Mu minsi iheze, mw’isoko nkuru ya Ngozi, haribonekeza ku bwinshi utuzu tw’imbaho badandarizamwo benshi bazi kw’izina rya « Kiosk ». Ariko rero icibonekeza n’uko ubu hari ituzwa rya bene utwo tuzu ngo kuko ari two dukwiragiza umuriro ningonga nk’iyo wadutse mw’isoko. Ubu rero abadandaza bahimirizwa kwubakisha ivyuma canke amatafari ahiye nk’uko Divin Dushime abituyagira.
Mu gihe hari haciye imyaka itari mike, mu ntara ya Ngozi hibonekeza ko abadandaza bakorera mu tuzu tw’imbaho muri rusangi, muri kino gihe haribonekeza ihinduka mu nyubako. Ubu inzu z’ubudandaji nto nto nyinshi zubakishijwe amatafari ahiye canke ivyuma. Iryo hinduka nagerageje kumenya ico ryavuyeko, maze negera bamwe mu badandariza mw’isoko nkuru ya Ngozi, eka no mu ma karitiye agize igisagara ca Ngozi kugira bampe umuco.
Ivyo abo twaganiriye banyiganiye
Umundandaza umwe w’ibifungurwa mw’isoko nkuru ya Ngozi yagize ati: « Twagiye twumva abatwara isoko baduhamagaje mu nama, batumenyesha ko duterezwa kwubakisha ivyuma canke amatafari amazu dukoreramwo ». Yamenyesheje ko ivyo vyabaye, inyuma y’aho isoko ya Ngozi ihatswe gusubira gusha mu mwaka w’2015, bivuye kwi buji maze Imana igakinga.
Nk’ukwo yabandanije abinyagira, kandi nk’ukwo abajejwe intwaro umutekano hamwe n’isoko basigura n’uko inzu z’imbaho zituma iyo isoko ihiye hononekara vyinshi kandi umuriro ugatebuka gukwiragira henshi.
Sinagarukiye mw’isoko nkuru gusa. Icibonekeza n’ukwo no mu turere tw’igisagara ca Ngozi hibonekeza iryo hinduka mu nyubako y’amazu y’idandarizo.
Uwundi mudandaza wo muri karitiye Gisagara yo mu ntara ya Ngozi nyene ati : « Twari tuzi ko bizoherera kw’isoko nkuru gusa, ariko natwe badutegetse gusubiramwo inzu tudandarizamwo ».
Ukwo abadandaza bakiriye iyo ngingo
Mu gihe twari tukiriko turaganira n’umudandaza wa mbere, yambwiye ati: « Ntivyatworoheye kubikora vuba, n’ubwo hari italiki ntarengwa, kubera uburyo. Ariko rero, nibutse uruhombo nogira mpishije ivyanje, navyakiriye neza kandi uno munsi hariho akarusho kuko ubu novuga ko isoko, eka n’utuzu vyagutse gusumba kera. Ubu na za modoka zizimya umuriro zoshobora kuronka aho zica mu gihe hadutse akagorane k’umuriro mw’isoko ».
N’ubwo hari n’abandi badandaza mu bo twaganiriye bavuga ko iyo ngingo itaborohereje mu gihe atamafaranga akiboneka neza, uwundi umwe muri bo sikwo abibona. Umwe nasanga ku Gisagara yavuze ati: « Ku bwanje, nabonye iyo ngingo ari nziza cane kubera ubwa mbere hariho umurengera w’ubuzu bwinshi kandi busa nabi. Erega n’iterambere turarikeneye. Nka jewe nkorera muri karitiye ntamahera menshi ndonka. Ariko na je ndiko ndagerageza kwisuganya ngo mpindure inyubako ».
Ubu igisagara ca Ngozi, biraboneka ko gitanguye kugira iyindi sura mw’iterambere n’ubwo nyene bigenda buke buke kandi hagikenewe vyinshi. Nibaza ko n’abajejwe intwaro boshiramwo izindi nguvu kugira ngo n’ibitagenda neza muri ino minsi bibandanye gutungana. Ikindi nipfuza n’uko n’izindi ntara zohafatira akarorero muri iyo ntumbero yo kurwanya imiriro yaduka mu masoko igatikiza vyinshi.