Naho hariho umugambi wa Leta ujejwe guhimiriza abanyagihugu kurondoka ku rugero n’ugutandukanya imvyaro, Renovat Ndikumwenayo asanga vyibonekeza neza ko ishirwa mu ngiro ry’uwo mugambi rikiri ikibazo gikomeye mu Burundi.
Ntawokwirengagiza kumenya ko ukurondoka ku rugero n’ugutandukanya imvyaro bituma umuvyeyi agira amagara meza eka mbere n’abana yibarutse bagakura neza. Iruhande y’ibi, turabona ko igwirirana ry’abantu rirenze urugero rifise ingarukambi kw’iterambere ry’igihugu.
Ukwo bamwe biyumvira ibijanye n’irondoka
Ariko rero naho uwo mugambi wari waje hageze, narirya turi mu gihugu ca mbere gikenye kw’isi, abanyagihugu, na cane cane batobato ntibarawutahura neza. Umuvyeyi umwe twaganiriye mw’ivuriro rikuru ry’i Bururi mugihe nariko ndimenyereza kuvura, akaba yaraje kwibaruka ku ruvyaro rugira kane, yambwiyeko yama yibaruka abanje gukorwa. Ndamubajije abana yoba yipfuza kuzogezako, yanyishuye ko naho boba umunani canke barenga ko vyose bizovana n’abo Imana izomuha. Ndasubira ndamubaza niba atakuntu yosaba impanuro muganga kugira yihagarikishe kuvyara naburya avyara bimugoye, yaciye anyishura ko ivyo atavyo yokora ngo kanatsinda ni igicumuro. Ariko ivyo vyose yavyiyumvira uko kandi vyaragaragara neza ko yoba yava mu muryango utishoboye cane.
Amadini nk’intambamyi kuri uwo mugambi
Amadini ari muri bimwe bituma uwo mugambi uguma usubira inyuma, aha twovuga nk’idini rya Katolika aho ritemera ko umuntu ashobora kurondoka ku rugero n’ugutandukanya imvyaro akoresheje bwabuhinga bwa none bwo kwa muganga. Aha twovuga nk’ugukoresha agakingirizo, agashinge, akagegene n’ibindi. Ariko iryo dini rigatanga impanuro rivuga ko umuntu yokoresha uburyo kama bita kwihangana navyo bikaba bidashobowe na benshi.
Icokorwa kugira habe akarusho
Abarundi barenga mirongo umunani kw’ijana babeshejweho n’uburimyi n’ubworozi mbere butanateye imbere kubera kubura uburyo n’abahinga babinonosoye boshobora kubafasha. Ivyo navyo bigatuma baronka umwimbu muto cane udashobora gutunga umuryango bihagije kubera usanga ari na benshi canke bakaba bafise agatongo gato bigatuma serugo adashobora kwigisha no kuvuza abana biwe vyoroshe.
Mumajambo make, abarundi, na cane cane, abanyagihugu batobato bari bakwiye kwijukira umugambi w’ukurondoka ku rugero n’ugutandukanya imvyaro kuko uwo mugambi ari kirumara mu miryango narirya amatongo yaze. Umuntu wese akavyara abo ashobora kurera kugira ashobore kwiteza imbere yongere ateze imbere umuryango wiwe n’igihugu muri rusangi.
Leta yarikwiye gushiraho itegeko rituma uwo mugambi ukurikizwa bibereye nk’ugushinga igitigiri ntarengwa c’abana umuntu ategerezwa kuvyara maze uwubarengeje nawe agahanwa. Ekleziya nayo yarikwiye kumenya ko ubuhinga bwo kwa muganga bakoresha kugira umuntu ashobore kwibaruka ku rugero ata kabi bufise kuvyerekeye idini. Maze bakareka kubifata nk’igicumuro ariko ko ari bimwe mu bituma amagara y’abantu atera imbere narirya bumwe muri ubwo buhinga butuma abantu bikingira n’ingwara zandukira kandi zidakira nka SIDA. Gutyo igihugu kizoheza kije mu nzira y’iterambere rirama rishingiye kw’irondoka ku rugero.
Merci de voter pour Yaga ici et si vous avez du mal à voter, suivez nos instructions