article comment count is: 0

Guhanisha umwana inkoni vyoba bikwiye ?

Abantu batari bake barazazanirwa mw’ibanga ryabo ryo kurera abana babo. Bamwe bakagira impuwe z’ubuvyeyi ugasanga baratinye gukosora umwana wabo yacumuye maze ugasanga umwana akuze ameze nk’uwuzi ko vyose abirekuriwe. Oscar Niyonkuru asanga guhanisha umwana inkoni bikwiye, mu gihe hatagiyemwo indenzarugero, kuko umwana ahora atahura iyo amaze gukura ko vyari bikenewe ko abavyeyi bamukarira iyo yakosheje.

Kuva kera na rindi umwana akosheje yarahanwa. Baramukubita inkoni canke bakamuha ikindi gihano. Ivyo babikora mu ntumbero yo kumwereka ikosa yakoze kugira ngo ntazosubire. Mu kirundi bavuga ngo  “umwana si uwumwe”. Usanze umwana ariko arakora ibitaroranye, naho ataba ari rwawe, waramuhana kandi umuvyeyi wiwe ntiyababara. Umuzo w’amasomero watumye abarimu bunganira abavyeyi mu gutanga indero. Co kimwe n’abavyeyi, abarimu nabo nyene barakoresha inkoni mu gutanga indero. Umwana yiba, acerewa canke agora abandi, baramukebura hakoreshejwe inkoni.

Uwu munsi ibintu vyarahindutse. Umwana arakura atazi guhanwa ico ari co. Abavyeyi benshi ubahaniye umwana baraguhambarira ndetse bakagutako amakosa. Eka no ku masomero menshi ntibagikoresha inkoni mu guhana abana. Ivyo bituma umwana akura abona ko yemerewe gukora ico ashatse cose. Abarundi barayamaze ngo “wanka kugarura impene ikiri hafi yamara kurenga imirambi ukabira nkayo”. Iyo abavyeyi batikubise agashi, umwana ararendegera agacika ikinani.

None abarimu n’abavyeyi babitahura gute?

Kenshi iyo mpuye n’ikibazo kidahurizwako na bose, ndakunda kwegera abo vyerekeye ngo numve iryo bagona. Bamwe mu bo twaganiriye nasanze badatahura kumwe ingene umwana yorerwa.

Egide n’umugabo afise abana batatu. Yambwiye ko guhana umwana ari vyiza cane. Yavuze ati: “Abana banje narababwiye ko kizira kubakubita kitazira kubahana. Umwana akosheje ndamuhana kandi ntababara kuko aba azi ico yakoze. Rimwe rimwe haraho mbona ko umukenyezi wanje atavyakiriye neza. N’ubwo biri uko, ndabikora kuko ni ryo banga ryanje”.

Alice n’umwarimukazi yigisha abana bato. We avuga ati: “Sinkunda guhana umwana. Iyo bishitse naho, ni hamwe nyene aba yarengeje urugero. Iyo nkubise umwana akarira, ndumva impuhwe nyinshi bigatuma nicuza ico namukubitiye”. Yarongeye ambwira ati: “Guhana umwana umwanya wose bituma atimba ntabe akigutinya. Gutyo rero ntaba agitinya gukora ikosa kuko inkoni ataco iba ikimubwiye”.

Uko indero nziza ikwiye gutangwa

Ku bwanje igihano c’inkoni cogumaho ariko bigakorwa hatarengejwe urugero. Burya umwana muto ntaba aramenya gutandukanya ikibi n’iciza. Abavyeyi rero bomwereka ico ategerezwa gukora. Abirenzeko bakamuha igihano bivanye n’uko angana. Sinshigikiye na gato abimonogoza mu guhana aho bakubita umwana akavunika canke agakomereka. Ingendo nk’iyo ntaho itaniye n’ubunyamaswa.

Kubona naho hari abagira impuhwe zo guhana abana babo, bomenya ko ivyo atari vyiza. Ukurera ni ibanga rikomeye cane. Bisaba kurya umutima amenyo ugahana umwana igihe cose bikenewe. Na jewe ubwanje ndazi ko nahanywe incuro nyinshi mu buto bwanje. Ivyo vyose babikorana umutima w’ubuvyeyi ngo nzogire kazoza keza. Uwu munsi nta n’umwe nidogera ahubwo ndabashimira. Abavyeyi bose n’abarezi barakwiye guhagararira ibanga bajejwe. Abana ni bo Burundi bw’ejo. Nibaronka indero nziza, tuzotera imbere. Atari uko naho, tuzoguma dusubira inyuma nk’ibirenge.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion