Mu gihe abantu benshi bivuriza kwa muganga bakira indwara nka zose baba barwaye, hariho abo bitagendera gutyo. Muti mbega kugira umuntu asubire kurwara ata minsi ihaciye avuye kwivuza vyoba biva kuki? Spageon Ngabo, nk’umunyeshure ariko aritegurira ibanga ryo kuvura, araducira ku mayange bimwe mu bituma abantu barwara urutavanako.
Birambabaza cane iyo mbonye umuntu aje kwa muganga amerewe nabi kubera amagara amukitse. Ivyo bikantera kwiyumvira cane kandi ningoga ico nokora ngo ubwo bubabare umugwayi azananye bugabanuke noneho abone gutunganirwa. Ariko nta kibabaza gusumba nk’iyo uhanuye umurwayi ku nyifato yogira ngo amagara yiwe agume ameze neza hama ugasanga mu nyuma ntiyakurikije impanuro wamuhaye.
Uturorero nama natubonye
Ejo bundi nakiriye umurwayi aje aremvye, abira ivyuya vyinshi, ajugumira, ahema nabi, aribwa umubiri wose, no kurira akarira kandi yari umuntu w’umugabo. Wamengo yasubiye kuba umwana! Ariko ntiyari we, ububabare yari afise bwari bumurengeye. Maze kumubaza ngo bikunde menye imvo y’indwara yiwe, nasanze yaheruka kurwara malariya. Ariko rero, icantangaje kikanambabaza n’uko nasanze imiti yari yarahawe n’umuganga yamuvuye ubwa mbere yari yayiciriye hagati ngo n’uko yumvise aronse agahengwe.
Mu nyuma z’uwo, haca haza uwundi. Uwo we yari ameze nabi cane! Ububabare bwo mu nda no mu gikiriza, ugucibwamwo cane, ukwonda birenze urugero, inkorora y’urutavanako, eka n’ubushuhe bwinshi cane. Nagize ngo ndamubaza nsanga bari baramuhaye imiti yo gupfupfahaza indwara idakira yari afise, ariko akaba yayifata nabi nabi: hamwe agasibiza ahandi akayifata nabi nabi.
None ingaruka z’ukutumvira muganga n’izihe?
Dufatiye kuri utwo turorero tubiri, turabona ko abo barwayi bompi bigeze kurwara, baritura muganga kandi nawe arabaha imiti. Ariko rero ntibayifashe nk’uko yabibabwiye. Uwa mbere yayiciriye hagati aho kuyimara, uwakabiri nawe aza arasimba yongera afata akanini kamwe kamwe.
Abo barwayi bompi vyabazaniye ingarukambi kuko indwara bari bafise zahavuye zibavyuka mu nyuma noneho zica ziza zikaze cane gusumba ubwa mbere. Ikindi benshi batanamenya ni uko iyo ndwara ishobora guhindura n’imigera yayo, ikagaruka izananye n’imigera itumva wa muti umuntu yari yafashe ubwa mbere. Ari navyo bitera ukuremba cane mbere n’ukwivuza bikazimba gusumba ubwa mbere maze umuryango w’umurwayi ukahasinzikarira mu bijanye n’ubutunzi. Uko kurwara kwa kabiri gushobora no guhitana umuntu iyo bishitse abaganga bagasanga imigera ni mishasha badafitiye umuti hafi.
Ku rundi ruhande, ingorane zishobora kuba umurengera gusumba iza mbere. Aho twovuga nk’indwara z’ibihimba bikomakomeye vy’umubiri nk’umutima, amafyigo, ubwonko n’ibindi, kuko imigera y’indwara umurwayi yakuye mu ngendo mbi ica iboneraho akaryo ko gukwiragira muri ivyo bihimba vy’umubiri.
Ingendo nziza yoba iyihe?
Iyo muganga akwandikiye ati “Uyu muti uzowufata iminsi indwi” nk’akarorero, si vyiza kuwucira hagati ngo n’uko wumvise watoye mitende. Nimba uwo muti ukumerera nabi naho, ni vyiza gusubira kwa muganga akaguhindurira.
Muri make, novuga ko gufata imiti ukurikije impanuro za muganga ari vyiza kugira umuntu akire neza. Mbere birumvikana ko ari n’uburyo bwo kwikingira n’izindi ndwara z’ivyaduka zishobora kuza mu nyuma.
Ukuvura neza abantu nibaza ko atari ukubararaza ahubwo n’ukubumviriza ukabitaho.
Inyifato umugwayi agira ivana n’ibintu vyinshi cane tudasize inyuma n’inyifato y’uwamuvuye.
Umuntu avura abantu wese yisuzume arabe ko ariko akorera neza abo avura!
Twame twibuka ko Umuganga w’Ukuri ari Yesu Kristu.