article comment count is: 14

Ni kuki kizira ko umwigeme avuza ingoma ?

Mu mico y’Abarundi, kirazira kikaziririzwa ko umwigeme avuza ingoma. Mbega vyoba bituruka ku karenganyo kagirirwa abana b’abigeme mu guha ububasha burenze abahungu ? Egide Nikiza aratuyagira ivyo yatohoje kuri iyo nyifato.

Ingoma z’Uburundi ni rurangiranwa mu makungu. Abantu isinzi barazihurumbira, baba abazitamba canke abazirorera. Bose zirabatera akanyamuneza. Muri abo zinezereza, harimwo n’abakobwa. Naho biri ukwo, imico n’imigenzo vy’Uburundi ntibibemerera kuzitamba. None vyoba biva kuki ?

Nari maze igihe kitari gito nibaza igituma imico y’ikirundi itemerera abigeme kuvuza ingoma nk’abahungu. Umwanya umwe nabifata nk’akarenganyo. Uwundi mwanya, nkiyumvira kubaza abakurambere kugira ngo bamfashe gutahura uwo muziro. Uwundi mwanya naho, bikantera ingoga zo gusesangura mu mayagwa yerekeye imico n’imigenzo vy’Uburundi. Ku vy’ukuri, sinatahura na gato igituma n’ubu abatari bake na cane cane abakurambere badashima ko abana b’abigeme bovuza ingoma.

Insiguro zitangwa n’ababinonosoye

Inyuma yo kwiyumvira ata nyishu ndonkera ivyo bibazo, nahavuye nigira inama yo kubaza nyogokuru. Ariko imbere yo kuja kuyaga nawe, nabanje kwigirira amatohoza y’intangamarara ku biga indimi n’amayagwa nyafrika muri kaminuza. Abo twaganiriye nka bose, bambwiye ko uwo muziro ubuza abigeme gutamba ingoma ugamije inyifato nziza yategerezwa kuranga abigeme b’abarundikazi.

Narababajije ko uwo muziro ata sano ufitaniye n’uko abatari bake bagereranya ingoma n’umwigeme. Ivyo navyo bikaka k’ukuntu ibihimba vyayo vyitiranwa n’ibihimba vy’umubiri w’umwigeme : amabere, umukondo, inda,…. Bambwiye ko ku vy’ukuri iyo mvugo ngereranyo atakindi ishaka atari ukwerekana ko abigeme bategerezwa kwubaha bakubahiriza ico umuco wagenye. Ngo kugira imiziro yubahirizwe nka nkama, akenshi abakurambere baca babicisha mu mvugo igereranya. Ngo umuco w’Uburundi urategekanya intambo n’imvyino z’abahungu, iz’abigeme, eka mbere n’izo bose bahurirako. Nk’akarorero, umuhungu canke umugabo ntibashobora guhoza umwana mu kibanza c’umuvyeyi. Abenshi barananciriye n’utwibutsa dushimangira ivyiyumviro vyabo. Ngo « Uta umuco, akaba utaye akaranga », « Uwutaye akaranga acika ikiburirane ».

Insiguro y’abakurambere

Nganiriye n’umukurambere naho, ivyo yambwiye vyaje bishimangira ivyo abo banyeshure bari banganiriye. Yambwiye ko kuva kera na rindi umwigeme w’umurundikazi yategerezwa kuba umupfasoni. Uwutagendeye ubupfasoni vyaraheza bikaba igitutsi ku muryango wose. Ngo umwana w’umukobwa yategerezwa kuba « umwigeme » koko. Ngo kanatsinda ijambo « umwigeme » riva mu rivuga « kwigema », bisigura « kwifata rupfasoni, kwifata neza,…».

Ngo igituma rero atari vyiza ko abigeme batamba ingoma, nyogokuru yambwiye ko biva ku kuntu abatamba ingoma biyereka kenshi na kenshi bishika ugasanga imyambaro yabo iratekurutse maze ugasanga hari ibihimba vy’umubiri bigiye hejuru. Ngo ko umuhungu yerekana amaguru yiwe ngo n’ibisanzwe. Ndamubwiye ko ibihe bihinduka, yanyishuranye umubabaro ngo : « Ni vyashika aho abigeme banikira ubusa bwabo amakungu arorera, maze abakuru bashinzwe igihugu nabo bakabishingira intahe, ibara rizoba riguye mu gihugu ».

Ico twese twotegera

Naho nahora nibaza ko ukubuza abakobwa kuvuza no gutamba ingoma biva ku muco w’ikirundi usumbanya abahungu n’abakobwa, nasanze ku vy’ukuri atari vyo. Ahubwo n’umwitwarariko umuco w’Uburundi ufitiye abigeme.

Umuco w’Uburundi urasonera abakobwa cane kandi ukanabakingira. Aho hambere hahise, umugabo akubita umugore wiwe ntiyasoma ku ntango y’abashingantahe. Umwana w’umwigeme nawe amaze gukura (gusonga ambere), no mugihe yaba yakosheje, se ntiyamurya n’urwara. Ukumuhanura no kumuhana vyakorwa na nyina na ba nasenge.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (14)

  1. N’ukuri iyi nkuru yawe ni nziza. Ariko hariho iryungane ryantanganje, kuko nanje naho ntarasaza cane, narabonye bike muri kahise. Wanditse ngo « ijambo « umwigeme » riva mu rivuga « kwigema », bisigura « kwifata rupfasoni, kwifata neza,…». Ariko twebwe siko abavyeyi bacu batubwiye. Nkumbure ivyo uvuze vyoba ar’ukundi kuri, ariko ivyari bizwi mu bakera batureze: Mama yari yavutse kuri Mutaga, yambwiye ko mbere nambere umwana w’umukobwa yavuka yitwa « umurondo » kuko ariwe nyene kurondoka. None ho, yagera mu bigero, bakamwita « umukobwa » kuko ageze mu gihe co « gukobwa ». Ico gihe umuvyeyi ashaka ko umwana wiwe azokobwa inkwano nyinshi canke agakobwa n’abantu biyubashe yaramwarika, agakora udukorwa two mu nzu canke two mu kigo gusa, bakamufata neza, bakamugaburira neza. Abakobwa bagize ayo mahirwe yo kwarikwa, babita « abanyakigo », kuko bama bibereye mu kigo bategereje igihe bazobabonera uwo bazubakana. Ariko ngo harageze igihe, abakobwa baba benshi, bose ntibashobora gukobwa. Abakobwa rero niko kwiga umugambi wo « kwigemagema » bakijana ku bagabo, babifashijwemwo na bavyara babo canke incuti z’ibanga. Baraheza bakabavunira akagohe bati » i kanaka hariho umuhungu tuzomukubariza. Uwo muhungu nawe yaba yarabuze uwo bavyumva kumwe, ubwo rero wamukobwa akigemagema ku mugoroba (hariho n’abaherekezwa n’abandi) akamusanga i we. Ivyo ngo nivyo vyatumye batangura kwitwa »abigeme » kuko bigemagema (canke kuko bigemura).

    Ikindi nshimye mur’iyi nkuru yawe, n’iri jambo rya nyogokuru wawe : « Ngo ko umuhungu yerekana amaguru yiwe ngo n’ibisanzwe. Ndamubwiye ko ibihe bihinduka, yanyishuranye umubabaro ngo : « Ni vyashika aho abigeme banikira ubusa bwabo amakungu arorera, maze abakuru bashinzwe igihugu nabo bakabishingira intahe, ibara rizoba riguye mu gihugu ». Ikimbabaza nanje n’ico: Iyo nibutse ukuntu abakobwa ba kera bambara bakikwiza, nkibika ukuntu kera batamba nk’imisambi bambaye imutano bagiye kujana abageni, nkibuka ukuntu umukobwa yari yubashwe akaba urugori rw’umuryango; none ubu baragenda babunaguza imbere ya ba se na ba sekuru berekana ivyotumye baba abapfasoni , bakaba icubahiro c’Uburundi, nawe ukibaza uti: Ubwo turiko turava he? Turiko turagana he?

    Kugwanira agateka k’abakenyezi n’abigeme nivyo, ariko ubwiza, ubuntu n’ubupfasoni bw’umurundikazi n’itunga twari dukwiye gukingira twese. No mw’ishule bakwiye kuvyigisha, kugira ngo tuze turage abana bacu, Uburundi bufise umuco mwiza w’abarundi nyakuri. Abakobwa bacu bakwumva ko bafise ikibanza co gusonerwa mu muryango, mu kibano no mu gihugu. Imana ihezagire abakobwa bacu.

      1. Nibaza ko mwitiranya ijambo »kugema » : viser, cibler, n’iri jambo navuze « kwigemagema ». Iyumvire nawe: Kuvuga ko umukobwa yigema, ntibigira insiguro; ariko umukobwa ashobora « kwigemagema » canke « kwigemura ». Nico kirundi nzi mu myaka 64 maze ndakivuga. Sindumva umurundi canke umurundikazi avuga ko abigeme bigema.

      2. Mwebwe mwagize bimwe bita muri urwo rurimi » traduction littéraire ». Muri ico gihe nivyo, ijambo umwigeme rica risigura ivyo mwebwe mwanditse. Ariko umukurambere jewe twayaze yambwiye ko risigura birya nanditse mu gisomwa canje

    1. Umushingantahe Miburo, ndahejej gusoma ivyo mwanditse ku gisomwa canje kandi ndahimbawe cane kuko ndabisanzemwo ubwenge bwinshi cane n’impanuro nyinshi. Kuvyukuri kuvyerekeye amajambo : »kwigema n’umwigeme », jewe navyumvise uko nyene. Nabibwiwe n’umukurambere. Imbere yuko ngira amatohoza nta kintu na kimwe nari nzi kuvyerekeye ayo majambo. Ico ndabemereye ngiye kubandanya amatohoza yanje nishimikije ivyiyumviro bishasha, maze ivo nzoba nashitseko nzoheza ndabishikirije abasomyi bacu hama dutere twese imbere mu vy’ubwenge. Mugire umunsi mwiza

    1. murakoze cane ku ciyumvira no ku gikorwa muduhaye. Yaga ikidufashije guhanahana ivyiyumviro, ndabemereye ko ngiye kubikorako amatohoza. Igihe cose nzoba naronse inkuru nzoheza ndabibashikirize. Murakoze

  2. Je ntavyinshi nzi kururimi rw’ikirundi kuk uburundi ndabubayemo imyaka mike,ham nitegereje inyubako ya verb « kwigemagema » be no « kwigemura » turabona neza ko izina umwigeme ryoba rikomoka muri ayo maverbs

    1. Umwigeme ntaho bihuriye n’irivuga kwigemura. Kukaba nkako n’ijambo ry’iteka, n’ijambo rititwa uwariwe wese ngo nuko afise igitsina gore. Baryita umukobwa agendera ubuntu, baryita umupfasoni,….Ntaho bihuriye nabo bita insimbarubebe nkakarorero…Umwigeme n’uwugendera ibanga

  3. Murakoze Cane Kutwereka Neza Kumico Nakaranga Vyigiugu Caca Ariko Mukwiye Nokuza Mubicisha Kumaradio Hariho Benshi Bataciye Kuntebe Zishure Batazi Gusoma Arik Bafise Amatwi Yukumva Murakoze

    1. Murakoze cane ku vyiyumviro mudushikirije no ntererano cane cane kugirango ivyiyumviro bica kuri runo rubuga rw’ikinyamakuru Yaga bimenywe n’abantu isinzi. Noca ndabamenyesha ko hariho ikiganiro gica kw’iradiyo yitwa Isanganiro kabiri mu kwezi…..Tuyagira abanywanyi bacu ivyiyumviro tuba twacishije kuri runo rubuga…

  4. jew nk’umuvuzi w’ingoma gushik ubu narinzi ko biva kuri iry ngereranyo y’ingoma n’ibihimba vy’umukobwa kndi si babigiz kugira bashik kurico uy mukurambere yavuz il faut l’admettre qu’ils etaient tres intelligent!..

    1. Naryohewe cane n’ivyo mwanditse, mugabo nashaka kugira ico nshikirije. Insiguro yatanze kuvyerekeye kuvuza ingoma k’umukobwa sinayemeye cane. Sinibaza k’umurundikazi wa kera imbere y’ubukoroni yambara imvutano. Ivyo vyokwambara ugacikana hasi vyazanywe n’ubukoroni babicishije mu madini, mbere iyo nyambaro niyo yaranga abazungu b’ico gihe. Abarundi naho bagenda bamabaye hafi ubusa ntibabaho nk’ibikoko bari bafise ico basonera. Ngiyeko nsaba abantu bose bitiranya inyambaro n’ubuntu ko bokwiheza neza ukuntu abarundi ba kera babigenza kugira abantu bagumane ibanga vyodufasha gusumba.

  5. Bonjour Yaga. Merci beaucoup pour tous les articles que vous publiés sur la culture et les traditions burundaise. J’ai grandement apprécié l’article qui abordait le sujet de le lévée de voile « Gutwikurura ». C’était impeccable. Je voudrais à présent vous demander quelques éclaircissements sur la boisson « Akuki » et tout ce qui s’y rattache. Je voudrais comprendre sa signification, pourquoi elle n’est servie que par des femmes mariées, à quelles occasions cette boisson est servie. Je vous serais grandemment reconnaissante. Et encore une fois, merci pour tout le travail que vous accomplissez!