Abantu benshi bararwara bagasinzikara, mbere no gupfa bagapfa bivuye ku nyifato bagize. Abatari bake barasinzikazwa n’indwara zari kuvurirwa kwa muganga kuko birukiye ba rumenyi. Ariko rero hari n’abandi bashikirwa n’izo ngorane bivuye k’uko bihutiye gushira ukwizera kwabo kwose mu masengesho nk’ukwo Spageon Ngabo abitugira ku muriri akagirako anatanga impanuro yiwe.
Kenshi na kenshi abantu barashobora gupfa, ugasanga bahitanywe n’indwara zitari gushobora kubahitana, kumbure iyo banyarukira kwa muganga hakiri kare. Ni kenshi twama twabonye, mu bitaro, aho umuntu bamuzana ari ku mpfiro, wabaza ingene vyagenze kugira ngo asinzikare bigeze kuri urwo rugero, ukaza wumva ngo “yahereye mu cumba c’amasengesho, maze abonye bibandanije kwanka aca ahitamwo kuza kwa muganga”. Ikibazo umuntu yoca yibaza rero ni imvo zituma abantu biyumvira muri iyo nzira.
Ukutamenya nk’imvo nyamukuru
Nibaza ko iyo umuntu abandanije kwisunga inyigisho z’amadini amwe amwe adashizemwo ubwenge runtu nk’uko Imana yabuduhaye ngo tubukoreshe mu gutandukanya icatsi n’ururo, biratuma akora ibintu bimwe bimwe bivuye ku kutamenya.
Ku bisanzwe, abarundi batari bake barizera Imana imwe. Kandi bose baremera ko ikora ibitangaza. Ariko kandi abantu bayizera ku rugero rutandukanye, bivanye n’inyigisho bamwe n’abandi baba barahawe. Nk’akarorero, mw’idini ry’ivyabona vya Yehova, ntibemera ko umuntu wabo yoterwa amaraso naho amagara yoba amukitse ku rugero rusaba ko bamutera ayandi amaraso. Co kimwe no mu madini y’abakirisu atandukanye, baremera ko vy’ukuri Imana ishobora gukiza indwara.
Ikigaruka kigatagaza rero, ni ukwo kuntu abantu badashika ku ntambwe yo kwibaza igituma Imana yaratanze ubwenge bwo kuvura indwara zimwe zimwe, igatako igafasha abantu gutora n’imiti ivura izo ndwara. Ubwo ntihoba ari kugira abantu bayo, nivyashika bakarwara, bazokwiture muganga, hama babone gukira? Ku bwanje, kutaja kwa muganga sindabibona nk’ukwemera guhambaye, ahubwo ni ingendo yerekana ukutamenya kuvanze n’ukudakoresha akenge runtu.
None hohinduka iki muri ivyo vyose?
Abakirisu barakwiye guhindura uburyo biyumvira. Umwe wese yomenya ko amasengesho ashobora gukora igihe cose, kanatsinda igitabu dukoresha mu migamana kiratwemerera gusenga igihe cose dushakiye. Gutyo rero, sintahura igituma hari abantu bareka kuja kwa muganga bacumva ko bafashwe n’indwara, noneho bakabanza kuja kumara iminsi mu vyumba vy’amasengesho, ngo bikunde Imana yumve ugutakamba kwabo hama ikize uwo mugwayi. Mbega si muri iyo ntumbero Imana yoba yaraduhaye abaganga?
Ku rundi ruhande naho, mu gihe amadini adasiba kuvuka ku rugero runini mbere, nibaza ko abategetsi, kuva hejuru kugera hasi, bakwiye kwigisha abanyagihugu ko kunyarukira kwa muganga hakiri kare kiri mu bifasha kugira indwara ikire bitagoranye. Kandi ko arivyo bitwara uburyo buke bwo kwivuza.
Si abategetsi gusa. N’abamenyeshamana barakwiye kuza baributsa abayoboke babo ko umuntu yonyarukira kwa muganga imbere ya vyose. Hanyuma abansenga bakabandanya basenga muga umurwayi ariko aravurwa. Ahandi ho, k’uvy’ukuri, ntaco baba bariko baramufasha.
chef uvuz ukur n’ imana nayo yaravuz iti ndabahay ubwenge nimubukoresh.ikibazo nkiyo umuntu yarozw akaja kwa muganga bikanka mu masengesho bikanka womuhanur iki?
Uko Nukuri? Abeshi Ntibiyumvra Imbere Y’ivyo Dukora. Iman Yaduhaye Ubwenge Ngo Tubukoreshe, Duhe Agaciro Abaganga Twibuke Ko Bashzweho N’imana
Jewe ndashigikigikiye ico ciyumviro. Ariko ico abantu bomenya n’uko umugani w’ikirundi uvuga uti: »Imiti ikora ikoranye. »
Muri iyi ndwi iheze, hari umwarimukazi avuka i Muyinga muri Komine Mwakiro akaba yigisha mu ntara ya Karuzi muri Komine Shombo aherutse kumbarira ko aherutse gukizwa n’amasengesho. Uwo mudame avyaye gatatu afise abana batanu kuko amaze kuvyara amahasa incuro kabiri.
Turiko turaganira yanyiganiye ingene vyaugendeye Ati: » Nagiye kugura amta yo kwihereza aho bayacururiza, ngura ikirahuri kimwe ndihereza. Bukeye kabiri nca ngwa bukumbi. Njanjwe kwa muganga noneho ntera ndemba cane kugeza aho ubwenge bunzimira. Niho haza umuntu ajana mu masengesho i Gitega baransengera. Uko bansengera niko nayogwa urubu rw’amaraso avuze. Inyuma y’imisi ine nari ntanguye kwumva mitende. Ubu ndafungura kandi numva meze neze neza kandi mbere nari maze indwi zitatu ntazi iyo ndi. »
Bwa bundi rero jewe naciye mfata nti IMITI IKORA IKORANYE KOKO.