Ukwo imyaka ihera, nikwo abantu bahindura ivyiyumviro hamwe n’inyifato. No mu bijanye n’ukwemera Imana canke gusenga, barahinduka. Mu myaka iheze, kubona umuntu agendana Bibliya vyari mw’ibarabara imbonekarimwe. Ariko rero, ubu ico gitabo nti kigiteye isoni kugendana nk’ukwo Désiré Sezikeye abituyagira.
Bibliya n’igitabo kinini kigizwe n’ivyanditswe vyeranda. Ico gitabu canditswe n’abanditsi barenga mirongo ine. Haraheze nk’imyaka igera ku gihumbi n’amajana atanu canditswe kandi kigakoreshwa kw’isi yose. Eka ico gitabu ntigisanzwe ugereranije n’ibindi bitabo dusanzwe tubona kuko coco, ubiravye neza, usanga kivuga kahise, kubu ndetse na kazoza. No mu gihugu cacu c’Uburundi ico gitabu nakuze ndahakibona kandi n’ubu kiracasomwa. Ariko akenshi, ico gihe wasanga kigendanwa n’abantu bake cane. Kuri benshi wasanga kukigendana bias n’igiterasoni.
Mu myaka iheze Bibliya yagendana bande ?
Mu gisagara nabamwo, naciye ubwenge mbona abantu bitwaza cane Bibliya arabo mu mashengero y’igiporoti. Ayo nayo akaba ataragwiriye cane ico gihe. Abayoboke bayo mashengero wasanga bitwaza Bibliya igihe cose bagiye gusenga kandi ryari nk’itegeko. Ntawagenda gusenga atayijanye. Eka mbere hariho n’abandi bashima kwama bazitwaje aho hose batemberereye.
Ayo mashengero wasanga akenshi agizwe n’abantu basa n’abatabayeho neza mu buzima. Abo nabo ugasanga bari bagizwe ahanini n’abatagize amahirwe yo kubandanya amashuri hamwe n’abafise ibibazo vy’ubuzima bikomeye nk’indwara, ubukene, n’ibindi. N’abarongozi bayo mashengero bico gihe wasanga abenshi muri bo bataronse amahirwe yo kubandanya igihe barangije umwaka w’agatandatu w’amashuri y’intango. Ico gihe rero, umuntu yitwaza Bibliya cari nk’ikimenyetso ku bamubona c’uko yoba akenye, atashoboye kubandanya amashuri, c’uko yoba afise ibimugoye bikomeye mu buzima, n’ibindi vyinshi bitari vyiza.
Ubu ho Bibliya igendena bande?
Sinzi ko ari ukubera amashengero y’igiporoti yagwiriye muri kino gihe, kuko ubu uravye neza mu bice bitari bike vy’igihugu, urabona imirwi minini y’abantu usanga bagendana ico gitabu ceranda. Igitangaje, ugerenanije na mbere, n’uko ubu kigendanwa n’imirwi nka yose: abifise, abari hagati na hagati, hamwe n’abakene.
Sinzi ko vyoba vyatumwe n’ibihe biteye ubwoba igihugu cacu cagiye kiracamwo maze bigatuma bamwe n’abandi bumva ko bokwamana Ijambo ribaremesha basanga muri ico gitabu. Ubu, umuntu avyihweje neza, arabona ko Bibliya itagiteye isoni nka kera. Muri kino gihe, abatunzi, abize amashuri menshi, abatagwaye canke ngo bagire ibindi bibazo vyo mu buzima bose barayitwaza. Eka mbere iyo mirwi y’abantu ntikibona nk’igiterasoni no kuja mu mashengero y’igiporoti nk’uko vyabonwa mu minsi iheze. N’abarongozi barongoye ayo mashengero muri kino gihe, abenshi muri bo basigaye ari abize mbere na za kaminuza.
Bibliya rero ubu iragendera muri terefone ngendanwa za bamwe, mu miduga, mu biro vya, n’ahandi. Eka mbere bamwe bamwe ubu iyo bafashe ingendo za kure barayitwaza mw’isaho. Ivyo na vyo rimwe na rimwe biribonekeza iyo umuntu aba ashitse ahari igipolisi mu gihe kiba kiriko kirasuzuma ivyo ingenzi zitwaje.
Ico nohanura abitwaza Bibliya
Novuga ko duhiriwe duhishije kuko ico gitabu gisigaye gikoreshwa n’umugwi munini w’Abarundi. N’igitabu ciza kirimwo amajambo meza cane yafashije benshi kandi hari n’abandi kibandanya gufasha. Ngasaba umwe umwe wese ku rwego rwiwe ko ico gitabo kitoba ico gutemberana mu bantu gusa ngo babone ko asenga ahubwo yobigendera no mu buzima bwiwe bwa minsi yose. Igihe Bibliya izosomwa maze amajambo arimwo akayobora benshi, n’igihugu kizohungukira vyinshi.
Birashoboka ko mu gisagara wabamwo hariho abagatorika gusa. Kuko abagatorika kuva kera ntibashimishwa n’ukubona umuntu wabo asoma Bibliya Yera. Ariko kandi umenga baragize ingorane zo gucapisha Bibliya yabo ngo ikwire hose nkuko tubona Bibliya z’abaporo. Kandi ababizi baravuga ko atar’ubukene bubibatera, ah’ubwo ntibashaka ko abayoboke babo, cane cane abakiri bato, ko bisomera ibiri muri Bibliya. Bakunda kwerekana Isezerano rishasha (ico bita INKURU NZIZA), ariko naho nyene bagashira ubusobanuro bwinshi mu mpera z’urupapuro, kugira ngo umusomyi ntatahure nkuko padiri atipfuza. No mu zindi ndimi, iyo banditse Bibliya, bayishira ko ubusobanuro bwinshi kenshi bugoye no gutahura, kugira ntihagire uwemera ibitajanje n’ivyo abungere biwe bashaka. Ariko Mutima Mweranda (Mpwemu Yera) ntabura inzira yo gushikira imitima yabo yitoranirije.
Jewe sinakuriye mu gisagara, ariko aho nari ndi nabonye abaporo b’Abaglicans (kuko nibo bari batwegereye) batigeze batinya kugendana Bibliya. Vyarashitse naho abapadiri bagira iterabwoba ku bayoboke babo, ku buryo abitwa abalegiyo bakubonye wigana Bibliya n’umuporo, canke wagiye gusenga mu giporo, baca batanga raport kuri paroisse, kenshi yakuviramwo kuja mu bihano vy’Ekleziya: bavuga ngo « baraguciye amasakaramentu ». Ariko bukebuke Bibliya yaje kwitoborera inzira, haza ayandi mashengero nka pentekoti, adventiste, n’ayandi, Bibliya ziragwira, amateraniro asigara abera ahantu henshi, n’abagatorika barashira ubwoba bakaja kwumviriza ibiri muri Bibliya. Ndibuka ko igihe kimwe twagiye kwiga ivyo bita « amafungo ya Pasika » (kwitegurira Pasika), umupatiri aza kutwigisha akoresheje Bibliya Yera. Uwundi musi tuja mu misa yasomwa n’abarimu kw’ishule; umwigisha yasomye ibisomwa akoresheje Bibliya Yera, asigura ariyo akoresheje. Ubu bimeze neza, abagatorika baramaze kubona akamaro ko gusoma Bibliya no kuyigendana, kandi naho bobigisha ibidahuje n’ibiri muri Bibliya, urwaruka rusigaye rukerebutse mu kurondera Imana mu Gitabo cayo: BIBLIYA YERA. Nico gituma Abagatorika basigaye basa n’abatemera bimwe.Hariho abumvira abavyeyi babo cane, mbere ivy’Ekleziya bakabifata nk’umuco w’igihugu, ariko hariho abasomye ico gitabo, bagatinya igitsure c’abayeyi n’abayobozi b’Ekleziya, ariko mu vy’ukuri usanga bafise ukwemera bavoma muri Bibliya Yera. Nagira ndanginze mvugako Uburundi buriko buregereza igihe idini rizosigara ar’irya padiri na pasitori gusa, ariko igihugu cacu kibe igihugu ca Bibliya. Iyo Ijambo ry’Imana ariryo ryiyoboreye igihugu, abantu bose usanga baguwe neza. Niyo mahirwe Imana yipfurije Abanyisraeli, ariko bahitamwo ibigirwamana, bagera naho bica abahanuzi,na Yezu baramugarika. Abarundi ivyo turabizi, twarabisomye, kandi turi mu nzira nziza cane yo kwiyandurira amahirwe Abanyisraeli bataye. Ivyo ndabivuze kubera ko mbona ko Abarundi baganira kuri Bibliya Yera cane, kuruta uko baganira ku mashengero basengeramwo. Kandi tugeze ku ntambwe yo hejuru, kuko amashengero niyo migambwe y’amadini, ariko Ijambo ry’Imana niryo rishobora kwunga ubumwe mu gihugu cose. Icipfuzo canje n’uko twoba « IGIHUGU CA BIBLIYA, LE PAYS DE LA BIBLE » Iman’ibahezagire mwese.
Kugendana Bibiliya ntibisigura ko aribwo bukirisu. Igihambaye si ukuyigendana ariko ni ukuyisoma. no kuyisoma sico gikomeye, igikomeye ni ukwitondera ibiyanditswemwo.
Bibiliya Ni Ijambo Ry’ukuri Kandi Ritanga Ubuzima Bw’ubu N’ubwo Ibihe Bidashira.Kuba Bitagiteye Isoni Kuyitemberana Mu Burundi,n’ikintu Ciza Cane.Icompa Abayifise Bagakunda Kuyisoma,bakiyumvira Kuvyo Basomy, Maz Bakabishira Mu Ngiro.Muri Amerika Mugutera Imbere, Ibwirizwa Shingiro Ryaho Bashizemwo Bibiliya.Ico Gitabo Harimwo Imihezagiro Yose.Ntacohindura Uburundi Ataruko Abantu Bumvise,basomy Bibiliya, Bagashira Mungiro Ico Ibabwiye.