article comment count is: 44

Inkomoko ya « kira ngeni » no « kugwa mu gahundwe »

Mu mvugo ya minsi yose, hari amajambo canke imvugo zigoye gutahura. Ni naho hahera kuvuga ururimi nabi, maze ugasanga abantu bamwe bamwe ntibariko bavuga ibintu ukwo vyategerezwa. Akarorero ni nko ku bantu bavuga ngo « gira ngeni » aho kuvuga « kira ngeni ». Egide Nikiza aradufasha gutahura no kumenya inkomoko y’imvugo « kira ngeni » hamwe no « kugwa mu gahundwe ».

Mu buzima bwanje ndakunze kuza ndabaza iyo mpuye n’ikintu ntatahura neza. Muri ino minsi, naragize amahigwe yo kuganira n’umuhumure asanzwe akurikiranira hafi ivyerekeye umuco w’ikirundi. Umunsi duhura, nari nipfuza ko antahuza igituma babwira umwigeme yubatse urwiwe ngo « gira ngeni ». Imbere yo kugira ico ambwira, yabanje kunkosora. Yambwiye ko  batavuga « gira ngeni ». Ngo imvugo nziza y’ukuri ni « kira ngeni ».

Amaze kunkosora yaciye angira ku muriri. Yambwiye ko, aho hambere, kuva umwana akivuka gushika agere mu bigero, yaca mu biringo bitandukanye. Kubera ikibazo canje cari cerekeye abigeme, yitayeho ivyerekeye abigeme cane cane. Ngo umwana w’umwigeme yavuka ari umukobwa. Ngo kanatsinda  aba ari uwuzokobwa. Mu nyuma amaze gukura yaca aheza akitwa umurondo kuko yaba ari uwuzorondoka. Mu gihe naho amaze kugera aho yoshingirwa, ngo yaca yitwa umuyabaga. Bishitse umwigeme agateba kuronka umusore amushima, ngo baca bamuha ibikorwa bimutuma aja ahabona mu ntumbero y’uko abaranzi bomubona maze bakamurangira imisore igeze kwubaka.

Ndamubajije nimba imbere y’ico kiringo umwigeme ataja ahabona, yambwiye ngo : « Aho hambere hahise, umwana w’umwigeme yari umunyakigo ». Ngo n’abakeneye kumuranga vyarabagora kuronka ukwo boshobora kumuganiriza. Ngo abatari bake ndetse bakoresha amayeri yo kwisabisha umucanwa w’itabi canke amagezi mu ntumbero yo gushika mu kigo aho wa mwigeme asanzwe abarizwa.

Umwigeme yabuze gose uwumuresha

Mu gihe bishitse ko umwigeme w’umuyabaga abura gose uwumuresha, ngo yaca aja kuba kwa inasenge. Intumbero kwari ukurondera ko yovyaruzanya na bavyara we. Muri ukwo kuvyaruzanya, agaheza akaronka uwumuvyarako maze agaca amubera umugabo. Ngo rimwe na rimwe vyarashoboka ko kwa inasenge ahakura umugabo. Ariko rero, ngo akatari gake vyarashika ko no muri bavyara we haburamwo uwumuvyarako kugira ngo amubere umugabo. Ngo muri ico gihe, yaca asubira muhira iwabo.

Uwo mwigeme yaca abaho gute ?

Binaniranye kwa inasenge, umwigeme yaca asubira iwabo. Ngo aho naho baca bamwubakira akazu gatoyi k’ivyatsi ka wenyene. Bavuga bati : « Uyu mukobwa ntadusubirira mu muryango kuko yohava abera akarorero kabi barumunawe ». Ako kazu ngo niko bita « agahundwe ». Bakubaka hepfo y’urugo maze uwo mwigeme agaca aja kubayo, akazosazirayo, eka mbere akazorinda agwayo. Ni naho havuye imvugo « kugwa mu gahundwe ».

Kubera abo iwabo bataheza ngo bamushingure amaze kugwa mu gahundwe, yaca aheza akazoribwa n’ibikoko vyitwa « ngeni ». Ngo ivyo bikoko ni vyo vyarya abakobwa basaziye iwabo. Ivyo ngo ni navyo bisigura amajambo abwirwa umwigeme yarongowe. Bamubwira ngo « kira ngeni » kubera ko aba akize « kugwa mu gahundwe » maze aheze aribwe na ngeni.

Abantu bahora bihenda, aho kuvuga « kira ngeni », bakavuga ngo « gira ngeni », nibahindure bazohore babivuga neza.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (44)

    1. Mwaramutse…erega aho kubivugira naha nyene..Yaga ntako idakora kugirango tuze turahanahana ubwenge twongere maze twigishanye……Ni nk’ivyahe ubona ko abasomyi bacu woshobora kubabwira ariko ukabura uko ubishikiriza?
      Mugire umunsi mwiza.

  1. Reka Kubesha Abantu:igikoko Ngeni Ntikibaho Honyene Iryo Zina Ntirikwij Ibice.Nta Nteguza Rifis.Ikindi Naco Umukobwo Ntibivuy Mugukobwa Reka Rero Kutubesha Rondera Izindi Nsiguro

    1. Mwaramutse….ni vyiza ko mwerekana amakenga yanyu ariko ni vyiza kandi ko namwe mwoca mwerekana ivyo amatohoza yanyu yotanga maze tubandanye twese tuja imbere mu bumenyi..Hama amajambo yose n’amazina arimwo ntafise ibice bimwe…..hariho ayitwa amazina y’inkomoko, ay’akame, ay’uruharo, ay’urusangi…Urasubira urabe neza uzosanga atagira ibice bimwe…
      Hamwe noba nibeshe, mumbabarire ariko jewe nagerageje gutohoza ku bantu batandukanye kandi mura bo harimwo umuhumure, mu gihe ivyo bitokunyugwisha, nokwongerako ko ari umwigisha wa kaminuza mu bijanye n’ivy’amayagwa y’ikirundi

    2. I jambo ngeni rirabaho uretse ko ryagiye rirahinduka bivanye n’ingene ukoresheje imero nyoroshi. Rero ijambo ngeni ni izina mvarivuga 《kugenya》. Mu bisanzwe ntiyari ngeni ryahindutse ngeni mu buryo bwo kworosha imvugo. Tugarutse k’ ico gikoko canke ivyo bikoko kubazi kinofunofu ingénieurs ni 《rongeurs》izo nazo zikaba zigizwe n’imbeba,imende, …
      Ku barundi ntawutazi ko usamaye ku wawe yahwereye ko wasanga imbeba zitanguye kumurya.
      Aho rero niho havuye ijambo ingeni ryavuye mw’iza mva rivuga kugenya. Umaze kubona uwo kamwe muri utwo du ko ko kariya niho uca utegere neza igituma twitwa ingenyi.
      Uwufise ico arenzako arahamenyereye ijambo.

  2. Gira amahoro. Muragize neza kutuyagira ibijanye n’imico n’imigenzo y’abarundi. Mbe none umusore atashobora kwubaka urwiwe we vyagenda gute?

    1. Umusore nawe atashoboye kwubako, nawe nyene arafise ukwo yafatwa muhira iwabo co kimwe no mu kibano….ndiko ndagerageza kubitohoza,navyo nzoca ndabibayagira vuba cane mu gihe nzoba nahejeje amatohoza ndimwo….
      umunsi mwiza

  3. Ego murakoze. None vyukuri ivyo bikoko vyarya abo bigeme vyitwa » Ngeni  » canke icamuhumukako cose kikamurya caca citwa Ngeni. Ndashaka kumenya ko hari ubwoko bw’ibikoko bita « Ngeni » .none hoho nta bisiga vyashobora ku murya nimba yaguma hejuru ku musozi. Ikindi naco murumva ko agateka kazina muntu katari kubahirijwe. hama kandi simbona ko ubu twovuga ngo  » kira ngeni  » kand ata gahundwe ubu bubaka. Urasubirayo umbarize uwo muhumure ko cari igikoko ico ari co cose camurya kikitwa »Ngeni » canke umbarize iyo ayo mazina yavuye « agahundwe » na « Ngeni »

    1. Ico nemeye ngiye kubaza ko igikoko cose camurya coba caca citwa Ngeni…ariko agahundwe ko ni ako kazu kubakishijwe ivyatsi bamushiramwo inyuma yo guhebura ko ata mugabo azohava aronka…Hama ivyerekeye agateka ka zina muntu, n’isi biciye muri ONU umengo yatanguye kubimenyeshwa muri 1948 inyuma y’ingwano ya kabiri y’isi yose..Ivyo guhonyanga agateka ka zina muntu ntitwovuga ko ico gihe vyoba vyakogwa mu Burundi gusa….Murasoma amayagwa yerekeye Ubulaya eka mbere na Amerika y’ivyabaye mu kinjana ca cumi n’umunani, cumi n’icenda,….

    1. Ndemeye kubandanya ngira amatohoza maze tumenye cane ivy’ivyo bikoko, canke isano vyoba bifitaniye n’inkomoko y’ayo majambo……..Yaga ikidutijije urubuga rwayo tuzomenya vyinshi cane vyerekeye ururimi n’amayagwa y’ikirundi

      1. Ndabaramukij amahoro y’Imana.Ikiyago nagikwirikirany cane ark ndafis ikibazo.Mbega bahebura ryari ko uwo muyabaga atakironk umugabo?Hab ari kumyak ingah?Mbe bamushiz mwakakazu ntibasubira kumukenera ngo bamubone?Bishits akaronk umugabo yaramaz kuja mwa kagahundwe yarabimenyesh abavyeyi knd baramaz kumuta?Kuvyerekey agateka kazina muntu biragaragarako katari kubahorijw.Murakoz muhzagirwe!

  4. Urakoze. Ikibazo canje, Kubera iki none urubanza rwa mariage barwita urubwanza rw’ « Ubugeni » , birafitaniye isano n’ico gikoko citwa « Ngeni »? Ndorereye umuco mumpa.

  5. emwe iyo nkuru ni yo kweri kandi abantu benshi barakunda kwihenda mu kuvuga nabi ikirundi, kandi ubakosoye bagaca bashavura ngo wewe nturi umusirimu. gusirimuka rero abenshi baziko ari uguta akaranga n’imvugo bijanye maze ukibera NYAHWEHWE. Ukaba akabuze vyose, ukaba ntaho mfatwa. ukabura kuba umunyamahanga:kuko ata mahanga uragenda; ukabura no kuba umurundi:kuko ata kirundi n’imico n’imigenzo yaco ugendera.

  6. Emwe ndaguye mu gahundwe, ndatangaye kubona ntarinzi ayo majambo dukoresha iminsi yose.
    Murakoze gose kandi mubandanye muturonsa umuco.
    Mbaze: ingeni, umugeni, kugenesha, … bihuriye kuki?

  7. Aho nokosora gato kugwa mugahundwe no gukira ngeni biratandukanye kuko ako gahundwe kavugwa siko uwo mukobwa yasangukiramwo canke ngo ahambwemwo.Iyo umukobwa canke umuhungu apfuye atarongoye canke ngo arongorwe baca bamujana mwishamba bakamwubakira igisegure ico naco caba ari uburiri bubaka mwishamba bagaheza bakamuryamikako hama bagafato urujo canke ikibarangasya bagashiramwo amazi bagaca bazana ikara ryaka bagaterera muri nyamazi rigaca rizima bisigura ngo »urazimye »bagaca bavuga ko runaka yahambanywe ikara.kubera atarongowe canke ngo arongore.Ivyo babigira kugira ntavyimbe inda ngo ahave aturika.Ico gihe hariho ibikoko vyamero vyaca biza bikamurya.Mwico gihe ngeni caba kimuriye.Iyo rero umukobwa canke umuhungu arongoye canke arongowe baraheza mukumukeza ko acitse kw’Icumu rya ngeni baca bamukeza bavuga ngo KIRA NGENI nikuvuga ko atabarutse babibwira bose.

  8. Ndashaka Kubaza Ko Imvugo » Kugwa Mu Gahundwe » Ikunzwe Gukoreshwa Muri Buri Muce W Ibintu Bije Giturumbuka:
    Aka:~ Namubonye Ngwa Mu Gahundwe.
    ~ Twumvise ko Apfuye,twaguye Mugahundwe.
    ~ Twaguye Mugahundwe Twumvise Ko Yiba.
    None Izo Mvugo Zifitaniye Isano Riki No Kugwa Mugahundwe Twumvise Vyashikira Umukobwa?

  9. Commentaire *ndabaramukije hama ko icogikoko citwangeni nn ko umukobwa bamushira mukazukawenyene kandiyugaranwwe nn icogikoko corya uwomukobwagute?mbehoho uwomukobwa niweyavamwo icogikoko?

  10. Commentaire *murakoze kutwigisha hama akabazo kanje nn icogikoko cari kera ubuho nticoba gihari? Mbega kuberiki ubu tatakibikurikiza? Ubuharabuze abatagira abagabo?

  11. Murakoze cane! Ariko ndababaze: iyomvugo » urakira ngeni » ibwigwa abigeme gusa? Umwigeme naco nukuvuga iki? Mbe konumvise umengo bakorera kunbakobwa babuze abagabo; umuhungu ntivyashika akabura umugore? Nawe vyagenda gute?

  12. Ayo majambo y’ikirundi co kw’itsitso, co kimwe n’ayandi menshi, mbere ikirundi cose uko kiri mu mvugo n’imico kama, ni uvuyigisha kuva mu mashule matoyi. Ahandi ho ejo tuzosanga ururimi rwacu rwaribagiwe na bene rwo!!!…

  13. murakoze kuduha umuco ku makosa twahora dukora . none ko muvuze muti umukobwa asaziye iwabo yaca aja kuba kwa inasenge mbere akazorongorwa na muvyarawe , ubwo bavyara abana atakagorane bafise ko numva ngo abasangiye amaraso baryamanye bavyara abana bafise akagorane ( anomalie ) ? murakoze

  14. N umuhungu naw yarafit imyaka ntarengwa yukurongora aho hamber?nimbayarihari,yaringah?hama ndumva kwatamategeko yarahar akingira abigem kandi ntanurukundo abavyeyi bar bafitiy abana babigeme