Abarundi barayamaze ngo “Uwutaye akaranga aba ataye ibanga”. N’iyo uhevye ururimi kavukire ntaho biba bitandukaniye no guta akaranga. Prosper Niyonkuru aratuyagira uko abarundi atari bake bifata mu kuvuga ikirundi ugereranije n’izindi ndimi.
Kumenya indimi zitandukanye ni ngirakamaro ku bantu b’imihingo yose. Ukumenya indimi nyinshi birafasha mu migenderanire y’abantu n’ibihugu. Ivyo vyose bigakunda iyo hari ururimi ruhuza abariko baragira imigenderanire. Ariko rero, abatembera mu mahanga canke abize indimi zitandukanye baguma bazi ko ururimi kavukire rufise ikibanza ca mbere.
Aha mu Burundi, ivyo gutembera mu bindi bihugu vyatanguye kera. Akenshi, abarundi baja mu mahanga bagiye guca ingero kuko wasanga rimwe na rimwe bishika amapfa agatera mu gihugu. Bamwe baja i Bugande canke muri Tanzaniya kandi bagategerezwa kumenya kuvuga indimi zikoreshwayo kugira bumvikane neza n’abo bahasanze. Eka n’abamisiyonari iyo batiga ikirundi ntivyari kuborohera kutwigisha ijambo ry’Imana.
Akamaro ko kwiga indimi mvamahanga
Muri kino gihe, ivyo kwiga indimi zo hanze ntibikigorana kuko benshi tuziga mu mashure. Uwuzi indimi nyinshi aba afise amahirwe menshi yo gutembera mu bihugu bitandukanye akanarangura ivyo ashatse atangorane. Abadandaza barangurira canke bakadandariza ibicuruzwa vyabo hanze boroherwa ari uko bazi izo ndimi. Ntawokwirengagiza ko n’abakeneye akazi bashobora kukaronka ahatari hake bivanye n’indimi bavuga.
Ingaruka mbi z’ukudakoresha ikirundi
N’ubwo ari vyiza kwiga no kuvuga izindi ndimi, biramaze kwibonekeza ko abarundi batari bake, iyo bamaze kumenya indimi mvamahanga, bataba bacitaho ururimi kavukire. Iyo uriko uratembera mu gisagara ca Bujumbura, eka mbere no mu bindi biriko biratera imbere nka Rumonge, usanga abantu benshi baryoherwa no kwiganirira mu Giswahili gusumba mu kirundi. Abegereye imbibe nabo nyene nk’iz’Urwanda usanga bakunda ikinyarwanda bikanagora no kumenya ko boba ari abarundi koko. Igitangaje rero n’uko ata munyarwanda usanga ariko aravuga ikirundi naho yoba abaye mu Burundi imyaka myinshi. Ugiye mu nzego zikomakomeye nko mu nama nshingamateka canke mu butungane uratangara usanze bariko bavangavanga indimi kuburyo utomenya neza nimba inama canke urubanza biriko biba mu kirundi canke mu gifaransa. Biranantangaza kubona nk’amategeko ngenderwako y’igihugu nk’ibwirizwa nshingiro n’ayandi atanditswe mu kirundi kugira umurundi wese ashobore kuyisomera.
Hariho n’abavyeyi bamwe bamwe usanga bareresha abana babo indimi zo hanze gusa nk’uko womengo si abarundi. Ivyo bituma umuntu yibaza: mbega ikirundi coba kitaryoshe kuvuga canke kirakenye? Haba namba! Ikirundi kiraryoshe kuvuga kandi ntigikenye. None twobuzwa n’iki kukivuga?
Igikwiye gukorwa
Abarundi turakwiye guha agaciro ururimi rwacu kuko ari ryo tunga ryambere dufise nk’abarundi. Kubona abarundi twese duhuzwa n’ururimi, n’ikintu twokwishimira cane kuko mu bindi bihugu atari uko biri. Abo hambere nibo baciye umugani ngo « Uwutaye akaranga aba ataye ibanga ». None twokwemera guta akaranga kacu tubona ? Mbega ko abarundi bose bariko bariga, nitwaruheba twese bizogenda gute? Ku bwanje, nimba dukeneye ko igihugu kiguma citwa Uburundi kandi bukagumana ijambo mu makungu, n’uko twoteza imbere ikirundi kandi tukakivuga aho turi hose naho hoba mu mahanga kuko ariko karangamutima ko kugendera.
Abashakashatsi bobandanya badufasha mu gutora amajambo mashasha ajanye n’ibihe tugezemwo mbere na za kazinduzi z’ikirundi zigategurwa. Ivyo navyo Leta izobigiramwo uruhara runini. Mu mashure, na cane cane mato mato, horwizwa ibitabu vy’ikirundi. Bitagenze uko tuzohava dusanga n’igihugu kiriko kirahindura izina.
Guteza imbere ikirundi n,inkenerwa,ariko rero no m,uburundi nyezina ikirundi ntitukivuga kumwe,nk,ikirundi co mukiyaya kiratandukanye n,ico m,umugamba canke ikivugwa muntara y,ukumuso,none bizokunda gute ko duhuriza kumajambo amwe canke ubwo budasa bwo bwoba buva kuki?
Murakwiye kwiga neza ikirundi mukiga no kucandika imbere yo kwandika kuri izi mbuga ngurukanabumenyi.
Ntawubura agakosa mu kwandika, vyoba vyiza ukadomyeko urutoke tukagakosora canke tukagusobanurira impamvu canditswe uko. Murakoze