenzwa nakamwe abandi bafise ingeso yubumaraya. Nka Dubai na abu dabi ubu abakobwa baba nyarwanda nabamwe baba rundi bazwi nabi kubera ubimaraya. Wasichana muna vituko sana. Ariko kuwufise intention ya kazi nta ngorane nimwe irimwo
nanje nakoreye aba congolais sinigera nduhuka nisaha nimwe nomwijoro narakesha ndimwo ngorora impuzu ubwobuzi babuha abatabushoye twe tubufitiye impano tukabubura
sha reka guhenda abana bakeneye akazi! mu barabu si ahantu! ibi hugu byo muri Asia byemeje kutazongera kubaha abakozi niyo mpanvu basigaye baZa muri Africa. abana birirwa biyahura hariya kubera ubuzima bubi no kubura uko bagaruka. babatwara ama passport na ma telephone. abarabu nti bazi uburenganzira bwa muntu. niba nawe rero Eric uri umu commissionaire wa bariya barya amafaranga abantu ngo bagiye kubashakira akazi God will pinish you. ntarundi rukundo wagize rwo gusobanura imibereho yahariya uretse gukora publicite ngo ubone abana bakennye utwara kuroha mu barabu kunyungu zawe.
ahoho urandya akara eri.