article comment count is: 3

Abantu dutegerezwa kugendera ubuntu !

Mu mico n’imvugo vy’abarundi, turakunze kwumva ijambo « ubuntu » akatari gake. Bella Nininahazwe araducira ku mayange ico iryo jambo risigura akanagirako ahanura abantu bose ko bokwihatira kugendera ubuntu kugira ngo babane neza n’abandi.

Mu majambo y’ikirundi hariho amwe amwe asa n’ayariko aribagirwa. Naho biri uko harimwo ayo tutari dukwiye kwibagira na cane cane ko atwibutsa ico turi n’uko dutegerezwa kwigenza. Numva nipfuza ko twogaruka kw’ijambo « ubuntu ». Iryo jambo ntiriri mu muco canke mu majambo y’ikirundi gusa. Rirakoreshwa no mu bindi bihugu bikoresha indimi zitwa « bantu ». Intwari yarwanije intwaro ya karyanishamiryango muri Afrika y’epfo,  Nelson Mandela, yararikoresha cane ndetse rikaba riri mumajambo ngenderwako yashimikirako. Kuri we, yabona ko umuntu abaho kubera abandi.

Mu Burundi, bavuze ko umuntu afise ubuntu kwaba ari nko kumuhayagiza. Ubuntu rero bwerekana ubutwari bwa kiremwa muntu. Iyo umuntu atagendera ubuntu, baramugaya ndetse bakamugereranya n’igikoko. Ni naho havuye imvugo « kugira umutima runtu » canke « kugira umutima w’igikoko ». Kera, iyo bavuze ngo kanaka afise umutima w’igikoko baba bagaye inyifato yiwe. Baba bariko baranegura imigenzo yiwe kenshi bakamusaba kwikubita agashi narirya kuva kera abarundi barangwa no gukeburana. Iryo jambo kandi ryaragaruka cane mu gikorwa co kurera abana aho bavuga ko umwana ategerezwa kugira indero runtu. Mu ndero runtu bashimikira cane ku kwubaha zina kiremwa muntu, na cane cane kwumvisha umwana gusonera abamusumba. Ubuntu rero ni inyifato ibereye, ijanye n’ubutwari zina muntu wese yari akwiye kugendera.

Muti twogendera ubuntu gute?

Kugendera mu nyifato runtu ntivyoroshe ariko baca umugani mu kirundi ngo « akagumye bagumako ». Nk’abantu hariho ivyo dutegerezwa guheba kugira ngo twitandukanye n’ibikoko. Kugira ubuntu bisaba kugira umutima w’urukundo, witwararika ineza ya bose. Umuntu afise ubuntu yerekana ubutwari n’uburwaneza. Atunganiriza uwumwituye wese ataravye nkunzi. Umuntu afise ubuntu arazwa ishinga no guhuza abafitaniye amatati.

Umuntu kugira ngo atere imbere abwirizwa gufata ukuboko mugenziwe bakajana.  Uwugendera umutima runtu arangwa n’ubwitonzi. Arumviriza akagerageza gutahura uwo badasangiye ivyiyumviro. Desdemond Tutu, Umwepisikopi yaronse n’agashimwe ko guharanira amahoro mu 1984 atubwira ko umuntu w’ubuntu yugurukira kandi agatunganiriza bose. Ashimikira ku civugo ngo « Ndiho kubera uriho !». Akaba nawe yakoresheje cane iryo jambo mu gusubiza hamwe abari bacanishijwemwo n’intwaro ya karyanishamiryango. Kugira ubuntu ni ukwumva umubabaro iyo mugenzawe, umubanyi, uwo mwigana canke uwo mukorana ashikiwe n’ingorane. Umuntu afise umutima runtu arazwa ishinga no kubaho neza kwa mugenziwe. Iyo mugenziwe ashikiwe n’ingorane, aho kumwararaza aramuba hafi ndetse akamuhanura. Nakare ngo « umuntu agirwa n’uwundi ». N’uko rero tugire ubuntu. Twame twibuka ko turi abantu maze tugendere ubuntu naho bitama vyoroshe. Nta nkeka ko benshi muri twebwe dukunda intwari Mandela, we yashoboye kugendera vy’ukuri ubuntu. Kitubere icirwa natwe turangwe n’ubuntu aho tuzoba hose eka no mu vyo tuzoba turiko turakora vyose.

Est-ce que vous avez trouvé cet article utile?

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (3)