article comment count is: 0

Mwoba muzi ko abamotsi bakihari ?

Mu gihe abantu benshi bariko baruka ubu batazi neza umuntu bita « umumotsi », « karamiriza » canke « umuraritsi » uwariwe, Apollinaire Nkurunziza araducira ku mayange uko ugutumanumanako amakuru vyagiye birakorwa mu Burundi kuva kuri ba sogokuru kugera uyu munsi.

Ubuhinga bwo gutumatumanako amakuru bwagiye buratera imbere, n’ubu bukimbandanya. Guhamagara umuntu ari kure bisigaye vyoroshe cane hakoreshejwe za terefone. Izo nazo nyene zikaba zagiye zirahinyanyurwa kuko mu gihe iza mbere na mbere zakoresherezwa aho ziri mu nzu, ubu hoho hakozwe ngendanwa aho umuntu ahamagarira canke akitabira aho ageze hose ata ngorane. Abahinga ntibicaye kuko inyuma yo gutora uburyo bwo guhanahana inkuru abantu bategeranye, ubu bakaba bageze ku rwego rw’uko ushobora guhamagara umuntu umubona, mukayaga nk’aho muri kumwe imbona nkubone. Ivyo rero bikaba vyagize akamaro kanini cane mubijanye no kumenyekanisha inkuru mu mwanya muto kandi ukamenya neza ko inkuru yashikiriye uwo yagenewe ku gihe. Ariko rero sikwo vyamye kuko dusanga kera hariho ubundi buryo bwakoreshwa kugira ngo amakuru ashobore gushikira abantu bari kure y’uwuyatanze.

None kera vyagenda gute ?

Igihe ubuhinga bwa none butari bwaze abarundi barashobora guhanahana ubutumwa canke umurariko. Iyo hari ikintu umuryango kanaka ushaka kumenyesha uwundi muryango, wararungika umuntu, cane cane umwana, akajana ubwo butumwa. Ivyo rero vyari bifise ingaruka kuko bishitse iyo ntumwa ikagwara canke ikagirira izindi ngorane mu nzira, ntivyashoka bimenyekana, mbere hari naho ubwo butumwa butashikira uwo bwagenewe. Hari naho bwashika bwamaze guceregwa butagikenewe.

 Abarundi benshi aho bamenyeye gusoma no kwandika baciye batangura kurungikiranira amakete. Ako kari akarusho kaje kiyongera ku buryo bwo kuganira n’uwuri kure. Muri ico gihe hoho, naho ubutumwa bwashobora guteba, umuntu yaba azi neza kw’ari ibanga rya nyene kwandika n’uwo yandikiye.

 Ku murariko hoho vyagenda gute ?

Iyo hari ubutumwa buraba abantu benshi, mu gihe ubu babicisha ku maradiyo, imboneshakure, mu binyamakuru no mu masengero, kera hoho ntivyari ukwo. Haba hariho abuntu bajejwe gutanga umurariko. Abo nabo barazinduka mu gaturuturu abantu bataravyuka ngo baje ku mirimo, bakavuza ingoma canke inzamba kugira ngo abantu bikangure, batege amatwi maze bumve ubutumwa butanzwe. Abo bantu rero bari bajejwe gutanga ubwo butumwa canke kurarika babita abamotsi. Izina rivuye murivuga « kumoka » ariryo risigura kuvuga usemerera. Aho rero, mu gihugu cose, umutumba wose waba ufise umumotsi canke umuraritsi wawo.

None uwo mugenzo woba warazimanganye burundu ?

Abatari bake bashobora kwibaza ko mu bihe vya none uwo mugenzo woba warazimanganye. Ariko sikwo biri kuko ubwo buryo bwo gutangaza amakuru hariho abakibuhembera. Akarorero kagaragara kandi kanatangaje ni mu ntara ya Ngozi mu gisagara ca Ngozi nyene, aho ku minsi ya gatandatu igihe c’isaha cumi n’imwe wumva akagoma kariko kavuga hanyuma umumotsi akikora mu gahogo ararika abantu kuja mu bikorwa rusangi. Ku bwanje mbona ko ubwo ari inzira imwe mu zindi zo kuzigama imico n’akaranga twarazwe na basokuru kandi twari dukwiye gukomeza na ntaryo.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion