Ikirundi ni ururimi ruhuza Abarundi bose. Ariko, muri ino minsi, icibonekeza n’uko urwo rurimi ruriko ruragabanura akanovera na cane cane mu gisagara ca Bujumbura. Abantu bitaho indimi mvamakungu gusumba ururimi ruduhuza, mbere ivyo bigatera n’amakenga kuri kazoza karwo nk’ukwo Rivardo Niyonizigiye abidusabikanya.
Hari ku munsi w’Imana, mw’isengero imwe yo ngaha mu gisagara ca Bujumbura. Umuzungu niwe yari arongoye igisabisho. Kubera yavuga ururimi rw’igifaransa gusa, hanyuma mu baje gusenga harimwo abatacumva, yari yibangikanije umusiguzi aza arahindura ivyo avuze mu kirundi.
Yamara umusiguzi we ntiyorohewe. Igikorwa bamutumye ntiyashoboye kugikora uko bikwiye. Ico umupatiri yavuga yaracumva ariko akabura uko akivuga neza mu kirundi. Agaca avuga ibitari vyo canke ibivangatiranye n’igifaransa. Abantu aho kuzirikana ijambo ry’Imana ryavuzwe baguma batwenga. Harageze igihe umuzungu we nyene aja aramukosora amubwira ati ivyo uvuze si vyo kuko amaze iminsi itari mike mu Burundi. Hari amajambo amwe amwe yari amaze kumenya. Imisa yagiye guhera abantu barushe.
Ingorane z’ikirundi
Uwo musiguzi n’aho vyamugoye naramutahuye cane. Muri ibi bihe vya none, ikirundi kirabangamiwe, na cane cane mu gisagara ca Bujumbura (nkeka n’ibindi bisagara). Kubera hahurira abantu b’imihingo myinshi uca usanga indimi z’abo baje zirengera ikirundi kuko Abarundi benshi bashaka kuvuga izo ndimi nshasha. Sinzi ko babitumwa n’ukwicisha bugufi kwamye kuranga Abarundi canke ko ari ukwikengera. Ivyo vyose birashoboka.
Ikindi naco, naho ari ururimi rukoreshwa ku rwego rw’igihugu hamwe n’igifaransa, barukoresha gake cane. Iyo ugiye mu biro bitandukanye, usanga ibintu vyinshi vyanditse mu gifaransa. No mu gisata c’indero, ivyigwa vyinshi bitangwa mu gifaransa. Bikumvikana ko ikirundi gica kiguma gisubira inyuma, mu gisagara ho bikunyuka.
Nko mu mwaka wa mbere w’amashure yisumbuye hari ivyigwa cumi, vyose bakavyiga mu gifaransa kiretse ikirundi conyene. Gutyo, ikirundi kiraheza kigakoreshwa incuro cumi kw’ijana gusa, igifaransa naco kigatwara mirongo icenda kw’ijana.
Imiryango y’abize yo irabangamiye cane urwo rurimi. Abavyeyi bigisha abana babo kuvuga igifaransa gusa canke izindi ndimi mvamahanga. Umwana wo muri iyo miryango ahoha mu gifaransa. Aho ntibiseswa ko azogira ingorane zo kuvuga ikirundi. Wa musiguzi ni yaba yavutse mu muryango nk’uwo, ntaho vyari kuva ngo ashobore gusigura ashira mu rurimi rutamurimwo. Imiryango nk’iyo rero ni myinshi cane hano mu gisagara. Abavukiye mu miryango y’abaswahili bobo ntaworinda arabaza. Ikirundi bamenya kiba ikibayabaye.
Ico tutokwipfuza kubona
Mu minsi iza, tuzosanga ikirundi cahindutse rwose. Inyubako y’amajambo isigaye ari nk’iy’izindi ndimi zo hanze nk’igifaransa, icongereza canke igishinwa. Tuzosanga ata Murundi n’umwe akizi ururimi kavukire. Kubera agahari, n’abava mu gihugu hagati baje mu gisagara ntibazoteba kwiga imvugo y’abo bahasanze. Aho ikirundi kizoca gitituka hose, bukebuke kigende akagirire.
Muri ico gihe Uburundi ntarurimi bwite buzoba bufise. Buzoba bugendera ku gatirano. Ya ndero yari ishingiye ku kirundi izozimangana, ka gateka n’icubahiro vyaranga Umurundi eka mbere na ya mico myiza izimangane.
Ntawokwanka kwiga izindi ndimi. Birafasha cane kandi birakenewe. Ariko kuzirutisha urw’amavukiro naho ni ibara. Turakwiye guhimirizwa gukoresha ikirundi kenshi mu gihe turi mu Burundi kuko ntahandi twokwitega kugikoresha kandi ntawundi azobikora atari Umurundi. Izindi ndimi zirafise abazirwanira, natwe turwanire urwacu.
Ni kuva kera abantu bavukiye i Bujumbura bagorwa no kuvuga neza ikirundi, s’uwu mwaka gusa. Ariko ntibivuze ko ibitagenda neza i Bujumbura biba bitagenda neza mu gihugu cose. Mu zindi ntara z’igihugu no mu bindi bisagara tuvuga ikirundi ciza. Ivy’i Bujumbura ntawobirandirako, turabakunda cane kandi turemera kw’ar’umugwa mukuru w’igihugu cacu. Ariko niyo soko y’ibibi vyinshi bigeramiye igihugu cacu. S’ikirundi gusa kigeramiwe ngaho i Bujumbura, ni vyinshi mu bijanye no gukunda igihugu c’amavukiro n’akaranga n’imco vy’Uburundi.
Ariko tubemera gurtyo nyene ntako twobagira: « Igito gitabw’i wabo ». Nkumbure Leta ibigiyemwo mu myak’iza vyohinduka. Kandi si bose, i Bujumbura hariho benshi bakunda kuvuga ikirundi kandi bazi n’izindi ndimi.
Nkumbure uwo musiguzi yari yifitiye ibibazo vyo kutavuga neza ururimi rw’amavukiro yiwe neza, ariko biratangaje niba muri Paroisse yose hari habuze mwo umuntu yoshobora gusigurira abantu ibiriko biravugwa mu kirundi ciza.
Murabe mwarahakuye icigisho, muze muritaho kwiga ikirundi no kucigisha abo muzovyara. Murakaramba!
ndabaramukije,hari ikintu kimbabaza cane ico naco ni ukwarama umuvyeyi,ururimi niwo muvyeyi wa muntu kuko nirwo rutanga imfungurwa ndavuga mukurukoresha mugihe usaba ikintu.ukumva ngo je ikirundi kiranjena tukibagira ko mu gihe turiko turushibura ngo ruratujena,abanyamahanga bo bashiramwo inguvu ngo barumenye kandi mu gihe bariko barwiga uzosanga baguma batwenga bati sije nzobona ndarumenye ngo nishikirire ivy’abarundi kandi ejo bizotugora kuhabakura bahashitse ndabarahiye ni tugire akaranga mukomere mwa ntwari mwe!
Jewe impanuro noha abagize amahirwe bagasoma ubu butumwa bw’uwudukebuye ni uko bitodutirimutsa ngo ururimi rurapfuye ariko nyabuna turabe icokorwa hakiri kare kuko ryari itunga kugira ururimi rumwe n’imico n’imigenzo bimwe. Ariko rero kuvanga indimi biva na cane cane ku kuntu abana batangura amshure bakiri bato cane bataranamenya ururimi kavukire, abandi ntibaronka umwanya wo kuvuga urwo rurimi aho babaye kugira berekane urugero rw’iterambere bagezeko, abandi babigira kubera imigwi barimwo n’aho bakorera. Akarorero: Igisuma ciba mu Buyenzi n’i Bujumbura muri rusangi gitegerezwa kumenya igiswahiri kugira gitembere kironke n’amakuru, kuba muri karitiye bavuga ururimi rumwe utaruzi ntuja kubayo…Ni vyinshi ariko rero abajejwe ibibazo vy’indero boraba ico bakora hakiri kare ahandi ho ntituzoreka kwicuza kandi mu gihe kitari kirekire.
Jew nanje mbona ikibazo gisigaye mu minwe ya Leta kubera aho bigeze atari ibikorwa bimwe bimwe vyodufasha gusubira kurwihambirirako ntivyoroshe:
1.Muzorabe n’uwitwa ngo arinanase incuro akoresha amajambo nka:Wangu,wapi,sawa okey,allo,ideali,salle,type,umujama,kalibu,séminaire,imoto,taxi,bus,
Shoferi,convoyeur,sac à
mains,casque,mariage,dot,aka bébé,amakaye,iniforome,
cakemutse,yambu,permis,akazi,
merci,akabare,président,VIP,pole sana,…
Aho rero benshi ntibaba banazi n’ururimi bavuze urwo ari rwo canke iryo jambo uko ryandikwa
Jewe mbona hokorwa ibi bikurikira:
1.Gutunganya ibiganiro bigamije guhiganisha abantu mu kuvuga ikirundi hagatangwa udushimwe tuboneka dutuma abantu bavyijukira na cane cane mu gisagara ca Bujumbura.Gutyo uwurobetsemwo n’akajambo na kamwe k’urundi rurimi akaba ananiwe;
2.Gutegekanya intambwe yo kwishur bavuga ibibazo mu kirundi kubasaba akazi.
Muri make mbon umenga ivyo bintu vyofasha.