article comment count is: 0

Amavoka n’ikena ryayo ridatahuritse mu Burundi

Mugihe ivyamwa vy’amavoka bisa n’ibiguma bikenye mu Burundi, Felisi Ndereyimana we asanga iyo ngorane iterwa n’uko Abarundi badatahura neza iterambere rusangi

© Photo: Source

Mu Burundi, icamwa c’ivoka gifungurwa na benshi kandi ku bwinshi. Kiretse ko cari gisanzwe kirimwa mu gihugu nka hose, hari n’umugambi wo kukigwiza wari watangujwe na Leta y’u-Burundi. Ariko rero igitangaza benshi n’uko, naho uwo mugambi wari watanguye gushirwa mu ngiro guhera mu mwaka w’2005, ivyamwa vy’amavoka bitiyongereye bishimishije mu gihugu. Ivyo rero bigatuma aba na bariya bibaza imvo nyamukuru zatumye atakarusho kaboneka umugambi wo gutera amavoka mu gihugu wazanze.

Umugambi mwiza ata co wamaze

Umugambi wo kugwiza ibiti vy’ivyamwa, amavoka ari kw’isonga, waratangujwe mu gihugu cose ariko ntiwashitse kw’ihangiro wari wategekanirijwe. Icibonekeje n’uko abanyagihugu batigeze bawufata nk’uwabo maze ivyo bituma umugambi aho gutera uja imbere utera uja inyuma. Aho kwiruhutsa ngo buri munyagihugu afungure ivoka uko abishatse kandi bimworohere kurigura, vyabaye igihushane.

Imvo za politike muvyatumye umugambi ukwama

Vyaribonekeje ko imvo za politike ziri muri bimwe mu vyatumye umugambi wo gutera amavoka mugihugu udatera imbere nk’uko vyari vyategekanijwe. Hari bamwe bawufatanije n’imigambwe nk’uko womenga ibiti vyaterwa vyari guhava vyama amavoka afise ibara ry’umugambwe uyu canke uriya. Abari mu mugambwe uri ku butegetsi basa n’abahimbarwa n’uwo mugambi kurusha abandi naho ivyo biti vy’ivyamwa vyahabwa abanyagihugu bose atakurobanura imigambwe. Ni naho vyavuye ko ivyo biti biterwa no ku mabarabara nka yose.

Mu gihe abari mu mugambwe uri ku butegetsi babibona nk’iterambere rusangi, iyindi migambwe ntiyabibona ukwo. Hari ababifashe nk’amayeri y’umugambwe uri ku butegetsi kugira ngo utware abanywanyi iyindi migambwe.
Ni naco catuma mugihe co gutanga imivyaro abatari mu mugambwe uri ku butegetsi bayitora ariko ntibayitere. Eka mbere hariho n’abatirirwa baraja kuyitora. Ni naho ahatari hake hahavuye haduka umugambi mubi wo kurandura ivyo biti.

Ivyo biti vy’ivyamwa vyarononywe ku buryo ubu womenga ntacigeze gikorwa muntumbero yo kubigwiza mugihugu. Ubiravye usanga atacahindutse k’ubukene bw’amavoka mu gihugu kuko igiciro nticigeze kigabanuka. Ivyo biribonekeza cane nko mu ntara ya Gitega aho kugira usume icamwa c’ivoka ciza utegerezwa kuba ufise n’imiburiburi amafaranga amajana atatu.

Uruhara rw’abatware n’icokorwa kugira ngo haboneke akarusho

Icibonekeje kandi n’uko hari bamwe bamwe mubajejwe intwaro batakoze ico bategerezwa kugira uwo mugambi utange umwimbu wari ugamije. Kuko ahenshi ivyo vyamwa vyatewe ku mabarabara nta na kimwe kikiharangwa.

Nibaza ko hari hakwiye itegeko ribuza kwicira ibiti vy’amavoka muvyari bihasanzwe maze n’uwugiciye agatera bibiri canke birenga. Kuko ntibitahuritse ko haba umugambi w’iterambere uburizwamwo kandi wari uje gufasha benshi. Abarundi muri rusangi twari dukwiye gutahura ko umugambi nk’uwo ata sano ufitaniye na politike. Tukamenya ko uje ku neza ya twese kugira ngo dushike kw’iterambere rusangi rirama.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion