article comment count is: 1

Itituka ry’umugenzo wo gufashanya mu Burundi

Aho hambere hahise, mu Burundi, hararangwa umugenzo wo gufashanya hagati y’ababanyi, incuti hamwe n’abagenzi. Ariko rero, mu bihe vya none, haribonekeza itituka ry’uwo mugozi wahora wunze ubumwe bwa benshi. Ni naco gituma hari hakwiye kugira igikozwe maze urwo rukundo rusubire gusasagara mu Barundi nk’uko Rénovat Ndikumwenayo abituyagira.

Ugufashanya ni umugenzo ukomeye mu Burundi kandi wamyeho kuva kera. Kuva kera na rindi Abarundi bamye barangwa n’umutima w’urukundo ushingiye ku gufashanya mu gusangira akabisi n’agahiye. Ntawokwibagira ko imigenzo myiza ari yo ituma abantu babana neza mu mahoro n’umutekano kandi bafatanye mu nda.Umugenzo wo gufashanya rero, aho hambere hahise, wari ufise uruhara runini mu mibano kuko niwo watuma abantu bahura bakaganira hambavu y’ugusangira ivyo basanganywe maze urukundo rugakomera hagati yabo. None urwo rukundo rwabonekera kuki?

Ukwo ibintu vyahoze

Mugihe umuntu yaba aramukanye urubanza, yarufashwa n’ababanyi hamwe n’abagenzi mu kumuterera no mu kumufasha gutegura aho yakirira abashitsi. Iyo hagize uwugwaza umuntu naho, ababanyi bashwabadukira rimwe kugira bamutware kwa muganga. Aha ntitwokwibagira ko, n’iyo hageze ko abanyeshure batangura amashure, umwana yarasezera ababanyi na bo bakamutekerera amafaranga y’agasabuni. Eka n’iyo umuntu yaba akenye agafu canke akunyu ararira ntiyatinya kwikubita mu babanyi nabo bakamufasha.

Ukwo vyifashe ubu

Ariko rero, muri kino gihe, biraboneka neza ko uwo mugenzo wagiye uratituka uko imyaka yagiye irahaca. Mbere hari n’ibice bimwe bimwe vy’igihugu usa n’uwamaze guherengetera burundu. Nko mu gisagara, hageze aho umuntu afise urubanza akota ibikoresho vyose, aho arukorera mbere n’abarukora akabahemba. Iyo umuntu akenye amahera yo kurihira umwana kw’ishure biramugora cane kugira aronke uwushobora kuyamugurana kandi mu babanyi hariho ababa bayafise. Umugabo umwe twagiye turaganira mu gihe nari mfashe urugendo, yambwiye ko agiye guca amahera mu kwikorera imizigo kugira ashobore kuronka amafaranga yo kurihira umwana wiwe agomba gutangura amashure ya kaminuza. Ndamubajije ko atawo yokwitura ngo amufashe, yanyishuye ko afise mukuru we akorera i Bujumbura mu Bushikiranganji bw’amagara y’abantu. Ariko ngo uwo muvukanyi wiwe nta na kimwe arigera amufasha kandi adasiba kumutakambira akamwishura ko afise imigambi myinshi atoronka ayo amufashisha. Ivyo bigaca vyerekana ko ingeso y’ukwikunda yamaze kwizizira imitima y’Abarundi batari bake. Ni naco gituma indyane z’amatongo hamwe n’amaronko zigwiriye muri kino gihugu. Leta yaratunganije inyigisho zo gukunda igihugu n’imibano. Izo nyigisho zirakwiye gushirwa ku rutonde rw’ibindi vyirwa mu mashure kurusha ukwo vyahora. Harakwiye n’inyigisho zokwigisha abantu na cane cane abakiri bato gukundana n’ugufatana mu nda kugira ngo bazokurane umutima w’urukundo n’ugufashanya. Gutyo niho Uburundi bwosubira kwitwa vy’ukuri igihugu c’amata n’ubuki. Abarundi barayamaze ngo « Ukora ineza ukayisanga imbere » kandi ngo « Nyamwigendako atarimira impeshi ».

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)