Insamirizi za hano mu Burundi zirafise ibiganiro vyinshi kandi bikora ku mpande z’ubuzima bw’abanyagihugu nka zose. Muri ivyo biganiro harimwo nka “Tumaranirungu” na “Amahoro iwacu”, ibiganiro bikundwa na benshi kuko hariho abo biha amahirwe yo gutsindira ubushimwe butandukanye. Ariko rero Désiré Sezikeye aragaruka ku nyishu zimwe zimwe zitangwa aho asangamwo izitwengeje zikongera zikanababaza abantu bipfuza guteza imbere ururimi rw’ikirundi.
Mu biganiro bica ku nsamirizi za hano iwacu, hari bibiri nshaka kugarukako. Ivyo navyo ni «Tumaranirungu» hamwe n’icitwa «Amahoro iwacu». Muri ivyo biganiriro rero, abamenyeshamakuru barabaza abanyagihugu baba bagendeye utubazo tumwe tumwe hanyuma uwushoboye kutwishura neza akaronswa agashimwe ndetse akanaronka n’akanya ko kugaragaza umunezero afise inyuma yo kuronswa ako gashimwe. Ariko rero, zimwe muri izo nyishu zitangwa nabo banyagihugu ziratwengeje zikongera zikanababaza.
Izo nyishu zitwengeje gute?
Hari aho nibaza ko bamwe muri abo banyagihugu baba bitavye ivyo biganiro baba bafise ubwoba bigatuma batumviriza neza ibibazo vyabajijwe n’abo bamenyeshamakuru bigaca bituma bishura inyishu atarizo. Izo nazo zigatera agatwengo ababa bariko barakurikirana bene ivyo biganiro. Nk’akarorero hari aho umumenyeshamakuru abaza ikibazo gisaba ko hishurwa izina ry’umuntu ariko uwahawe ijambo agaca yishura ngo “ico kintu” kandi habajijwe “umuntu”. Canke habazwa ikintu uwishura wewe akishura ngo “uyo muntu”. Kenshi rero izo nyinshu ziratuma ababa bakurikiye bene ivyo biganiro basanga batwenza cane.
Muri ivyo biganiro nyene, hari igihe umumenyeshamakuru abaza ikibazo ugasanga nyene kwishura wewe atanze inyishu igizwe n’amajambo tudasanga mu rurimi rw’ikirundi. Akarorero ka hafi, hari mu kiganiro “Tumaranirungu” aho umumenyeshamakuru yabajije ivyitiranwa vy’amazi hanyuma zimwe mu nyishu zatanzwe n’umwe mu bari aho hakaba harimwo ko ivyitiranwa vy’amazi : “umuzi”, “imizi”, hamwe n’ibindi. Muri ico gihe rero, ababa bariko barakurikirana ico kiganiro izo nyishu zirabatwenza narirya nyene kwishura wewe aba asa n’uwiyizeye ku nyishu atanze kandi iyatanze atariyo eka mbere itanabaho.
Hari naho kandi hatangwa inyishu zihushanye cane n’inyishu zabwirizwa gutangwa. Izo nazo zigatwenza abandi bitavye nya kiganiro, ndetse n’abagikurikiye ku nsamirizi. Hari mu kiganiro “Amahoro Iwacu”, aho umumenyeshamakuru yabaza ivyitiranwa bitatu vy’igikoresho citwa ishoka gisanzwe gikoreshwa mu gusatura inkwi. Inyishu zatanzwe n’umwe mu bari aho zikaba zagira ziti: «Ivyitiranwa vy’ishoka ni “ishoka nyene”, “igipanga” hamwe n’ “umuhoro”. Inyishu bene izo rero usanga zitwengeje cane. Ivyo bigatuma ndetse na bamwe bamwe bashira muri za ngendanwa zabo amajwi yazo kugira bazohore bayumviriza igihe cose bakeneye gutwenga.
Izo nyishu zibabaje gute?
Nta muntu n’umwe ayobewe ko abantu badafise ubumenyi bungana. Ariko hari ibintu bimwe bimwe zina murundi yarakwiye kumenya. Ku bwanje nkabona ko bibabaje kwumva bene izo nyishu ziriko zitangwa n’abarundi bavukiye mu Burundi ndetse bakanahakurira. Ikibabaje kuruta, s’abana bato bazitanga ahubwo zitangwa n’abantu wumva ko bakuze ufatiye ku majwi yabo. Ikindi kibabaje kandi n’uko izo nsamirizi zikunda gutunganiriza bene ivyo biganiro mu ntara zo hagati mu gihugu. Aho naho hakaba ariho havugwa cane ururimi rw’ikirundi, hakongera kandi hakaba ariho umuntu ashobora no gusanga bene ivyo bikoresho vy’ikirundi bitagoranye nko mu gisagara. Gutanga inyishu atariyo vyari ibisanzwe ariko gutanga inyishu ukoresheje ijambo ritabaho mu rurimi rwawe canke rihushanye cane n’ico ubajijwe, ku bwanje, mbona bibabaje.
Ni vyiza rero ko abanyagihugu bagize amahirwe yo kuronka abo bashitsi boza barumviriza neza ibibazo babajijwe kugira bashobore kwishura neza maze bakanitaho cane ururimi rwacu kuko ari itunga rikomeye. Hama rero n’abatunganya ivyo biganiro bakongereza agaciro k’udushimwe dutangwa kugira bakabure akenge k’abitegurira kwishura ibibazo.