Abarundi benshi baracibaza ko gufungura neza ari ukwama barafungura indya zitetse n’amavuta gusa, abandi nabo bakabona ko kwama barafungura inyama, amagi canke bakanywa amata n’ibindi bifungurwa vyinshi vyiza nk’ivyo. Ariko naho biri ukwo, Renovat Ndikumwenayo wewe ahanura benshi ko nyabuna bomenya uko bategura ivyo bafungura kugira ngo babungabunge amagara yabo.
Ukutamenya hamwe n’ukubura uburyo ni bimwe mu bituma abarundi benshi bafatwa mbere bakanicwa n’indwara ziterwa n’ugufungura nabi. Nta n’umwe yokwirengagiza ko Uburundi buri mu bihugu bibiri vya mbere bikenye kw’isi, aho abantu barenga mirongo umunani kw’ijana batunzwe n’uburimyi n’ubworozi nabwo nyene atako bwifashe. Ariko icibonekeza n’uko n’abashoboye kuronka ibifungurwa, mbere banafise n’uburyo, batazi ukuntu boshobora kubifungura n’uko boshobobora kubitegura neza. Usanga abantu bafise akamenyero k’infungurwa bakunda gufungura gusumba izindi bakitwaza ngo izi ziraryoshe hama ngo izo nazo zirabishe. Aho rero bakibagira ko ata mfungurwa ibishe ibaho mu gihe uyiteguye neza. Nk’abantu bamwe bamwe bava mu kiyaya c’Imbo usanga bakunda gufungura inyama n’mutsima w’imyumbati gusa ata n’imboga z’amababi zirimwo. Bahinduye naho bakarya wa mutsima w’imyubati nyene n’ifi. Umwumbati n’igifungurwa gifise ubumara nka amido, ari naho usanga abana benshi baca bandura indwara ziterwa n’ugufura nabi.
Abahinga mubijanye n’ingaburo bavuga ko gufungura neza ari ukwihereza infungurwa zigizwe n’ imigwi itatu y’ingaburo umubiri w’umuntu ukenera. Aha twovuga nk’intanganguvu dusanga mu bigori, ibijumbu, igitoke, imyumbati n’ibindi ; indemamubiri dusanga mu nyama z’ibikoko no mu biterwa bimwe bimwe nk’ibiharage, ibiyoba, isoya n’ibindi tutibagiye insanganyangaburo dusanga mu mboga z’amababi. Ntitwosiga inyuma n’ ivyamwa bitanga ivyunyu vyinshi nk’amavitamine nayo akaba akinga indwara nyinshi.
None twofungura neza gute?
Ugutegura neza infungurwa si ukuzikarangisha amavuta gusa, bimwe benshi bita guteka amafiriti. Ahubwo n’uko abantu bomenya ko infungurwa zitetswe mu mazi arizo zidafise ingaruka mbi nyinshi ku magara y’abantu. Imfungurwa zikarangishijwe amavuta gusa usanga ivyunyunyu vyinshi vyatakaye mbere zigatuma abantu benshi bafatwa n’igwara nk’umutima, igisukari n’izindi.
Muri make, umuntu wese yarakwiye kumenya ko gufungura neza atari ugufungura vyinshi canke imfungurwa ziryoshe gusa nk’inyama, amata, amagi, ifi n’ibindi. Igikenewe n’ugufungura imfungurwa z’ubwoko bwose ku munsi ku munsi zigizwe na ndemamubiri, intanganguvu na sanganyangaburo, ivyamwa n’imboga bidasigaye inyuma. Uwudafise uburyo bukwiye nawe yogerageza kwitunganya muri utwo duke nyene afise. N’ukuvuga nk’uwudashoboye kugura inyama akagura amagi yo atazimvye cane, hama bakamenya ukuntu babitegura abana nabo bakabasha kubafungurira imboga n’ivyamwa kuko aribo bakarirwa cane n’ugufatwa n’indwara ziterwa n’ugufungura nabi. Abarimyi nabo bakwiye kwitwararika kurima ivyamwa n’imboga bakongera bakabifungura ntibabihereze mw’isoko gusa.