Haraheze iminsi Abepisikopi katolika b’Uburundi basohoye itangazo rihanura abakristu b’abanyepolitike ngo bareke gushigikira abadashaka ibiganiro kugirango umutekano ugaruke. Ariko rero Leta y’Uburundi ntivyakire neza bivanye n’uko yo ibona ko ayo matangazo agumura abenegihugu bari basanzwe bafatanye munda. Jean Désiré Nduwayo aribaza niba abo bihebeye Imana bagiye kubandanya gusohora bene ayo matangazo canke kubiheba.
Mur’iyi minsi iheze, Abepisikopi ba Ekleziya katolika y’Uburundi barasohoye itangazo rihanura aba nyepolitike b’abakristu ngo bave inyuma y’abatipfuza ibiganiro mugihe umutekano ubandanya utosekara. Aha twobibutsa ko atari ubwa mbere abo bihebey’Imana basohora bene ayo matangazo kuko igihe cose igihugu kiri mu bibazo bama bagira ico babivuzeko. Akarorero n’igihe basohora itangazo mu bihe vyo kwitegurira amatora bavugako bakuye mu mirwi yo gutegura amatora abihebeyimana bose bari barungitse. Ariko rero, Leta ibicishije ku cegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu yararyiyamirije. Eka n’umugambwe CNDD-FDD iyo Leta ikomokako, kur’uyu wa 26 Ntwarante 2016 warasohoye itangazo aho, ubicishije ku muvugizi wawo, wiyamirije ivyashikirijwe n’abo bihebeyimana gushika naho babagirizako basigaye bigenza nk’abanyepolitike kandi ibanga bari bajejwe ari ryo kwigisha ijambo ry’Imana no kuvuga ubutumwa bwiza .
None abo ba senyeri bazobandanya bagira ico bashikirije?
Kubwanje abo bihebey’Imana hamwe bobandanya basohora amatangazo adatahurwa kumwe harashobora kuba ingarukambi. Akarorero n’uko hashobora gufatwa ingingo yo kwugara canke kugabanya ububasha bw’ishengero Katolika muntererano yaryo mu gihugu nk’uko vyigeze gushika kuntwaro ya Bagaza mu mwaka w’1986. Ariko n’ubwo biruko, ntiboreka kugira ico bashikirije kuko, kubwanje, mu butumwa bwa Ekleziya harimwo n’ubujanye n’imibano. Izo nyigisho zirerekana neza uruhara rwa Ekleziya mu bijanye n’imibano: irahanura ibicishije mu nyigisho kugirango ahatari amahoro aze, ahatari ubutungane buhabe, ahari akarenganyo kahave, n’ibindi. Kandi noneho n’ubundi butumwa ntibwogenda neza mu gihe igihugu kidatekanye. Nk’ubu akarorero ka hafi karerekana ko muyindi myaka hahora haba igiteramo ca Noweli, ic’umwaka mushasha na Pasika, ariko uyu mwaka ntivyabaye. Muri rusangi, ubutumwa bw’Ekleziya ntibwagenze neza uyu mwaka nk’uko vyahora.
Mbega hamwe vyobandanya uko abakristu boshigikira nde?
Ndibaza ko abakristu bemera cane ibivugwa n’abihebeye Imana kuko abarundi kuva nakera baremera Imana. S’agaseseshwarumuri ko amasengero yama yuzuye kandi abajayo bakagenda kugushaka kwabo. Ariko ivyo biri ukwo iyo abajejwe intwaro bararitse abenegihugu ngo baje mu manama canke ibikorwa rusangi hitaba imparurwa. None ko bimeze uko, hamwe amasengero yokugarwa canke akaburabuzwa burya abenegihugu boguma bayoboka Leta canke boyiyamiriza? Umuntu aravye urwego abenegihugu bateyeko rwo gutahura ibintu, biribonekeza ko Leta vyoyigora hamwe yofata intumbero nk’iyo.
Muri make, je mbonako Leta yotegera igikorwa c’abo bihebeye Imana kuko batari ngaho ngo bayigwanye ariko nabo nyene bakagerageza kuba hagati nk’abungere na cane cane ko ata butegetsi bariko bararondera. Ntawonezerwa n’igihugu kidatekanye kuri bose ari naco gituma impanuro batanze zofasha nk’izindi zitangwa n’aba na bariya.
Merci de voter pour Yaga ici et si vous avez du mal à voter, suivez les instructions ici
Uguhora siwo muti nukubandanya bahanura kugira abumva bumve kuko akagumye bagumako.nakare igihugu camye kigirwa n,abagabo.
Tekana mwene data Ekleziya ntabubasha bayaka kuko sibo bayibuhaye; abo baje bayusangaho; kand uko basanze ikora yongera itunganya ibintu; nubu ntacoyahinduy; uwageragej kuyirwanya yarayisiz; hariho ibidahangarwa!!! Ahubwo abarundi twari dukwiyumve kuvyiyumvirako tukaraba uwo twokwumvira hagati y’uwuturoresha ku Mana no mumpanuro zubaka imitima ya bose; n’uwushaka kumara abo yashinzwe ngo arongore kubera umwina w’ivyisi no guhahamira ubutegetsi!!! Ahubwo nikovyey ibandanye ibahanura; kandi bobo ntanukundi bovyakira kuko sibibaryohera!!! Umutumwa Paul ati : noba ndagwiciriy hamw ntomenyesha inkuru nziza; nabo nibaza ko bokovya kugira ngo ukuri gutsinde ikinyoma; umuco utsinde umwijima!
pfa kuvuga yamara simbizi pe