Photo d'illustration Source
article comment count is: 1

Abarwaye mu mutwe n’umwitwarariko wa bose

Mu gihe aha mu gihugu c’Uburundi hasanzwe hatagwiriye ibigo vyitwararika abarwaye mu mutwe, abatari bake baribaza icokorwa kugira ngo iyo ngorane itorerwe umuti urama. Leta yaruguruye igisata cigisha kuvura bene abo barwayi muri kaminuza INSP. Abanyeshure bariko bararangiza ivyo vyigwa barigiriye inama yo gushinga ishirahamwe ryofasha gusukamwo mabisi nk’ukwo Jean-Désiré Nduwayo abituyagira.

Nta muntu n’umwe ayobewe ko hariho abantu bagendana ubumuga bwo mu mutwe, abo bakunze kwita mu mvugo atari nziza abasazi. Abo bantu rero bari mu bihugu vyose vyo kw’isi. No ngaha mu gihugu cacu abo bantu bariho. Ni muri iyo ntumbero rero Leta y’u Burundi, ibicishije mu bushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu nokurwanya Sida, yuguruye igisata co kwiga ivyo kuvura abafashwe n’iyo ndwara. Ico na co kikaba cuguruwe  mw’ishule ry’ubuvuzi INSP, mu mpfunyapfunyo y’igifaransa. Rero aba mbere buca basohoka kugira ngo bazosahirize umuganga umwe w’umuhinga dusanzwe dufise ngaha mu Burundi. Aha rero abatari bake baribaza ukwo akarusho bizozana kazoba kameza.

Abantu bagendana ubumuga bwo mu mutwe si bake. Bariyongereye cane inyuma y’amagume twaciyemwo mu myaka ya 90. Ubu rero hakaba hariho abanyeshure bariko bariga ivyo kuvura abo bantu. Abo banyeshure rero baragiye hamwe barashinga ishirahamwe ryitwa ABUPROSAME. Iryo shirahamwe rifise intumbero yogufasha abagendana ubwo bumuga kugira ngo bavurwe neza.

Muti none rizofasha iki?

Nk’ukwo uwurongoye iryo shirahamwe yabinyagiye, ngo iryo shirahamwe rije gufasha abo barwayi bacu. Arongera akanavuga ko mu migambi yabo bategekanya gutanguza ikigo kidasanzwe mu gisagara ca Gitega  kizoba kijejwe kuvura bene abo barwayi. Ivyo na vyo bizofasha abantu batari bake vyahora bigora gushika mu gisagara ca Bujumbura kuko ariho hari ikigo benshi bitura. Ndamubajije iyo uburyo bwokubikora buzova, yagize ati: «Twebwe bene ishirahamwe tuzokwegeranya intererano zacu hanyuma twegere abagiraneza batwunganire. Turafise umwizero munini ko bizokunda kuko abo dusiguriye uwo mugambi barawutahura cane». Ndamubajije niba n’abatize canke batiga muri ico gisata bashobora kubakira muri iryo shirahamwe, yanyishuye ati: « Uwo wese yipfuza kudushigikira muri uwo mugambi tuzomwakira kuko umutwe umwe ntiwigira inama».

Ukwo twari dukwiye gutahura ibintu

Utwo twigoro tw’abo banyeshure ni utwo gushigikira kuko bafise iciyumviro ciza. Naho uburyo bugoye, ababishoboye bobafata mu mugongo. Aha twovuga nka Leta, amadini, amashirahamwe y’abagiraneza atandukanye, eka n’abandi bose babishoboye. Leta rero, mu migambi yayo yo kubungabunga amagara y’abantu, yorushiriza gushigikira abagendana ubumuga bwo mu mutwe mu bijanye no kwivuza kuko imiti isanzwe izimvye cane. Hama na twe tugikomeye twotahura tukongera tugafata neza abo vyashikiye bakagwara kuko atari bo baba bavyihamagariye. Mvuze ukwo kuko hariho abantu usanga bariko barakubita uwurwaye ngo yabononeye ibi na biriya kandi na we yabikoze abitewe n’indwara. Gutyo rero igisata c’ukubungabunga amagara y’abantu kizokomera kandi abarwayi benshi bazobitoreramwo akoyoko.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)