article comment count is: 0

Abarondera inyungu zabo mu marerero y’impfuvyi

Turamenyereye kubona amarerero y’impfuvyi, haba ngaha mu Burundi canke no mu bindi bihugu. Ico gikorwa ciza co kwitwararika abana babuze abavyeyi bakiri bato hariho abamaze gutangura kukibona nk’inzira yo kurondera inyungu zabo. Chancelle Bamuhaye araducira ku mayange ivyashitse mu ntara ya Kayanza, aho bene ico kigo cahavuye cugarwa igihe vyari bimaze kwibonekeza ko kitisunze amategeko abigenga.

Mu minsi iheze, nahora nibaza ko iyo umuntu agize iciyumviro co gushinga irerero ryo gufasha abana batishoboye aba ashaka gufasha abo bana koko. Na cane cane ko bene abo bana baba basanzwe bafise ingorane nyinshi k’umutima no k’umubiri. Ariko, ukwo iminsi yahaciye, sikwo nabisanze. Muri kino gihe, abenshi basigaye bashiraho ayo marerero vyitwa ko ari ayo gufasha abana batishoboye ariko bariko bihigira inyungu zabo. Aho twovuga nk’imfashanyo usanga bene ayo marerero aronswa na Leta canke n’ayandi mashirahamwe mva makungu.

Nk’ukwo amategeko ajanye no gushinga irerero ry’impfuvyi abivuga, arerekana neza ko nyene gushinga iryo rerero ategerezwa kuronsa abana aba areze ivyo vyose bafitiye uburenganzira. Nko kujanwa mu mashure, kuvuzwa iyo hagize uwurwara, gufungurirwa, kwambikwa, eka ndetse nibindi. Aho ntitwibagiye uwuba mu kibanza c’umuvyeyi aguma hafi y’abo bana akagerageza kubitaho na cane cane mu kubaha indero n’urukundo kivyeyi. Na cane cane ko muri abo bana benshi baba bakiri bato cane bakeneye uwubitaho.

Ariko rero, hari amarerero menshi usanga ngaha mu gihugu cacu hari abana bakwije imyaka yo gushirwa mw’ishure ariko ntibabikorerwe. Eka n’iyo hagize uwurwara ugasanga no kuvuzwa ntavuzwa, icibagiwe co n’ugufungurirwa bikwiye. Umwana twayaze, tumusanze mwirerero rimwe ryo mu ntara ya Kayanza, yagize ati : « Jewe mama amaze gupfa twaciye tuja kuba kwa nyogosenge hamwe n’uyu mutoya wanje. Ico gihe, yari afise amezi atatu gusa. Hanyuma, haje abantu babwira uwari atureze ko hari ikigo gifasha abana batagira abavyeyi yoshobora kudutwaramwo. Ico gihe, bankuye mw’ishure, niga mu mwaka wa gatanu batubwira yuko nzoca mbandanya kwiga ngeze mw’ico kigo. Ariko maze kuhagera sikwo nabisanze kuko tumaze gushika ngaha ni je nategerezwa kwitaho uyu mutoyi wanje.Kandi, n’ubu tugire dukwize imyaka ibiri, ntibigeze banyereka uwomfasha kumukurikirana. Nico gituma ivyo kubandanya amashure bitabaye bigikunda kuko sinari kuronka uwo ndamusigarana ».

Aho umuntu yokwibaza ati mbega kuki ayo marerero atubahiriza ayo mategeko ayagenga ? Mbega none Leta yoyo iraheza igakora iki iyo ibonye ko agateka k’abana kariko karabangamirwa n’abari bariyemeje kugakingira ?

Igishimishije n’uko Leta yatanguye gufata mu minwe ico kibazo aho mbere itinda igafata n’ingingo yo kwugara bene ayo marerero. Akarorero umuntu yotanga ni nk’ukwo vyagenze mu kwugara ikigo kimwe mu Kayanza. Iryo rerero ryitwa JOH (Jacqueline Orphelin’s House), hafatiwe ku matohoza y’ikigo citaho ingo n’imiryango CDEF, vyaribonekeje neza ko kitagendera ibanga ciyemeje hanyuma kirugarwa. Mu vyatumye cugarwa harimwo ko abana bamwe bakubitwa birenze urugero, eka mbere bamwe bakajanwa no kwa muganga kubera bababaye cane, abandi uagsanga bariko barasaba gusubizwa iyo bazanywe baturutse kubera ukurengerwa !

Aha rero tugaca tugirako dusaba Leta ko yobandanya ihagurukira bene ayo marerero ahonyanga agateka k’abana. Bishobotse, igashiraho n’itegeko ry’ukwo uwoshaka gufasha  umwana yomufashiriza mu muryango aturukamwo. Gutyo vyofasha abana kwisanzura kandi bagakura batunganiwe mu mutima no ku mubiri.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion