article comment count is: 1

Mu Burundi umuntu yoshobora kubeshwaho n’utugenegene?

Mu Burundi hari abanyatugenegene batandukanye. Muri bo benshi barazi guhingura neza utugenegene twabo ariko ikibabaje n’ukwo usanga ahanini umenga batahira umuruho bakuye mu bikorwa gusa kuko badaheza ngo baronke agahimbazamusyi kababereye nk’ukwo umukozi wese yama aberwa n’impembo. Naho biri ukwo, Rivardo Niyonizigiye abona ko, hamwe Abarundi bohindura ingendo bagaha agateka kabereye ibikorwa vy’abo bahinga ata nkeka boshobora kubeshwaho n’utugenegene twabo.

Uburundi burafise abanyatugenegene b’ubuhinga n’ubumenyi bitandukanye. Turafise abaririmvyi n’abavyinyi b’utujwi turongorotse, abakinyi b’ivyese batwenza cane, abanditsi, n’abandi benshi bagira utugenegene. Abo rero ibikorwa vyabo birashimishije cane. Ikibabaje, wegereye abo banyatugenegene, usanga bamana imyidogo ko ibikorwa vyabo bikundwa ariko ntibibagirire akamaro mu buzima bwabo.

Ibibaca intege ni vyinshi

Si ivy’imbeshere, ibikorwa vy’abanyatugenegene b’Abarundi ntivyubahirizwa mu Burundi. N’iyo bishitse hakagira ivyubahirizwa, ntibihabwa agaciro kabibereye. Naho biryohera benshi, umengo kwumva ko urya nyene kubikora akeneye kubaho nawe abeshejweho na vyo biracari kure nk’ukwezi. Si benshi biyumvira kugura ibikorwa vyabo nk’indirimbo, imvyino, ivyese, ibitabo,… Ubu hoho ubuhinga bwateye imbere babihanahana ku mbuga koraniro vyoroshe. Uwo muhuye wese afise akantu karyoshe, ntakindi kintu umubwira atari « ndungikira sha ako kantu ! » canke ngo « urantiza ico gitabu ndagifotore ! ». Ivyo rero biraca intege abanyatugenegene.

Kubera kurambirwa no guta icizere, abanyatugenegene ubwabo nibo banavyitangira ukuri kwamye kuri gusa. Kuko barazi ko batabitanze n’ubundi biruhira gutangwa ata n’amategeko abikingira. Ubuho baratoye n’ingendo ivuga ko bobo bashaka kumenyekana badashaka amahera. Ariko si vyo, ni kwa kwimara intimba.

Ikindi gica ivutu ni uko hari bamwe bahisemwo kuja mu mahanga aho ibikorwa vyabo vyitabwaho gusumba maze bikabagirira akamaro. Ni naho abaruka baca babona ko kujabuka imbibe ari nko guhungisha ibikorwa vy’abanyatugenegene. Ivyo bigatuma ata kindi ciyumviro na kimwe kiba mu mitwe yabo atari kujabuka kandi n’ino iwacu, bishitse amategeko akabakingira, bokoreraho neza.  

Uturorero twiza

Naho biri ukwo, hari Abarundi bashoboye kubaho babeshejweho n’utugenegene twabo. Abo babera akarorero keza abandi banyatugenegene bagenzi babo. Mbere ni bo batera intege zo kubandanya abandi naho bataba babona ico bariko barakura mu bikorwa vyabo.

Mubo tutokwibagira harimwo abatimbo badahengeshanya kudutera iteka mu makungu. Ntawokwirengagiza ko batabikuramwo ubuzima, ariko baratera iteka igihugu batera intege bagenzi babo.

Dukwiye guhindura ingendo

Birashoboka ko abanyatugenegene b’abarundi babeshwaho n’ingabirano Imana yabahaye. Hamwe bo nyene bokwiha agateka bakareka kwisuzugura canke ngo bate ukwizera,  nta nkeka ko bokora ibintu vy’akanovera bikundwa na benshi. Vyoheza bikabatunga nakare ngo akeza karigura.

Leta yokwigora igashira mu ngiro politike ikingira utugenegene n’abahinga batwo kandi vyofasha benshi. Ikindi, ni uko twebwe abarundi twokwikubita agashi tukava i buzimu tukaja i buntu, tukanezerwa no guteza imbere benewacu b’abanyatugenegene mu kugura ivyo bakora.  Muri ico gihe umwanya bahora bata baja kurondera icorirenza boheza bakawukoresha mu bikorwa vyabo bakunda kandi bashoboye.  Twibuke ko ivyo bikorwa vyabo bitwara umwanya, bikabiza akuya, natwe twumve ko dukwiye kubuhagira mu kubikundisha n’amahanga. Aho ntakizobuza ko n’abari baragiye impinga bahinguka kuko ico baja kurondera mu mahanga coba kiboneka iwacu.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)

  1. bien dit mon frère.les artistes contribuent beaucoup dans la contruction et le développement du pays,il faudrait un encouragement de l,Etat pour les réalisateurs.