Muri kino gihe ubuhinga bwa none bubandanya gutera imbere, ikoreshwa ry’amaterefone ngendanwa agezweho ni kimwe mu kurondera amakuru aca ku mbuga ngurukanabumenyi. Prosper Niyonkuru aratumenyesha ko, naho izo terefone zidufasha vyinshi ariko dukwiye kwigerera umwanya tuzikoresha ku neza yacu.
Ugukunda gukoresha cane amaterefone ngendanwa bishobora kutugirira ingaruka nziza canke mbi bivanye n’ingene tuvyifashemwo. Ubu hoho rero ngo zishobora no kudutera indwara yo mu mutwe. Ku ngurukanabumenyi niho dusanga amakuru yo mu mihingo yose, yaba ayakiri mashasha canke ayamaze ighihe. Turahasanga kandi n’ibindi vyinshi bifasha mu kwinezereza nk’amareresi, amasanamu, udukino, n’ibindi vyinshi. Ivyo rero ni bimwe mu bituma abantu bahurumbira ayo materefone kuko ariyo abafasha gushikira ivyo vyose bica ku ngurukanabumenyi vyoroshe.
Ingaruka ziterwa no gukoresha cane ayo materefone
Mu minsi iheze, amaterefone ngendanwa yakoreshwa mu guhamagarana gusa. Ariko uko ubuhinga bwagiye butera imbere vyatumye ayo materefone ahinduka nk’utunyabwonko dutoya tudufasha kuronka amakuru. Ivyo navyo bigatuma tuzimarana umwanya munini. Ubushakashatsi bwagiye burakorwa bwerekanye ko abantu bakoresha cane ayo materefone bashobora gutakaza ubushobozi bwo kuganira no kwumviriza abandi umwanya muremure. Iyo muriko murayaga n’uwuriko arakoresha bene ayo materefone, akenshi, usanga aguma yitabiriza ivyo umubwiye canke akaguma akubaza ivyo uvuze. Ivyo bikerekana ko muba mutari kumwe vy’ukuri. Akenshi mu kuzikoresha umuntu aguma yunamye. Ivyo bituma izosi hamwe n’uruti rw’umugongo bihononekarira kuko bishika umuntu akamara amasaha menshi yunamye. Uko tuguma turaba cane ikiyo ca terefone canke c’inyabwonko, Muganga Kenneth K. Ansraj w’i New York atumenyesha ko bitera uburuhe bungana no kuba ufise umwana w’imyaka umunani kumutwe. Turashobora no kuhandurira indwara z’amaso hamwe n’iminkanyari yo mumaso.
Hari n’abantu benshi bagenda barandika bwa butumwa bugufi canke babusoma mu nzira. Ivyo biratuma umuntu ashobora gutsitara n’ugutemba agatemba canke agasekana n’uwundi. Ubuhoho haribonekeza n’abagendesha imiduga bari kuri za mbuga canke bandika ubutumwa bakoresheje ayo materefone nyene maze bigatera amasanganya. Ayo materefone nyene aratera gusamara mw’ishure. Abanyeshure benshi urasanga bari kuri facebook canke whatsapp umwigisha ariko aratanga ivyigwa.
Gukunda birenze ayo materefone bishobora kuba ingwara
Gukunda gukoresha cane ayo mterefone agezweho bisigaye bifatwa nk’imwe mu ndwara zo mu mutwe nk’uko vyashizwe ahabona mu mwaka w’i 2014 n’umwigisha w’indwara zo mu mutwe yitwa David Greenfieald. Iyo ndwara ikaba ifatiye ku bwoba bwo kuba udafise terefone yawe. Bimwe mu bimenyetso vyayo ni nk’ukudatekana mu mutwe canke umwiheburo utumwe n’uko umuntu abuze terefone yiwe canke ahomvye inkuru ziriko zirayagwa hirya no hino, ugushaka kuguma araba bishasha umwanya wose. Mu gihe imaze gukara, uwuyirwaye ashobora kuguma yikanga ko terefone yiwe iriko irahamagara kandi atari vyo.
Muganga Luigi Brabazzi akaba n’umuhinga muvy’inyifato, amenyesha ko iyo ndwara ikomeye cane kandi iriko iragwira ku bwinshi. Agasaba mbere koyoshirwa mu gitabo c’indwara zo mu mutwe. Mu Bushinwa, abantu bashika imiriyoni 24 boba bamaze gufatwa n’iyo ndwara. Haramaze mbere no kujaho ibigo vyo kumenyereza abantu guheba bukebuke ayo materefone muri Amerika no mu Bushinwa nyene.
None twokwikingira gute?
Jean Mchel Rolland amenyesha ko ukwigenzura ari co kintu ca mbere codufasha kwikingira iyo ndwara. Birakwiye ko umuntu wese yiha umwanya ukwiye akagenzura uburyo akoresha terefone yiwe hanyuma agatandukanya ibimufitiye akamaro n’ibitagafise mu gihe ari kuri izo mbuga. Ibidakenewe akabiheba. Ukwigerera umwanya tumara kuri terefone vyodufasha. Ni vyiza ko tworondera ibindi bituryohera bikaba ari vyo dukora muri uwo mwanya tutariko turakoresha terefone zacu.
Ntakundi None Twogira Dute.
ego birakwiy ko muza muributsa abantu ingene bozikoresha kuko nanj birambabaza cane iyo ndi kumwe n’umuntu akaguma kuri telefone canke iyo ngiye kuramutsa umuntu w’incuti nkasanga ari kuri telefone nkarinda mvayo ata kimwe tuvuganye
mrc kuri remarque
Ubwo btumwa muduhaye,ni bwiza kndi buranyigje vyinsh!ariko ndumva neza ntakeka ko indwara ziterw n’ugukoresh cane ayo materefone na canecane izo zo mu mutwe zamaze kutwinjirana ngaha i Burundi!Uturorero tw’ivyo bimenyetso ntitubuze!
icombona nanje nuko twoza twigerera umwany wogukoresha ayomatelefone kuko nkurwaruka rwinshi harigihe ataco baba bagikira kubwatefone
Vyukuri izo mpanure nizo! mwoshobora kutubgira iminota canke amasaha umuntu yomara kuri Facebook cank whatsapp ?? kuko vyos tubikora kukutamenya.