article comment count is: 2

Kanyanga yoba ari mbi ku magara yacu ?

Inzoga ya kanyanga iri mu binyobwa bitemewe n’amategeko ngaha mu Burundi. Ariko rero n’aho biri ukwo, abatari bake, kubera ukutamenya, barabandanya kuyenga, kuyidandaza no kuyinywa mu mpisho. Iyo nzoga rero, naho benshi bayikunda, ni mbi  ku magara yacu mu buryo bwinshi nk’ukwo Jean Désiré Nduwayo abituyagira.

Inzoga ya kanyanga iri mu nzoga zitemewe n’amategeko mu Burundi. N’ubwo biri ukwo, irabandanya kudandazwa mu kinyegero. Leta, ibicishije ku bajejwe umutekano hamwe n’abajejwe intwaro, ibandanya kurwanya iyo nzoga mu kuyisesa no mu kumena ibikoresho bikoreshwa mu kuyenga n’ukuyidandaza. Eka mbere n’abafashwe bariko barayidandaza canke bayenga baracibwa amande canke bagapfungwa. None kuki abantu babandanya bahurumbira iyo nzoga kandi ibujijwe ? Hariho inyungu boba bayibonamwo ? Mbega hoba hariho inkurikizi mbi ku magara yabo ?

Muri iyi minsi naratembereye mu gisagara ca Gitega. Niho nahura n’abamenyeshamakuru bo kw’Ijwi rya Amerika bariko baratohoza ku kijanye n’inzoga ya kanyanga nca ngumana na bo. Twaragiye mu gice c’epfo y’isoko aho iyo nzoga ikunda kudandarizwa. Twarahuye n’abasanzwe bayinywa, eka n’abayidandaza. Ariko imbere yo kuvuga ukwo nasanze ibintu, n’uko nshimishwa n’ukuntu igipolisi kiriko kiragerageza gutuza iyo nzoga. Eka mbere benshi mu bayidandaza barataye baromoka, n’babandanya kuyidandaza babigira mu kinyegero.

Ico abayinywa bayikundira

Negereye umwe mu basanzwe bakunda kunywa iyo nzoga kugira ngo menye igituma ayikunda. Yambwiye ati : « Inzoga ya kanyanga ndayikunda kuko izimbutse kandi ituma ntora akajisho». Ndamubajije nti kuki utonywa ivyeri nyamba ushaka kwumva ko wasomye, yagize ati : «Umve nawe, nk’ubu nkoreye amafranga 1500 nkaca nkuramwo ikiyeri c’1400 wumva muhira noshikana iki ? Ariko ndashobora kunywa kanyanga y’amafranga 400 hama ayasigaye nkayaguramwo agafu k’umuryango wanje gutyo ubuzima bukabandanya !» Igitanganje n’uko inyishu naronse nasanze zisa cane n’izahawe abo bamenyeshamakuru n’ubwo twari twabajije abantu batandukanye.

Abayidandaza

Niyongere (izina ryahinduwe), umwe mu basanzwe badandaza kanyanga, ndamwegereye yamenyesheje ko yababajwe n’ingingo yo kubabuza kudandaza iyo nzoga. Ku bw’iwe, ngo iyo nzoga yari ibatungiye imiryango. Yabandanije avuga ko abana biwe babirukanye kw’ishure kuko ata buryo akironka. Ngo yari amaze imyaka ishika 20 atunzwe n’uwo mwuga. Ndamubajije ko ata ngaruka mbi iyo nzoga ifise yanyishuye ati: « Je ko maze imyaka 20 ndayicuruza nongera ndayinywa ubona harico mbaye? Nta ngaruka mbi ifise kuko ikorwa mw’ifu y’imyumbati n’iy’ibigori dusanzwe twirimira !» Wewe mbere asaba Leta ngo ko yobaha uruhusha rwokuyidandaza kurya kwa za wiski ziva hanze !

 Uko abajejwe amagara vy’abantu babibona

Abajejwe amagara y’abantu bavuga ko inzoga ya kanyanga ari mbi cane. Ngo ituma umuntu yayinyoye aba magonyagi ntabe akigira inguvu zikwiye ku buryo no kurangura amabanga y’abubatse ataba akibikora neza. Ikindi n’ukwo uwayinyoye ashobora gushurashuza ku nguvu abakenyazi n’abigeme, canke  akarwana. Ivyo vyose bigaterwa n’uko aba yataye ubwenge. Ngo iyo nzoga iratuma kandi n’igitigu cononekara.

Umuti wo gukingira benshi

Abantu bovavanura no kunywa kanyanga kuko, uretse ko ibagirira nabi, atayindi nyungu izanira amagara yabo. Abajejwe intwaro n’umutekano nabo, bobandanya bongereza inguvu mu gutuza iyo nzoga na cane cane mu kwirinda gufumbatishwa. Mvuze uko kuko abayikora n’abayidandaza baba bazwi ariko ntibafatwe. Barakunda gupfumbatisha abajejwe kuyirwanya maze bagaca babihoza.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (2)

  1. Iyo Kanyanga Wumva Aho Ntumberey Yitwa Igongo Irakaz Gose Kand Iramaz No Kwica Beshi Ibatsinz Mwishamba.Abayinywa N’amenyo Yarirabuy Nkishiga.Mbona Kwigoy Kurwanya Guk Bamw Muba Polisi N’abajejw Intwaro Kirets Ko Bafumbatishwa Barayihereza.