article comment count is: 4

Kwungura ubumenyi mu mashure no kwiteza imbere

Ishure ni kirumara mu buzima bw’abantu n’ubw’igihugu. Prosper Niyonkuru aratwereka ko ariryo ritumurikira mu bwenge bwacu, rikatwongerereza n’ubumenyi maze tugatezwa imbere n’impano zacu.

Musanzwe muzi ko iyo umwana ageze kuja mw’ ishure bamurungikayo. Niho amenyera gusoma, kwandika, guharura eka n’izindi ndimi mvamahanga atavutse avuga. Ariko imbere yo gutangura ishure, umwana aba asanganwe izindi ngabirano zitandukanye nko kuririmba, gutamba n’izindi. Ico gihe umwana aragerageza kwerekana ubuhinga bwiwe bikabonakera  mu dukino hamwe n’abandi. Abenshi usanga bariko bariga no kwubaka inzu, bagasambagura udukoresho tumwe tumwe bongera baduteranya, n’ibindi vyinshi. Muri ico gihe, abavyeyi benshi barakunda kubakarira  bakanabakubita kuko bibaza ko bariko baronona.

 Inyigisho rusangi mu mashure

Mu mashure nka yose, abana biga ibijanye n’indinganizo ya Leta. Indimi, ibiharuro n’ibindi vyigwa ni vyo bifata umwanya muremure. Naho bishika bagacishamwo uturirimbo no gucapa canke bakajisha utuntu iyo bariko baraca amanota, bifata akanya gato cane. Ikitavuzwe co ni bimwe vyo kuvuga ivyese canke ibikino bitwenza. Bashitse mu mashure yisumbuye hoho ivyigwa biba vyamaze gukomera. Nta mwanya wo gufyina uba ukihari. Batariko biga ibi, baba bari mu bindi kandi bibandanya gukomera uko batera imbere mu mashure.

Ingaruka mbi zijanye no kwiga ivyo utishimiye

Iyo wiga ivyo udakunda, kenshi, amahirwe yo kumenya aba make. Ugutakaza icizere ca kazoza ntibisigara inyuma kuko imbere yawe haba hataboneka neza. Naho bishika ugaheza mbere n’akazi ukakaronka, ntugakora neza kuko utiyumva mu vyo urimwo. Burya urwaruka rufise impano n’ubuhiga bitadukanye kandi tuzi ko zikoreshejwe neza, vyorugirira akamaro. Icibonekeza n’uko ngaha mu gihugu cacu, amashure ajanye n’imyuga hamwe n’utugenegene ari make. Tutavyirengagije, turazi ko mu gihugu hariho n’ingorane ijanye no kubura akazi ku rwaruka. Ivyo bigatumwa n’uko inyigisho zitunganijwe ku buryo abanyeshure nka bose babwirizwa kwiga ivyigwa bitabaha ubushobozi bwo gukora ibindi vyinshi kiretse akazi ka Leta kagizwe ahanini no kwigisha hamwe no gukorera mu biro. Muvyukuri, urwarukuka nti rwari rukwiye kuguma ruhanze amaso Leta gusa kuko umuntu wese yoshoboye kwironderera akazi mu gihe yoba yarateje imbere ingabirano ziwe. Uturorero ntitubuze : Hariho abantu benshi batunzwe no kuririmba, gutamba canke gucuraranga, gushushanya, kubarira, gufotora, kubumba ibishushanyo, n’ibindi kandi usanga babayeho neza. Ni naco gituma abanyeshure bari bakwiye kworoherezwa bakiga ivyo biyumvamwo maze bigashobora kubabeshaho nk’abandi.

Igikwiye gukorwa

Leta yari ikwiye gusubiramwo neza inyigisho igashiraho, ku bwinshi, ibisata bijanye n’utugenegene hamwe n’imyuga ku buryo umunyeshure yiga ivyo ashatse kandi akabitangura hakiri kare. N’ukuvuga agiheza amashure matomato kugira avomerere neza ya mpano yiwe. Kutavangavaga ivyigwa vyinshi vyokworohereza umunyeshure kuko kwigira rimwe ivyigwa vyinshi bituma umunyeshure atabimenya neza bivanye n’uko ataronka akanya gakwiye ko kunonosora kimwe kimwe cose bigatuma mbere no kuyoberwa ayoberwa. Gutegura abarimu bishimishije imbere yo kubarungika kwigisha. Abavyeyi basabwa kworohereza abana babo mu kubareka bakitorera ibisata bashatse kuko hakiriho abavyeyi bategeka abana babo ivyo bokwiga. Kwihenda mu gutora ibisata bajamwo, ngo n’uko vyoba bifise akamaro gusumba ibindi, ariko batavyiyumvamwo ni kimwe mu bituma umunyeshure ayoberwa. Nimba ufise ingabirano kanaka ntuyigumize mu kinyegero, ahubwo yisohore utangure kuyiteza imbere. Gutyo bizogufasha kwitezimbere muri kazoza kawe.

Merci de voter pour Yaga ici et si vous avez du mal à voter, suivez nos instructions

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (4)

  1. nubwo ishure ariryo mushinge w,iterambere,abarundi benshi na cane cane batobato bo mumitumc ntibarijukira ayo mashure kuko nababa bashoboye gutangura ayehebera hagati,bamwe bihutira kubaka izabo hataragera,abandi nabo bakaja gukorera abandi bahembwa intica ntikize,abandi nabo bigatumwa nuko bava ahantu hamera bagahendwa n,amahera ariko bakibagirako umuntu yize atandukanye cane nuwutize haba munyifato mukwiyumvira ndetse nukuntu yoshobora kwibeshaho.

  2. URAKOZEKU!UMWANA AKWIYE KWIGA IVYO YIYUMWA KANDI AKAVYIGA ABISHIRA MUBIKORWA(LEARNING BY DOING) KUKO IGIHAMBAYE CANE SI UKURUNDANYA UBUMENYI MUBWONKO ,IGIIKURU NI INGIRO(REALISATION CONCRETE) ATARI UKO UCA USHOKA WIBAGIRA IVYO WIZE,BAGUHAYE AKAZI KAJANYE NIVYOWIZE ATANGIRO UKABIRA INDUGUMBA YUBWOBA UTINYA ECHEC KUKO ATABUHANGA(PRATIQUE)WACITEMWO KUKO WIZE IBICAPO:AKAROREROTWARIZE UMUDUGA 10EME NI BANGAHE BOWUKORA UHINYAGAYE?BOBA BAKE,HABUZE PRATIQUE AKABA ARIWO MUTI WUBWOBA:UGIRA UBWOBA KUKAZI UDATAHURA.ARIKO IWACU BIRIKO BIRAZA NTAKWIHEBURA TUZOGERA AHO TWIGA TURONDERA GUTEZA IMBERE IMPANO ZACU TWONGERA TUBISHIRA MUNGIRO(LEARNING BY DOING AND BY YOUR MOTIVATION) GUTWO IGIHUGU KIHUNGUKIRE.MURAKOZE

    1. Urakoze cane Joachim kuntererano zawe. learning by doing ni kirumara kumunyeshure kanatsinda aba akeneye ko ivyoyize bizomufasha mubuzima bwa minsi yose. Nayo gupoperanya ivyigwa vyinshi jewe mbona ataho biba bitaniye n’imitego iri munzira atakindi imaze atari guhuvya umwana. Nakare bavuga ngo amayirabiri yananiye imfyisi.