article comment count is: 2

Imburakimazi ni bande?

Mu gihe hari amajambo amwe amwe akoreshwa n’abanyepolitike ugasanga ntashimishije bamwe n’abandi, Jean-Marie Ntahimpera aragaruka ku mvugo yakoreshejwe n’umukuru w’umugambwe Cndd-Fdd mw’ikoraniro kaminuza ry’uwo mugambwe riheruka kuba. Jean Marie anagirako atanga impanuro ku bategetsi bakoresha imvugo itababereye.

Mw’ikoraniro ry’umugambwe Cndd-Fdd riheruka kubera i Buye, mu ntara ya Ngozi, umukuru w’umugambwe yise abatavuga rumwe na Leta imburakimazi. Iyo mvugo y’uwo mutegetsi ntiyanshimishije kuko isa n’igitutsi. Ku bwanje, n’imvugo itabereye umutegetsi atwara Inama nshingamateka. Imburakimazi n’umuntu ataco ashoboye kandi ataco amariye abandi. Kuba umuntu ari mu mugambwe utavuga rumwe n’ubutegetsi ntibisigura ko ataco amaze. Mu ntwaro rusangi yubahiriza agateka ka zina muntu, uwo ariwe wese arafise uburenganzira bw’ukuja mu mugambwe yipfuza.

Inyifato ibereye bamwe n’abandi

Turetse ko uwo mutegetsi atwara umugambwe uri ku butegetsi, ni umushingamateka aserukira abanyagihugu. Umushingamateka nawe ategerezwa guserukira abanyagihugu bose : baba abamutoye canke abatamutoye. N’abari mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi nyene. Uwuserukira abanyagihugu rero ntakwiye kwita bamwe mu banyagihugu aserukira imburakimazi. Iyo mvugo y’umukuru w’umugambwe uri ku butegetsi yerekana ko uwo mugambwe utubahiriza abo batavuga rumwe. Kandi abasokuru barayamaze bati « Umwera uva ibukuru ugakwira hose ». Nimba umugambwe uri ku butegetsi n’abategetsi bawukomokamwo badasonera abo batavuga rumwe, nabo nyene batavuga rumwe n’ubutegetsi ntibazoshobora kwubaha ubwo butegetsi. Kuko umuntu, naho yoba ari ku butegetsi, umwubaha kubera nawe akwubaha. Umutegetsi atuka abo aserukira nawe nyene ntazotangare bishitse bamutuka.

Iyo nyifato y’ugutuka abo batavuga rumwe ntikoreshwa n’uwo mutegetsi gusa. Hari n’abamukurira bakunda kuyikoresha. Hari abakunda kwita abo batavuga rumwe intumva. Iyo mvugo nayo nyene ntibahesha icubahiro. Ukwo kuntu bakoresha amajambo mabi nabo nyene biraheza bikabagarukako. Tumaze iminsi tubona  ifoto y’umukuru w’igihugu iri mu bitabu vyabanyeshure bayanditseko bamwita intumva. Ntibinezera umukuru w’igihugu kubera ivyo vyandiko ari igitutsi, ni naco gituma abanyeshure bikekwako batutse umukuru w’igihugu muri ivyo bitabu bamaze iminsi bafatwa bamwe bakaba barapfunzwe. Ariko iryo jambo barikoresheje kuko bamaze kuryumvana abarikoresha mu gutuka abo batavuga rumwe.

Ico twomenya kandi tukanagendera

Abanyepolitike bose, na canecane abari ku butegetsi, barakwiye kwikebuka. Handitswe ngo « Ntukagirire abandi ico nawe udashaka ko bakugirira ». Ututse abandi nawe bazogutuka. Wishe abantu nawe bazorondera kukwica. Ico bamwe n’abandi bomenya n’uko atawuzokwama ku butegetsi. Kuko igihe baba batakiri kuri ubwo butegetsi baba bakeneye nabo kwubahwa, gufatwa neza nk’abandi banyagihugu bose. Abari ku butegetsi bakwiye rero kubera akarorero keza abandi mu mvugo hamwe no mu ngiro.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (2)

  1. ni vyza za murakebura mwebw mufis ubumenyi bukwiy ngira bokwumva.Erega nibo ntumva kuko ntibumiriza kuko vyose banega umutwe atawe basonera mugabo bakita abandi intumva,mujeri,etc.