Aho hambere, mu Burundi, eka n’ubu bikiriko, abantu ntibemera ko umugabo shobora kuba ingumba. Abatari bake biyumvira ko, iyo umuryango ubuze umwana, vyose vyaba vyavuye ku mugore. Ariko rero, ukwo ubushakashatsi bwabandanije gutera imbere, vyaribonekeje ko ubugumba bushobora no kuva ku mugabo nk’uko Vincianne Nizigiyimana abiducira ku mayange.
Mu Burundi, umwana mu muryango afise ikibanza ntasubirizwa. Aho hambere, hoho, yari ryo hangiro nyamukuru ryo gushinga umuryango. N’ubu, naho bitakimeze nka kera, ntawobideha ko abashinze urwabo umugisha wambere baba biteze mu rugo ari abana. Ivyo birumvikanaa mu majambo y’abantu babakeza ku munsi w’ubugeni. Kuva aho hambere, umwana yamye ari itunga rya mbere. Ukuba ingumba rero ni ikintu kibabaza cane, kigatera intuntu ku muryango wose, cane cane ku mugore atavyaye. Kutavyara vyafatwa nk’ikosa ry’umugore. Abo mu muryango w’umugabo wiwe bamufata nk’ikiza caje guhonya umuryango.
Aho hambere umugore w’ingumba yafatwa gute?
Kera, mu vyo Abarundi bemera, umugabo ntiyaba ingumba. Ivyo vyabonekera mu ngeso yo guharika yaranga umugabo atavyaranye n’umugore wiwe wa mbere. Yaramwirukana akazana uwundi ngo arabe ko yovyara canke akamuharika. Umugabo yarashobora kwirukana abagore bane canke batanu kugira arabe ko yoronka uwuvyara. Ntiyashobora kwibaza ko ari we yoba ari intavyara.
Umugore atavyaye yaba igicibwa mu muryango w’umugabo wiwe. Yaratukwa, agaturubikwa, agakubitwa, icibagiwe co n’ukumwabika canke kumusumira. N’abandi bagore bavyaye baramutunga agatoke nk’aho womengo kuvyara n’ivyo umuntu yiha canke kutavyara n’ivyo umuntu yigira.
Umugabo atinye guharika yaja kurondera umwana hanze. Ivyo vyose vyagirwa kugira berekane ko umugabo ataba ingumba. Umugore atavyaye yari umuntu atagira ijambo. Yama yigunze kubera agahinda afise mu mutima. Abana bamufata nk’igikoko kirya abana canke umurozi ku buryo batinya no gufungura ivyo abagaburiye.
Mbega ubu ho umugore atavyara abayeho gute?
Naraganiriye n’umugenzi wanje amaze imyaka cumi n’itanu yubatse ariko atararonka akana. Yambwiye ko ab’iwabo w’umugabo wiwe bamwita ibuye kuko atavyaye. Baratevye barosha n’umugabo wiwe ubu yararongoye uwundi mugore. Kandi mu vy’ukuri baragiye ku baganga benshi babwira ko umugabo ariwe afise ingorane. Umugabo ntiyavyemeye. Ariko n’ubu ntaravyara. Mugabo mu kibano baramutahura, eka n’abandi bantu nta n’umutima bamurya.
Bivanye n’iterambere mu vy’amgara y’abantu, biraboneka ko Abarundi bariko baratahura ko ubugumba butava ku mugore gusa. Ahubwo buva ku mvo nyinshi, haba ku mugabo canke ku mugore. Bushobora kuva ku ndwara zivurwa kandi zigakira. Ikindi bariko baramenyera n’uko n’abagabo bashobora kuba intavyara. Kandi ubu ntibikigwiriye aho umugore yirukanwa ngo ntiyavyaye. Ntagifatwa nk’igikoko canke nk’umurozi ngo n’ukwo atavyaye. Naho biri ukwo, haracariho agahaze: abagabo bamwe bamwe baracaturubika abagore ngo ntibavyaye. Abandi nabo bakaja kurondera abana hanze.
Ukwo mbona ibintu
Ubwa mbere, n’ukumenya ko umwana atangwa n’Imana gusa. Kumuronka si uko umugabo n’umugore baba bahuye. Iyo biba ari ukwo, abubakanye bose baba bavyara. Kubw’ivyo abantu boreka gutunga agatoke abatagiriwe ayo mahirwe.
Ubwa kabiri, vyari bikwiye ko ubushikiranganji bw’amagara y’abantu burwiza inyigisho ku bijanye n’irondoka. Kugira ngo bose bamenye neza ko ukutavyara bishobora kuva ku mugore nk’uko bishobora no kuva ku mugabo.
Ubwa gatatu, umuryango ubonye utevye kuvyara, bokwihutira kuja kwa muganga bakamenya ingorane bafise. Ivyo vyoba vyiza kuruta kwirukanga hirya no hino kurondera abana mu gahinga. Kuko hari igihe bihava bikabazanira n’izindi ngorane mu muryango nk’ukutumvikana, indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka, eka n’ibindi.
Thank you