article comment count is: 0

Brarudi yoba ishimisha abanywanyi ku rugero rumwe?

Uburundi burafise amahinguriro y’ibinyobwa atandukanye, vyaba ivyambiye canke ibitarimwo umwambiro. Ariko muri ayo mahinguriro yose, Brarudi iguma iza imbere, haba mu burambe muri ico gikorwa, eka no mu bwinshi canke akanovera k’ibinyobwa ishira kw’isoko. Désiré Sezikeye aratumenyesha bimwe mu bijanye n’ukwo Brarudi ikora hamwe n’ico bamwe n’abandi bavyiyumvirako.

Ihinguriro ry’ibinyobwa Brarudi ni rimwe mu mahinguriro akorera ngaha mu Burundi. Muri kino gihe rero, iryo hinguriro riragerageza kuryohora bimwe mu binyobwa risanzwe rihingura rikanazana bishasha tutari tumenyereye kubona. Ariko naho biri uko, bamwe mu banywanyi babona ko iryo shirahamwe rishimisha cane uruhande rumwe.

Ku binyobwa birimwo umwambiro

Haraheze imyaka igera kuri itandatu Brarudi ihinduye icupa ry’ikinyobwa Primus. Iryo hinguriro, mu kumenyekanisha iryo cupa rishasha yavuga uku: « Ya primus nyene mw’icupa rishasha.» Ariko bamwe mu bari basanzwe bihereza ico kinyobwa basa  n’ababibona ukundi kuko bo bavuga ko hatahindutse icupa gusa ahubwo n’akanovera katakiri kamwe ka kera bari bamenyereye. Munyuma ryaciye rizana icupa rito ry’ico  kinyobwa nyene. Iyo Primus ntoyi yaciye ikundwa cane n’abayihereza mbere bakaba batanatevye kuvuga ko iryoshe gusumba nini baca bagirako  bayitazira «Akabaju».

Ata minsi myinshi ihaciye, haca haza ikinyobwa Bock mw’icupa rirerire. Ico kinyobwa gisa n’ikitakunzwe cane kuko caciye gisa n’ikitabandanije kuboneka hamwe hamwe. Ubu naho nta minsi myinshi ihaciye iryo shirahamwe rishize ku mugararagaro icupa rindi rya Amstel ridasa n’iryahahora. Abakunzi b’ico kinyobwa bwakeye bagitaziriye «Akabeshu». Ariko rero budakeye na kabiri Brarudi yarasohoye ikindi kinyobwa citwa « Turbo King » nari menyereye kwumva mu bihugu bibanyi nk’Urwanda.

Umwe mu bo twashoboye kuganira nsanze ariko  arihereza ico kinyobwa « Turbo king», namubajihe  niba abona ko Brarudi ikora neza.  Yanyishuye ati : « Brarudi ikora neza cane kuko ntihengeshanya kutunezereza mu kuduhingurira ibinyobwa bishasha, ndetse no gushiraho amacupa magufi kugira ngo n’uwufise amahera make ashobore kwivuna inyota».

Ku binyobwa bitambiye

Haraheze ikiringo kitari gito Brarudi idashira kw’isoko ibinyobwa bishasha mu vyo dusanzwe tuzi bitagiramwo umwambiro. Ahubwo, aho kuzana bishasha, na bimwe mu vyahahora biragenda bikabura. Aha twotanga akarorero kw’ifanta yitwa Tropical itanakivurwa muri kino gihe. Ivyo dusanga ku masoko rero ubu biguma ari bimwe kandi ntibihinduka. Umuntu arashobora kwibaza imvo zituma iryo hinguriro ryiyumvira kuri bamwe rikareka abandi.

Umwe mu banywa ivyo binyobwa bitambiye twaraganiye,  ndamubajije ko Brarudi yoba ikora neza, yanyishuye agira ati : « Ku bwanje, mbona ko ikora neza buke buke kuko ntinezereza abanywanyi bayo ku rugero rumwe. Ivyo ndabivuga mfatiye ku vyo mbonesha amaso yanje. Aha ngatanga akarorero ku kuntu mbona kenshi bishasha ku ruhande rw’abanywa ibinyobwa vyambiye ariko jeho ataco mbona gihinduka mu vyacu. Nkibaza igituma itatwiyumvirako natwe. Aho ni nko mu kutwongerereza ubunini bw’icupa ry’ifanta. Nk’akarorero zikava kuri centilitiro mirongo itatu zikaja kuri mirongo itanu  canke bakaduhingurira ubundi bwoko bw’ifanta kugira tunezerwe twese ku mpande zose».

Iciyumviro canje

Ku bwanje, mbona ko Brarudi yogerageza uko ishoboye kwose, mu gihe ishize kw’isoko ikinyobwa gishasha cambiye igashiranako n’ikitambiye kugira ngo  iyo migwi yose igize abanywanyi bayo iryoherwe. Nakare abarundi barayamaze ngo «Nta mwana n’ikinono».

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion