Mu migenzo y’Abarundi hamye imico n’imigirwa yabaranga aho bari hose kuko babikora kumwe aho baherereye. Ni co gituma n’imanza wasanga abantu bazitunganya bakazimara kumwe mu gihugu cose. Ariko rero ubu haribonekeza itituka ry’imanza zimwe zimwe uhereye nko kuko itunganywa ry’umugirwa wo gutwikurura ryari rimeze. Bella Nininahazwe araducira ku mayange uko abibona.
Mu mico y’ikirundi, hari ibintu vyagiye birahinduka ibindi biratituka uko iminsi ihera. Ibihinduka kenshi bitumwa n’ivyo dukunze kwita iterambere, ihinduka, canke ubukene. Nk’iyo ikintu gitwara uburyo bwinshi, abantu kenshi barakunze kwiyorohereza ugasanga umugirwa urataye intumbero. Umugirwa wataye insiguro birengeje muri kino gihe ni ugutwikurura. Kenshi nibaza ko uwo mugirwa utagifise ico usigura mu mico y’ikirundi.
Gutwikurura aho hambere
“Gutwikurura” kivuye mu rivuga “gutwikira” gisigura gupfuka impande zose. Iyo ngobotozo “-ur-” yiyongeramwo yitwa ruhushanya iza yerekana igihushane c’irivuga igobotowemwo. Ivyo bisigura ko irivuga “gutwikurura” risigura gupfukura mu kirundi. Muri iryo rivuga kandi haravamwo izina “umwitwikiro” ariwo batwikurura umugeni.
Tutarinze kuja kure, turazi ko uwo mugirwa wo gutwikurura wamyeho mu Burundi kandi na none ukigirwa, naho nyene abenshi tuwugira nko guheza ibwirizwa canke tutazi neza ivyo turiko turagira. Kera batwikurura umugeni amaze iminsi agize ubugeni. Carazira kikaziririzwa ko batwikurura umugeni ataraba umugore. Umugeni muri iyo minsi ataratwikururwa ntiyaja hanze, ndetse nta bikorwa yaba arekuriwe gukora. Hagati y’ubugeni n’ugutwikururwa, umugeni yasa n’uwuriko aramenyerezwa urugo. Muramukazi we canke uwundi mwana w’umukobwa yaraza akaja aramufasha udukorwa two munzu gushika baje kumutwikurura. Ivyo bavyita “kwarika”.
Bavuga kandi ko abavyeyi, na cane cane se w’umwana, batatwikururura umukobwa. Abavyeyi rero baratekera ibiseke n’inzoga bakarungika intumwa kuraba ingene umukobwa wabo amerewe mu rugo. Mu gutwikurura, umugeni yaba afise igitambara yitwikiriye mu mutwe maze musaza we akaza akakimufukura akaba ari vyo bita “gutwikurura”.
Gutwikurura muri iyi misi?
Muri iyi minsi, gutwikurura bisa n’ivyataye intumbero n’insiguro. Urubanza rw’ubugeni rusa n’urufatanye n’urubanza rwo gutwikurura. Akenshi usanga bagirako muri ca kibanza nyene caberamwo urubanza rw’ubugeni. Abantu baba ari ba bandi nyene uretse ko abihuta baba batashe. Urwo rubanza ubu rukaba rurangwa n’imvyino n’intambo bisa naho umengo ni vyo bisigaye biranga uwo mugirwa. Muri izo mvyino, wumvirije neza, haba harimwo impanuro zihabwa urugo rushasha. Ikindi gitangaje kandi kibishe ni uko uwuvuga ijambo asa n’ “uwubesha” ku mu garagaro aho yemeza ko baje kuraba umugeni amaze iminsi, baje kuraba ko yamenyereye urugo. Umugeni ntaco aba yitwikiriye. Mbere uwutabizi neza yokwibaza ko ari ubugeni bubandanya.
Icari gikwiye
Ejo bundi, hari umuvyeyi yariko yidoga ati: “Hako batwikurura umugeni ataritwikira bopfuma barungika abantu bake bakagenda bavuga ijambo ry’ukuri hako baja guhenda abantu, bapfundikanya ibitaja ntibize ngo haheze iminsi kandi haheze iminuta!” Niko ivyari imagera vyarageruye. Ibintu birahinduka ariko je ku bwanje mbona hako bagira ibintu bitagira ico bivuze nk’uko babigira ubu bovyihoza bikitwa ivyahebwe canke bakaraba ukundi bobikora bitabasesaguje kandi bidataye insiguro. Nk’uko uwo muvyeyi yabivuze, umengo kubesha birarekuwe. Aho umuntu ahagarara imbere y’abandi ngo “ tumaze iminsi…!” kandi haheze iminuta.
VYARI VYIZA KWELI
Mbega amajambo makuru makuru mugutwikurura atoharamwo ninkayah?
J mbna ugutwikurura ari ugusesagura
Ubugeni bwubu umugeni aba akuriwe kenshi borindira iki vraiment???
Nikoko bogarukira imico nimigenzo Naho hoba haheze indwi gusa Cank imis itatu bakabona kugira uwo mugirwa kk nabubahuka kubesha ninabakristu