Igisagara ca Bujumbura ni co gisagara ca mbere kinini kandi cubatswe neza mu gihugu c’Uburundi. Ukwo imyaka ihera, nikwo naco cagiye kiratera imbere muri vyinshi, eka no mu kwaguka nyene. Umuntu rero afatiye k’ukwo iterambere mu nyubako y’ico gisagara ririko riragenda, dusanga mu minsi iza ico gisagara kizoba gisa neza cane mu bice vyahoze vyitwa inkengera zaco kuruta mu gisagara hagati nk’ukwo Aminadab Havyarimana abituyagira.
Mu myaka y’2000, eka mbere n’inyuma yaho gato, abantu bagira amahigwe yo gutembera mu gisagara ca Bujumbura, baragitangarira cane. Ivyo bikaba vyava ku kuntu cari cubatse ugereranije n’utundi duce tugize igihugu c’Uburundi. Ariko rero, ukwo imyaka yagiye irabisikanya, nikwo n’ibindi bisagara vyagiye biratera imbere, na Bujumbura nyene idasigaye inyuma. Ubu rero aho ibintu bigeze, uvyihweje neza, usanga ahahoze hari amazu meza meza mu gisagara maze hakanaboneka kuruta utundi duce twaco atariko hakibonwa. Ahahoze hitwa inkengera z’igisagara, ubu niho hasigaye hameze nk’iratiro ryaco ugereranije ukwo hubatswe hamwe n’amakaritiye ya kera.
Ukwo Bujumbura yubatse ubu
Inyuma y’imyaka y’2000, haragiye haravuka amakaritiye amwe amwe yubatswe ku buryo bwa kijambere nka za Kigobe na Kinanira. Guhera ico gihe, haragiye haravuka ayandi makaritiye nka Gasekebuye kandi n’utundi duce tubandanya gutera imbere. Mu mwaka w’2015 niho habaye ihungabana ry’urwubako bimwe vyibonekeza cane mu gisagara cose. Muri uwo mwaka, eka mbere gushika no mu ntango z’umwaka w’2016, nta hantu henshi hibonekeje imishinge y’amazu ariko arubakwa. Ahatari hake, n’izo bariko barubaka, ibikorwa vyarahagaze ikiringo kitari gito.
Ariko rero, guhera mu gice ca kabiri c’umwaka w’2016, haribonekeje umuvuduko udasanzwe mu rwubako mu bice nka vyose vy’igisagara ca Bujumbura. Ubu aho umuntu aciye hose, kuva mu bumanuko gushika mu buraruko bw’igisagara, uzanga abantu benshi bariko baraduza amazu meza kandi manini. Aha umuntu yovuga nko guhera muri za Ruziba, Gihosha, za Gatunguru na Kajaga. Aho rero utwo n’uduce umuntu yotanga nk’uturorero kuko, uvyihweje neza, usanga umenga ahahoze hitwa inkengera z’igisagara hose hariko harubakwa ku buryo bukomeye.
Ico umuntu yokwizera mu myaka ya hafi
Igisagara ca Bujumbura kibandanije kwubakwamwo nk’ukwo biri muri ino minsi, hari vyinshi bizobandanya guhinduka. Amakaritiye yahora ariyo asa neza cane mu myaka iheze, tuzosanga ari yo asigaye ari inyuma mu nyubako. Ubu umuntu iyo ariko aratembera nko mu Gasekebuye, Gihosha, Kigobe, Carama, Kajaga n’ahandi, usanga umenga igisagara kiriko kirimuka kija ahahoze inkengera zaco. Ahahoze haboneka cane nka za Mutanga, Rohero na Kinindo, nivyo haracifashe kandi naho nyene habandanije gutera imbere ariko, ubu ntiwohagereranya n’utwo tundi duce turiko turubakwa mu bihe vya none.
Haragera n’igihe umuntu abona ko, utwo duce twahoze twitwa ko turi inyuma y’igisagara, ariho hazohava, mu minsi ya vuba, hasigara hameze nk’urukuta rw’iratiro rw’igisagara. Ivyo bizoturuka ahanini ku buryo ivyo bice bisigaye ari vyo vyubatswe ku buhinga bwa none : amazu manini kandi yubakishijwe ibikoresho vyiza maze bigaha isura nziza ayo ma karitiye mashasha. Niyo REGIDESO yabandanya gukwiza amatara n’amazi aho atarashika muri utwo turere, Bujumbura tuzosanga yakaka cane ku nkengera zayo kurusha hagati mu gisagara kandi benshi bazohurumbira kuba muri utwo duce nk’ukwo n’ubu vyatanguye kwibonekeza.
C’est cela l’évolution urbaine. On construit là où il y a des terrains disponibles.
La gestion urbaine suivra : gestions des déchets ménagers, construction des égouts, des stations d’épuration pour ne pas polluer ni la nappe phréatique, ni le lac Tanganika. Akari inyuma kazosayangana.
Terimbere
Nkuko mwenewacu yabivuze….kubaka atamategeko ya urbanisme ubishizemwo..vyitwa akajagari…turakenye ama égouts, igisagara kitagira ama égouts sinzi uko twocita.
Manisha sinzi insiguro washatse gutanga akari inyuma umengo wagafatiye m’urwara bujumbura s’agasara n’igisagara kuko carabaye kinini cane ubugifise uburinganire 121km2,Paris 105,4km2
Ahubwo abobene izonzu zakera zirihagati mugisagara nukuraba bakabomora nabo bakubaka inyubako zigezweho kuko Ubu mugisara hagati niho hasigaye hateye isoni kandi ariho hari hakwiye gusaneza