Mu buzima bwa minsi yose, abantu baraziganya bakongera bakaguranana babicishije mu mabanki canke hagati yabo bivanye n’icizere baba bafitaniye. Hari rero uburyo bukunze kwibonekeza mu gihe c’ubukene bwa cane hagati mu gihugu ari bwo bita “intoro”. Intoro rero irafasha ariko ikongera ikavuna uwuyakiriye eka mbere igashobora no gukwega ingorane zikomeye hagati mu bantu nk’uko Apollinaire Nkurunziza abituyagira.
Mu biringo bitandukanye vy’umwaka usanga harangwa ubukene bw’infungurwa n’amafaranga kuruhande rumwe, ahandi naho ugasanga haribonekeza ubukungu. Ivyo rero bigakunda kwibonekeza cane cane mu gihugu hagati. Ubukene buboneka kenshi mu gihe c’irima ry’impeshi (mu kwezi kwa kabiri n’ukwa gatatu) hamwe no mu ntango z’umwaka w’ishure, mu kwezi kw’icenda. Ubukungu nabwo buboneka cane mu gihe c’ici aho imirima iba yeze, canke mu gihe abarimyi b’ikawa baba bariko baronswa agahembo ku mahinguriro baba barashoreyeko ikawa.
Ivyo biringo bibiri rero biragira ingaruka ku banyagihugu mu buryo ubu canke buriya. Dushimikiye ku gihe c’ubukene, irima ry’impeshi risanga abantu bamwe bamwe bamariye umwimbu mw’isoko kubera kuwigina, mu gihe abandi usanga ikirere kitagenze neza. Hageze guteragira, iyo mirwi yose birashika ikabura imbuto. Hari naho mbere baraza isize idateragiye abantu bakitwengera.
Intoro itangwa gute ?
Iyo vyashitse rero umuntu ntabe yarabitse imbuto araheza agakoresha uburyo bwose bushoboka kugira ngo ateragire. Ni co kimwe no mu ntango z’umwaka w’ishure aho umuvyeyi adafise amafaranga y’ibikoresho vy’ishure vy’umwana akora ibishoboka vyose kugira ngo uyo mwana ntasibe ishure. Kenshi na kenshi abantu baca bitura abadandaza bagasaba ingurane. Abo na bo bakemeranya kubungukira ingerane : n’ukuvuga ko baguhaye ibihumbi cumi umwaka uheze usubiza ibihumbi mirongo ibiri. Ushoboye kuriha inyuma y’ukwezi naho ugatanga cumi na bibiri. Kubera rero ubukene umuntu aba afise, ntatinya kwemera kuzotanga iyo nyungu n’ubwo ataba abona iyo azoyakura.
Ingaruka zo gutora intoro
Ubwo buryo bwo kuguranana kenshi burafise ingaruka mbi ku mpande zose : ku ruhande rw’uwuguranywe, hari aho bishika aho yari yizeye amafaranga ntaboneke, bigatuma asaba uwamuguranye ko yomutenyenyera. Ariko kubw’amasezerano y’intoro, umudandaza we aguma aharura inyungu uko umwaka uhera. Impera n’imperuka, umuntu akanduruka agurisha itongo canke igitungwa kugira ngo arihe iryo deni. Akarorero ni uwitwa Nahayo yambwiye ati: “ Nari natse ibihumbi mirongo ibiri kuzoriha birongo ine haheze umwaka hama ndayabura. Mu wundi mwaka aca aba mirongo umunani. Kugira ndayarihe narinze kugurisha igipimo c’ikawa”.
Eka no k’uwuguranye nawe nyene arashobora kubihomberamwo kuko iyo uwo yahaye intoro yanse kumuriha ntashobora kuronka aho yitwara kuko ubwo buryo bwo kuguranana butemewe n’amategeko y’igihugu.
Ukwo abantu bari bakwiye gufashanya hagati yabo
Kugira abantu bashobore kwirinda kugwa muri izo ngorane z’intoro, inzira irashe bari bakwiye gufata ni iyo kwijukira kuja mu mashirahamwe asanzwe afise umugambi wo kuguranana hagati y’abanywanyi. Ayo na yo akaba ashobora kugurana ku nyungu itavuna. Ikindi, hari ubundi buryo bwo kuziganya no kuguranana hagati y’abantu, yaba bato bato canke abishoboye, aribwo bita « gukina ikirimba », aho umuntu atanga amahera ku kwezi ku kwezi mu murwi arimwo hanyuma aya bose agahabwa umuntu umwe, abandi bakazoza barashikirwa. Ivyo na vyo rero vyofasha umuntu kutarwa mu ngorane z’intoro kuko aheza akaja mu murwi baringaniye aho aza aratanga ayo ashobora kuronka.