article comment count is: 0

Itunga rya mbere ku bubakanye n’ukubana neza

Ibanga ryo kwubakana rirakomeye cane kuko umuryango niwo mushinge w’umubano mu bantu kandi ukongera ukaba n’isoko ry’indero y’abana bawuvutsemwo. Itunga risumba yose ku bubakanye rero n’ukubana mu mwumvikano. Renovat Ndikumwenayo araducira ku mayange uko ingo nyinshi zisambuka bivanye n’ukwitwara nabi kw’abubakanye.

Ukutumvikana hagati y’abubakanye hamwe n’ukurenga ibigo ni bimwe mu bituma ingo nyinshi zisambuka. Ntawokwirengagiza ko umubano mwiza hagati y’abubakanye ariryo tunga ryambere ry’umuryango kuko atamwumvikano uhari canke ikiyago ciza atamugambi n’umwe muheza ngo murangure. Mu gihe abubakanye bafise umwumvikano ukwiye, n’aho boba badafise amatungo menshi barashobora kwitunganya muri utwo duke bafise mu mahoro n’umutekano hama ubuzima bwabo bukabandanya kubera urukundo baba bafitaniye bigatuma bubaka urugo ruhimbaye.

Ariko rero muri kino gihe biragaragara ko hariho abubakanye benshi bafise amatungo menshi ariko umubano wabo ukaba utifashe neza. Aho usanga umwe atayaga n’uwundi ntibajane mu modoka imwe mbere ugasanga ntibanarara mu cumba. Ivyo bikava ku kutumvikana hagati yabo bivanye n’uko umwe ashobora kuba arenganya uwundi mu gukoresha nabi amatungo y’umuryango canke ugasanga harimwo uwufise ingeso yo kurenga ibigo.

Uko kurenga ibigo rero kurashobora gutera intambamyi nyinshi mu muryango kuko bituma amatungo y’umuryango akoreshwa nabi. Uwo arenga ibigo ashobora kuyasesagurira kuwundi mugore canke agashobora gukwegera umuryango indwara nyinshi harimwo n’izidakira nk’umugera wa SIDA, n’izindi. Abantu nk’abo ntibigera baronka amahoro mu rugo rwabo kuko ata munezero bagira mbere bakama bari no mu bagabo kubera ayo matati, gushika naho bashangara imbere y’abandi. Ivyo bigatuma abana babo bakurana indero mbi kubera akarorero kabi k’abavyeyi babo.

Akarorero kabi

Hari umugabo umwe akaba ari umwigisha wo mu mashure yisumbuye afise umugore nawe nyene yigisha mu mashure matoyi .Uwo mugabo yarashikiwe n’ingorane zikomeye kuko yateye inda umwana w’umukobwa yiga mu mwaka w’icumi kuri iryo shure nyene yigishako. Uwo mukobwa yaramwitwariye hama wa mwarimu aratsindwa aca acirirwa urubanza rwo gutanga ibirezo vy’uwo mwana bingana n’ibihumbi mirongo itanu ku kwezi ku kwezi mu kiringo c’imyaka indwi kandi nawe akaba atarenza umushahara ungana n’ibihumbi ijana vy’amafaranga y’amarundi. Ivyo bikaba vyaratumye haba umubano mubi hagati y’uwo mugabo n’uwo mugore gushika n’aho umugore atabaye acizigira umugabo wiwe mbere nawe nyene ahava atora iyo ngeso nyene yo kurenga ibigo. Aha umuntu agaca yibaza ukuntu bazoshobora gutunganya urugo rwabo mu kurera abana babo narirya batoye uwo mugambi ugayitse bagifise uruvyaro rumwe gusa.

Igikomeye mu buzima bw’abubakanye

None hokorwa iki kugirango abubakanye bashobore kugira umubano mwiza? Ku bwanje umugore n’umugabo barakwiye gufata akanya gakwiye ko kuganira, bagashira umwumvikano imbere, bagahanurana, bagatahurana kuko ata mweranda abaho kurino si, bagasabikanya neza ivyo bafise biba bike canke vyinshi, bakirinda gusesagura itunga ry’umuryango mu kurishira mu bidakenewe.

Barakwiye kandi guha agaciro amabanga y’abubatse kuko nayo ashobora gukomeza urukundo hagati yabo, bakirinda kurenga ibigo kuko bizana ingaruka mbi nyinshi mu muryango. Bakamenya ko urugo ari babiri. Gutyo bakubaka neza urugo rwabo, bakabera akarorero keza n’abandi. Ivyo bigiye mu ngiro, abubakanye boshobora kubaho mu mahoro n’umutekano, bigatuma bashobora gushika kw’iterambere rirama.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion