Haraheze iminsi, Uburundi bwarafashe ingingo yo kubuza gukora amashirahamwe y’abungruza abantu baciye ku mipaka buhana n’Urwanda ku mvo z’umutekano hamwe n’ubutunzi, nk’ukwo ubutegetsi bubivuga. Iyo ngingo ituma uruja n’uruza hagati y’ivyo bihugu rutoroha. Bosco aheruka kuhaca avuye i Kigali arashinga intahe.
Ubwa mbere na mbere sinibaza ko ari vyo. Niho nibwira nti reka mbanze ndindire iminsi ibiri imbere yo kugenda kumbure ibarabara rizoba ryasubiriye guhita uko bisanzwe. Sinipfuza gusiba ikibazo kw’ishure. Kubibwira ishirahamwe Volcano kwari nk’ugutakaza umwanya. Kuko ryagumye riburabuzwa guhera muri Mukakaro mu 2015. Niho nahamagara muri « Yahoo Car Express ». Uwanyitavye ntiyariye umunwa : « Uba i Bujumbura wewe ? » Niho naca menya ko amashirahamwe yose yahagaritswe. Buno nyene naciye mbona ko kugira uve i Kigali utegerezwa gufata imodoka zitatu zitandukanye kugira ushike i Bujumbura. Abantu bafise ivyo bihutira bategerezwa kwihangana bikomeye. Hama ndatekera utwanje ndagenda. Umwanya nahatakarije maze hakiyongerako n’uburuhe ntibigira urugero. Uguhagarikwa vy’agasakisaki ku birindiro nka vyose. Ariko vyose nategerezwa kuvyihanganira kuko nari nabimenye kare.
Ugeze ku mupaka, n’ugukenyera ukitwarira umuzigo wawe kuko Volcano, Yahoo, East African Tours zitakihari ngo zibikore. Abakarani ni bo bavyungukiramwo. Hari igihe basaba amafaranga 500 y’amanyarwanda, hafi y’amafaranga 1 500 y’amarundi, ku rugendo rutarenza imetero 200. Aho rero ingorane z’imizigo niho ziba zigitangura. Aho mutonze ku murongo, imbere y’uwihweza impapuro z’inzira z’ingenzi, utegerezwa kuguma uza uraterura isakoshi yawe ukwo haheze imisegonda cumi, ukwo uwuri imbere yawe atera intambwe. Abakiri bato haragera igihe bakaza barafasha abashaje nk’ukwo biri mu mico y’Uburundi.
Ikindi ntari n’iteze n’uko nasanze ku mupaka huzuye abantu benshi : abadandaza bavuye Nairobi, Kampala, abavyeyi baherekeje abana basubiye kw’ishure i Kigali, imirongo y’imiduga, … Hari vyinshi vyotuma n’umuntu azimira. Ni nabwo bwa mbere nazazaniwe ku mupaka ndabura ico mfata n’ico ndeka. Imodoka zo mu bwoko bwa Kagongo zagushikana mu Kayanza ku mafaranga y’amarundi 3 000. Twari bane kandi twarashobora gufata imodoka yo mu bwoko bwa Probox kugira dushike i Bujumbura tudahagaze. Umushoferi ntiyaciye hirya no hino : amafaranga y’amarundi 12 500 ku muntu. Nta wari agicirirana ku mupaka w’Uburundi n’Urwanda. Waremera amafaranga baguciye canke ukareka. Abari bakeneye kwiyunguruza nibo bari benshi. Bamwe bamwe mu bafise imiduga yabo barikika mu kiza na bo bakunguruza abantu ariko bitaboroheye kuko abashoferi batemera ko baza kubicira isoko.
Nashitse i Bujumbura nsigaye ndi intere, amafaranga yamperanye, mbabaye, nkaguma niyumvira abadandaza b’abarundi vyankiye ko barengana umupaka kandi ataco bafitaniye na Kigali ahubwo bariko bigira Kampala canke Nairobi. Simpengeshanya kwibaza abavyishura. Uburundi canke Urwanda ?