Mu Burundi, kwubakana n’uwo mudasangiye idini birashoboka ariko hariho akagihaze. Rimwe na rimwe haribonekeza abakozi b’Imana babera intambamyi abakundanye bakababuza kwiyubakanira ngo n’uko badasangiye amadini maze bigatuma bamwe banafata ingingo zitabereye nk’uko Rivardo Niyonizigiye atuyagira ivy’uwahuye n’iyo ngorane.
Aline ni umwigeme twiganye mu mashure y’intango. Mu minsi iheze twahuye kandi nari numvise ko ari mu migambi yo kuja kwubaka. Ndamubajije ivy’italiki y’urubanza rw’ubugeni yahatswe kurira. Niyumviriye vyinshi. Niko kumbwira ko adashaka ko tubivuga kuko ngo patiri yabimwankiye. Ndamubandanya arateba ambwira ko patiri mukuru yanse kumuha uruhusha kuko ngo yashimanye n’umusore w’umuporoti wo mw’idini rya Angilikani. Ngo ni naco catumye baguma basivya urubanza incuro zitari nke.
Ishari hagati y’amadini
Ngo aciganira patiri ko yashimanye n’uwudasengera muri Gatolika, kandi bamaze kwemeranya kurushinga, ibintu ntivyoroshe. Uwo mukozi w’Imana yarahinduye isura biraboneka koko ko bitamunezereye. Aca amubaza ngo : “None warabuze uwo ushima mu bo musenga hamwe? Canke aha hoho ntiduhezagira ingo?” Wa wacu ntaco yaronse avuga. Ngo imvugo yakoresheje ntiyari ayiteze kuri patiri.
Ku bwanje ntiyari gutangara kuko niko biri. Abaserukira amadini bariyorobeka ariko nta nkeka ko bafitaniye ishari. Iryo shari rirumvikana no mu majambo amwe amwe avugwa n’abayoboke b’amadini dufise mu Burundi. Umwe wese anezerwa no kubona aronse abayoboke benshi.
Bari bamutumye gutanga imperezwa hamwe n’amahera y’udukorwa dutoduto two mw’isengero. Ayo yose yarayatanze. Eka mbere ngo n’ay’umubano atatondamwo yarayatanze. Aho hose bagenda baramuhaniranwa. Atevye agashika kwa patiri yibaza ngo agiye kuruhuka, naho shwi. Yamubereye ifuro ry’igiti maze aguma amuha amasango adahera.
Ku mvo z’urukundo n’ubukene
Vyakabaye kera yaratevye arahishuka patiri, aramubwira ko icamutumye yiyemeza kwubakana n’uwo muhungu ari kubera ko ubwambere amukunda. Ngo ikindi ni uko wewe umuryango wiwe atako wifashe kuko abana na sekuru ashaje cane kandi bafise agatongo gato ata n’umuvyeyi afise. Nta ncuti yari afise zo kumufasha ariko uwo muhungu yamugumye hagufi, aguma amufasha gushika aheze amashure. Ngo yamubereye nk’umuvyeyi.
Patiri yaciye amutuma kuzana uwo musore bashimanye. Ngo amushikanye yamusavye ikintu kimwe: “Emera wongere unsinyire ko abana muzibaruka bose bazorererwa muri Gatolika!” Baruumiwe, baraburanigwa maze umusore abura uko abifata. Ishavu riraniga ariko ararimira ahitamwo kubwira patiri ko bagiye kuvyiyumvira.
Amadidane ku ngingo yo gufata
Aline yambwiye amajambo yambabaje cane. Yavuze ati: “Dusanzwe tuzi ko ukwemera kuba mu mutima w’umuntu. Umuntu arafise uko yiyagira n’Imana. Nivyo turabifashwa n’abandi ariko ntawokwigira umuhinga kurusha abandi ku Mana. Mu gihe batubwira ukwo mbega baba bariko baronderera abana ubweranda? Canke ni ukurondera abanywanyi benshi ku nyungu zabo gusa?” Ku bwa Aline rero n’uwo bazubakana, ngo ntakuntu abana bovukira muri iryo zinguzingu. Ngo ntakubagira imbohe.
Narumvise njanywe cane. Imbere yo kumpa ikiganza ansezera yambwiye ati: “Mugenzi, jewe nariko nkurikiza uko umutima wanje umbwira. Narasezeraniye Imana ko ntazohindura idini kuva nkiri umwana. Nanse kubundabunda ariko uwo nari niteze ko abimfashamwo niwe antumye guca mu canzo. Ndagiye mugabo, intuntu mfise simbona uko izomvamwo.”
Ngo mu mutima yumva yiyagiriza ariko ategerezwa kubikora uko. Yambwiye ko babihevye agiye gukora ico yari yararahiye. Agiye kuja mw’idini ry’umuhungu yari yaravyanse.
yes amadini sinibaza kariyo mana,Islam ivuga ngo umuhungu wiyindi ntakabane nu mumwislamukaze,gatolika uko abapoloti uko turetse botugiriki?ntaco urukundo nimana yaruduteyemwo kuberiki abisi aribo batubuza uburenganzira imana yacu yaduhaye!ukombona batujana habi pe
Uvuze ukuri. Imana si idini na gato.
Amadini yose suko arayukuri,ayazoduhuvya azodutesha n’ijuru!none ko basanzwe bakundana badasenga hamwe umuhungu akavyemera.ugasangwa muri « anglican ata mananiza »,numva yovyemera.s’abana ni bahitemwo gusa ico nshimira aline nuko yahanuje patiri knd uno nawe akamubwira ivyabandi bomubwiy.
Birababaje caane kandi nivyo amadini arafitaniye urwanko rubi cane.Igitangaje bigisha urukundo kubayoboke bababo.Hagati y’amadini hari igihome gikomeye.Ariko jewe ntibintangaza caane.muti kuki??
Petero mweranda yarinze atandukana na Yezu ataratahura ivy’ukwemera.
Mu vyakozwe nintumwa Chapitre 10,1-34….. yarazi ko Saint Esprit ataja kuba pagani kubera bafatwa nkibicibwa.naw nyene vyaramugoy kujayo bubera abayahudi n’abo bita abanyamahanga benenana. Petero yahavuye ajayo kubera indoto yari yeretswe.muravyisomere.
Yatahuye ko Imana itagira nkunzi Saint Esprit ashungurutse no kuba pagani!! Yarazi ko mutima mwranda atoja kuba pagani.Aca aratahura ko Imana itagira nkunzi!!ikunda umugororotsi!! juste.
None nohanura ko abarongozi b’amadini boheba izo nyigisho mbi z’urwanko mu madini!bari muri Catholika,protestants n’ahandi….Ndifuza ko igihe kimwe ko amadini azotumirana akagenderanira
Ivyo nukuri kwigendera,ariko nibaza abashimanye bokumvikana kuko nubundi ntiwobana nuwo utashimye ngo nuko musangiye idini,mwokumvikana umwe agahindura erega bose bavuga IMANA kandi urumva bose bafise ishari
Nibiyizire muri islam vyoroshe!
Aline wee!niwigire urongorwe padiri nawe urumva ko ashaka kwagura umuryango w’Ekleziya nta kundi waramucumuyeko wotombora ugasanga Imana nta co ikugayako ndakuremesheje ko ari amahoro kandi ugerageze kwikuramwo ko umenje mu kuva mw’idini kuko idini nyakuri ni ugufasha impfuvyi n’abapfakazi.murakoze
c’est dommage vraiment!!! abapitiri nkabo bakwiye guhindura ingendo, kandi niwacu niko bimeze, ntawushobora kwubakana nuwo badasangiye idini , bibaye naho bamutegeka ko ubugeni buzabera muri catholique kandi ko nabana bazavyarana bazabatirizwa muri catholique nyene. kubwanje nabona ko ayo macondition atobayemwo mugihe batwigisha ko habana abakundana kd ko urukundo nagwo rutagira imbibe. Aline kubona arenze kuvyo yari yiyemeje ndamushigikiye kweri kk ntakuba imbohe y’idini iri canke ririya. gusa yabigenza bukebuke, agasiga asezeye uwo mupatiri kugira nohanyuma azahakure icigwa.
Je ndibaza ko dukwiye kumenya gutandukanya ibintu n’ibindi!Mwese mbona muvuga ngo nta dini rijana umuntu mw’ijuru,none nimba Imana ar’imwe,amadini nayo akaba 50.000,ntimwumva ko har’ababeshi?Ukuri ni kumwe,iyo habaye abakwiyitirira barenze umwe,haba harimwo umubeshi,n’amadini niko k’uko!Urukundo ruza imbere y’Imana?Je mbona tworeka kureng’akarimbi,uyo mupatiri yakoze ivyo ategekwa n’amategeko nta kosa yakoze!Hama uyo mukobwa nawe nimba abona ko yokwirikira umuhungu,nta wumuboheye urusyo kw’izosi arashobora kwigira!Abantu b’ubu dusigaye tugoye,iyo ivyo dushaka bitagenze nk’uko tuvyipfuza,duca duta akanwa tukavuga nabi,ariko si vyiza!
Nta dini,nta shirahamwe ritagira amategeko aline arabizi uko bigenda n’uko!ingingo ifatwa numuryango abawugize bakayikurikiza.arafise nuburenganzira n’umwidegemvyo vyo guhitamwo atari uwakunda gusa ariko n’idini co kimwe n’ibindi.none patiri abifisemwo inyungu ki?harico bapfa?usangwa idini abona ko arikunda atorihemukira n’akurikize ivyo ritegeka.ambabarir nshobora kuba ndamutonetse ariko nikwo kuri hakora ingingo s’ukworohereza umuntu.
Urakoze cane ku ciyumviro cawe. Mugabo wumve neza ko bagomba ko asinya ngo abana bazoze muri Gatolika. None ku bwawe, wumva ivyo ari vyo ko n’aho twokwizera ko bazoroka ivyo bibondo; ntihari n’aho vyovuka mbere vyishakira kuba mW-idini rya isalamu? Amategeko ndayumva, mugabo ntibayaremereze gushika hiyo.
Bimeze uku:aline agma muri katorika agahezagirwa n’aho umugabo badasangiy idini,Imana ibahezagije ibibondo naho,bino bigira ubwigenge bwo guhitamwo idini bishikanye imyaka 18.Aho hose yiyemeza gukora uko ashboy kwose bikagumayo kand arabibatirisha.S’agahotoro rero hubwo na aline ivyo ashbora kba atarabizi!
Je mbona umenga ntitwoshwanira patiri kuko we akora uko amategeko y’ekleziya avuga . icombona ko aline atipfuje guhemukira katorika niyumvikane n’uwo bagiye kubakana yemere baharere abana kuko nawe nyene haramureze canke atange akabayi
Amadini afitaniy urwank rurenze,rero aline niyihangane asabe imana imuhe urugo rwiza kuk atazoruhabwa na pasta cank na patiri
Une bonne décision prise par Aline!! Je la félicite beaucoup
Birababaje cane kwumva ibintu nk’ivyo.None abavyeyi sibo bafise ibanga ryo kumenya inzira bacanamwo abana babo gushika bakure bashike aho bo nyene bifztira ingingo?Ni kuki Padiri yab’ obligeant ? Nibareke abishimaniye bubakanr uko bavyumva batarenze amategeko y’Imana n’Igihugu. Jewe ni uko ndzcyumva
Bavukanyi, amateka y’Ekleziya ni ko abivuga! Muri twebwe nta n’umwe afise ububasha bwo kuyahindura! Mu bisanzwe umukatolika yabwirizwa kwubakana n’umukatolika nyene. Ariko kubera bishika agakundana n’uwutari umukatolika, ayo mateka avuga ko haba ico twita « dispense ». N’ukuvuga ko ko iryo teka baritezura kuri uyo muntu. Ariko asabwa ko abana barererwa muri Ekleziya kuko umukristu-katolika n’aho yoraganira ahandi aguma afatwa n’indagano z’abubatse b’aba Katolika. Muri izo ndagano ku bijanye n’abana yemera kurera abo bana akurikije amabwirizwa n’indero vy’Ekleziya (cf.rituel de ce sacrement). Si question yo kugira aba membres! Kuko benshi baza ariko atari abemera mu mvugo no mu ngiro basumbwa na bake neza. Ayo mateka aravuga ko Umukristu katolika naho yovuga ngo arayivuyemwo (hari n’abandika amakete) ntaba agiye. Aguma ari umwana w’Ekleziya avyemera canke atavyemera! (Ni nka kurya umwana amaze kuvyarwa n’abavyeyi, baguma ari abo n’aho yorondera abandi bameze gute ntasubiza inyuma processus yatumye avuka ku bavyeyi ngo ace avyarwa n’abo bandi! Adoption ni mu gihe c’ingorane.?None rero twirinde kutyoza ivyo tutazi, tubaze kandi vyotwubaka gusumvya.
Bwana Lin Ndayiragije, twereke ahantu handitse mw’ijambo ry’Imana ko Ekleziya Gatorika ariyo ivuga ukuri yonyene. Twereke ahantu Imana yavuze ko uwusohotse muri Gatorika yama yitwa umugatorika vyanse bikunze. Yezu ntiyashinze Ekleziya Gatorika muramubeshera. Ekleziya n’ijambo ry’ikigiriki mu kirundi n’Ishengero. Niba wemera ko Yezu yashinze iryo shengero, nta numwe arigobererako, uryinjiramwo ushatse, ukarivamwo ushatse. Yezu ati: « Ni jewe rembo, kandi uwushika mu rugo wese aciye muri jewe arakizwa, agataha, agaturuka, akaronka icanya (Yohani 10: 9). Iryo shengero ribuza abantu gusohoka, ntiryashinzwe na Yezu. Mw’ishengero rya Yezu, dushobora kuvamwo, canke kugaruka n’uburenganzira twahawe n’Imana. No gucumura, jewe ni jewe nihitiramwo kwirinda igicumuro, igitsure ca padiri na pasitori nta mwanya gifise mu kwizera kwanje. N’abayobozi, turabubaha, ariko ntibombuza kwubakana n’uwo nipfuza. Wanditse ngo » amateka y’Ekleziya niko abivuga! ». Ekleziya ifise amateka mabi cane, urabaza ivyo yakoze mu gihe c’umwijima (Moyen Age), yishe abantu benshi, kandi n’ubu uwoyiha akanya abatayemera nta mahoro bogira. Uretse ko turi mu bindi bihe. Kandi bishobora guhinduka igasubirana ubutegetsi, kuko ubuhanuzi burabivuga, ariko izoba igeze kw’iherezo ryayo (Daniyeli 11: 32-45 canke Igitabo c’Intambara ihambaye, canditswe na E.G. WHITE, kuva ku gice ca 5 gushika kuca 14). Ivyo vyo kubuza abantu kuja kurongorwa n’uko vyakomotse mur’iyo myaka, Ekleziya yitwaza ngo niyo igororotse gusumba vyose, ngo niyo yimika abami, n’ubundi bubi bwose yakomoye ku gipagani ca Roma.
Ni mureke abantu bashinge ingo zabo, basenge Imana bayimike mu mazu yabo, bisomere Ivyanditswe Vyeranda, bahitiremwo amashengero bashaka. Nta caha kiri mu Njili co guhindura idini, ico ni mwe mwacanditse. Yezu bamusoye mw’isinagogi, arasohoka, yigira mu yindi. I Yeruzaremu, ntako atabagoragije, biranka, bitwaza ivyo vy’idini ngo nibo bafise ukuri kudahaririawa. Yezu ababwira ngo » Kuva ubu inzu yanyu ndayibatanye ar’umusaka ntimuzongera kumbona » (Matayo 23: 38-39), arasohoka, ashinga iryiwe, ryahavuye rikitwa iry’Abakristu. None kuki mweho mwofata umuhungu canke umukobwa w’Imana uko mwishakiye, ngo nta burenganzira afise bwo kwigira mu baporo, canke mu Baventisi, mbere no mu ba Islamu, canke mbere na vyose akabireka. Kuko Imana ntiduhatira kuyisenga, iduha umwidegemvyo wo guhitamwo.
Birayobeye nukuri.mbega aba patiri nibo babubakira??nibo babaha intumbero yubuzima bwanyu?Imana niyo yonyene iguha intumbero yubuzima kuko niyo ibutanga.None uwo mudasenga hamwe bisigura ko acaba umwansi wawe??Imana niyo rukundo l,nimwikundanire basha.hama mugendere kuco Imana isaba muzorushinga kandi rugume nabo bazotangara.
urabesha kuko katolika nayandi madini barahana abageni
ivyo kudahana abageni biri mri pentekoti
Nta kugira amadini abiri, ahubwo patiri yarakoze kubafasha ngo bazobane basangiye vyose
Urakoze kuduha iciyumviro cawe ariko none uvuga ko mu gihe wubatse ugoberewe ko ariho ubaho mu mahoro?
Rivardo,
Ndagushimire ku ntererano ikomeye watanze. Ni témoignage très frappant. Iyindi bishaka gusa. Muri 2001, un frère se décida se marier à 19ans avec une fille de 18ans. Arrivé chez le Curé de l’une des Paroisses du Diocèse de BURURI, celui-ci lui dit qu’il est encore trop jeune pour se marier. Le frère, très furieux de voir le Curé vouloir bloquer son projet, lui dit qu’il reviendra après 10ans quant il n’y sera plus Curé pour un mariage religieux et le Baptême des enfants. Dieu merci en 2011, le dit a été le fait, le frère a procédé au mariage religieux avec baptême de ses trois enfants.
Leçon: Ce ne sont pas les hommes d’Eglises qui sont un handicap de mariages inter religions mais chacun d’eux a une façon de concevoir un cas qui lui est soumis outre que les cas normaux.
Bien dit Monsieur Francis, l’Eglise est une institution mais à l’intérieur, elle a une multitude de comportements qui diffère d’un individu à l’autre. Ton témoignage ressemble au mien dans la mesure où ils présentent des cas particuliers, des cas concrets et réalistes, qui souvent blessent ceux qui regardent l’Eglise comme la résidence de Dieu.
Amashengero Y’ubu Yabaye Nk’urudandazwa Umenga Bariko Barafuyana!Gusa Urukundo Ntaho Ruhuriye N’idini.Hubakana Abashimanye Bikundaniye Nta Bindi.
Uwo Mu Patiri Yaramukorey Ikosa Rikomeye Cane Kuko Yamukuye Mw’isezerano.
Je ne suis pas catholique mais d’un côté, je peux donner raisons à ce prêtre et d’un autre côté NON. Pourquoi c’est toujours mieux que deux personnes qui se décident de devenir une personne par un lien de mariage, aient la même conviction dans tout, même croyance, cela facilite la prière. Cela facilite le dialogue, à partir de la Parole de Dieu. Reconnaissons que les religions n’ont pas la même croyance, ni la même doctrine, ni les mêmes coutumes. Donc, au lieu d’avoir des divergences à cause des croyances vaut mieux n’est pas le faire. Les fondements de l’amour et de l’union conjugal sont fondés sur plusieurs choses.
Exemple: Vous avez dit que:
Le garçon est de la religion anglicane
La fille est de la religions catholique
Ma question serait de demander est ce que ce garçon et cette fille, ils étaient convenus quoi ? que l’un reste catho, l’autre anglicane , pour moi premier erreur,
avant de fonder un foyer, il faut parcourir tout les horizons afin qu’après, il n y est pas de divergence qui engendre des conflits dans le couple. Pas seulement pour la religion mais dans tout les domaines de la vie du couple.
En fait, pas de communion dans la prière si vous n’avez pas la même croyance, écoute moi bien ce n’est pas la religion qui nous font de bons chrétiens ou qui conduit au ciel après la vie sur terre mais c’est dans la religion, nous y trouvons les bases fondamentales qui nous aident à grandir dans notre FOI et trace notre chemin pour aller au ciel, la vie du couple ne s’arrête pas ici sur la terre seulement. Il faut penser au delà. Donc, aline devait rejoindre la religion de son futur époux ou l’inverse. Voila. Il faut partager la Foi et l’église. Normal est VRAI. Prêtre avait raisons.
Pour les enfants, là je n’en dirais pas plus, le prêtre s’est précité pour cela mais au reste je lui donne raisons.
c’est à l’âge adulte là où tu comprends que tu peux décider de changer d’aller ailleurs mais pour un bon mariage la même église est primordial.
Biraruhisha imitima yabantu biraba muga bashatse bovyihamwo amahoro,idini ntaworihitamwo kuwukunda. kuko nubundi idini nyakuri ribonekera murukundo bafitaniye niko na Imanibivuga.
chanson: urukundo mufitaniye nigo ruzobabera ….(excusez mes trous de memoire)
Buriya Idini Y’ukuri N’idini Yigisha Urukundo Rero Mugihe Patiri Yivanze Murukundo Rwababiri Aba Umwansi Kandi Iyo Atorohereje Uyu Cnk Uriya (ex: Aline)knd Mubisanz Umukobwa Ntagira Idini Kuko Umukobwa Akurira Kugenda Ntamenya Aho Aja Cnk Ashima Ok Mr6
Idini ryose rirafise imico n’imigenzo ivyo ntimwobifatirako kuri catholika kuko izindi zozo ntizitanga nayo mahigwe yo kubana mudasenga hamwe!!!rero muri catholika ahubwo ni heza caaane Uwo Aline ntiyari kunanigwa no gufata ingingo y’abana atarabona ataramenya nico bazohitamwo!!!
idini ni « dicipline »,dicipline nayo n’umuntu ayishinga murugo rwiwe abiheshejwe n’amabwire canke amabwirizwa,amategeko Imana yanditse.
Idini ni umwumvire umuntu azana akoresheje ubwenge bwiwe muntumbero atakindi ziwe kubwiwe gusa atakindi atari kudu conditionna mwishusho ryiwe we nyene,kubwinyungu ziwe gusa.
Idini ni umwumvire w’umuntu yihitiyemwo ngo ashutswe n’abayoke baryo kubw’amategeko bizera ko ariyo abaha kwiyumva murugo kwa se,ariko n’ivyo imitima yabo iba ibasaba.idini riza kutubwiriza ivyo tugomba gukora ngo tuzobone ijuru kandi ryo ubwaryo ridashoboye kurishikamwo.izo ni zo mbwa,amabingira bible itubwira…ziduhamagarira ijuru knd zo ubwozo zitazoribona,ubusuma,ubusambanyi n’ibindi vyose Imana itubuza,twabibohewemwo tubisanze muma dini,ububeshi butujana mubinyoma vyo murundi rwego aho twifata uko tutabitegetswe n’umutima.iki kimwe muvyadutandukanije n’Imana.idini,ubwaryo arico cagitwikirizo Umwami yadukuyeho ngo twizere twemere gucishwa bugufi imbere yubushake bwayo twumvira mubitima yacu.
Nitwebwe abantu twisabiye amategeko y’idini.kugira ngo tubeshweho nayo ma philosophie akomokamwo,n’ayo ma discipline,psicologie…nibindi vyinshi biriko biratwica twe tuzi ngo turera ntacaha dufise ngo nuko twakoze ivyo Pasteur,patiri,shehe,canka pâpa…ashaka.batwibagiza ko bakomoka kuri Adam atakindi bashobora atari gukora Ivyo Imana yagize umuziro.
Ivyo nivyo Imana yaje gukuraho biciye Mumwana wayo Yesu,ariko kubizeye gikorwa yakoze kumusaraba gusa.bakemera bakakira Imbabazi z’ivyo vyaha bagirijwe n’ayo madini,bagizwe imbohe n’amabwiriza yobo kunyungu zabo bwite.ukuruha kwose ,n’imvune zose,ugukena kwose,indwara zose…ntahandi twabikiriye atari muri Kristo gusa kandi ivyo twabikorewe rimwe gusa bibe bihagije iteka ryose.
Abakiri mumyumvire y’amadini naho ariyo vyito ko ayoboye isi mbasabira gukanguka babone ko twashutwe duhendwa gusa babireke hama bizere.
Courage à tous ceux là..inzira z’Imana zitandukanye n’inzira z’abantu.Imana yarengeye amadini yabo bakundanye kugira ibahuze kubwayo yonyene bwite.kuki amadini n’imyumvire ataco ikimaze vyoza kubatangira?dore nimubone uburyo satani arembeje ishengero…aho twahoze tuzi ngo niho mahoro ari niho twasanze ukuzimu…
Gatulika yarigize igiti kiturirwa, yiha ububasha bw’Imana, bihagira isi yose, ubwami bw’isi bwose babugira ubwabo, shetani nayo bakorera irabubaha. nta kindi gisigaye atari uko bakontorora vyose ikitari katoloka kikarimburwa. pentekoti, anglicani, fecabu, n’ubundi budumbidumbi bwose ngo n’ amadini buzotegekwa kwumvira Gatulika, atari uko bufutwe. Bantu b’Imana ni mumenye ko turi mu gihe ca nyuma. Iyo nkuru sindayemera cane kuko anglicane na Gatulika nico kimwe. Nivyo mwamuze nka vyose ni ukuri. Naje sinohanura umusore canke inkumi kwubakana n’uwo batizera kumwe. kuko umwe wese agerageza kugukura kukwemera kwawe. Ariko mumenye ko hejuru ya madini haje ihuriro rya madini, ico bita ‘eucumenisme’ yemwe yemwe, ivyo vyose nca mbona ko ari imikino. Uwiyubara akomeze kwiyubara. Antikristo ariko arakora kugira ngo twese tube umwe, dusenge kumwe n’ibindi. Ngo muri gatolika vyose birimwo nta mpamvu yuko hoza haraba abisarumba ngo e mama bagiye mumadini ya kino gihe. Ngo kuvuga mu ndimi biriyo, gusengera abarwaye bagakira biriyo, umudundo wahora utwara imiyabaga uriyo, nibindi n’ibindi. Vyukuri niko hariyo icahindutse ugereranije n’ibihe biheze. None vy’ukuri urukiza ruri muri Gatolika, mbe hoho ruri mw’idini kanaka??? Oya habe namba. Yezu niwe yabajije ngo mbe igihe umwana w’umuntu azogarukira, azosanga ukwizera kw’isi? Habe namba.. Nico gituma hariho integuro Imana yashinze yokugira abana bayo barokoke ku musi wo gucungurwa kwacu. ugucungurwa kw’iyi mibiri kuko agakiza dufise gushika ubu ni ako mu buryo bw’impwemu. None rero vuba Kristu araje kwisubiza ivyiwe. Isi n’Ijuru ni rwiwe, abo bariko bigira ivyo bishakiye azobavugutira umuti. Bibiliya iradusaba mu vyahishuwe ko twosohoka tukava iwe kugira ngo ntidusangire nawe ibihano. i we ni i Baburoni hahambaye nyina wa ba malaya. Gatolika niwe nyina amadini ni abakobwa buyo mugore yicaye ku mazi menshi. None ngo araje abatsinde bose ku buriri. Hahiriwe uwumva n’uwusoma amajambo ari mugitabo c’Ivyahishuriwe Yohani kuko twabigezemwo. Uwufise amaso yerekwa bike ibisigaye akirabira. Imperuka yageze.
Amadini, ajana abantu ikuzimu gusumvya ububare. Muriyumvira muzoba mumbwira.
ndumv ari wowe muhanuzi bambe bavuze ugiye gutangaza ibihe bya nyuma ko byageze. ca bugufi rwose……..
Carine, uwo muhanuzi ntakwiye kugarukiriza ngaho nkuko ubisavye, ahubwo Uburundi burakeneye abahanuzi nk’abo. Imperuka iregereje rwose. Abayobozi b’amadini ntibatubwira akaga katuraririye, ahubwo bitayeho kwikwegerako abantu bose ngo buzuze ibigiracumi n’amaturo, abandi bagwanira ivyicaro bikomeye muri politike no mu kuba abahanuzi bo mu butegetsi. None batanguye no kubuza abantu kwubakana kubera za doctrine ziduhaza n’Ivyanditswe Vyera zabo.
Uvyumva gute? Imana ntigomba ko Uburundi buhinduka ikibuga c’abadayimoni, kandi ntigomba ko buhinduka ikibuga c’amadini. N’ukuri turakeneye « UMUHANUZI AKOMEYE NKA ELIYA MU BURUNDI », ingorane zose zoca zihera, tugahinduka Israeli y’Imana. Ivyo yo gupfa ubugeni, ngo ntitwoguha umukobwa wacu ur’umuporo, jewe ndazi ko biterwa na Satani iyobora Ekleziya hamwe n’ayo mashengero. Ndabivuze kandi n’Ijambo ry’Imana rirabivuga ngo » Ariko namba mugira ishari ry’inkazi mu mitima yanyu, mugakunda kwirema ibice, mwoye kwirata mubesha, mucumura ku kuri. Ubwo bwenge si bwo bwururuka buvuye mw’ijuru; n’ubw’abantu, n’ubw’abadayimoni. Kukw’ah’ishari riri bo no kwirema ibice,ariho umuvurungano uri n’igikorwa kibi cose (Yakobo 3: 14-16). Ariko se ubundi ko Garorika yabahaye dimanche bose bakayihurirako, kuki itokwemera ko bahana n’abageni, kandi Bibliya ivuga ko ari Gatorika, ari n’abaporo bose ni kimwe: igir’iti » Umukobwa na nyina ni « mwungu wa rwa ruyuzi ». Ur’umwana wa nyoko… (Ezekiyeli 16: 44, 45).
Gusohoka mur’urwo rudubi rw’i Babuloni tugashaka Imana y’ukuri nivyo bizodukiza. Nta mugabo azobura umugore bakwiranye ngo n’ukubera padiri yavyivanzemwo, kuko padiri nta bushobozi afise bwo guhagarika ivyo Imana iriko irahuza. « Imana n’Urukundo » (1Yoh. 4: 16), kandi « Ni murondere mu gitabo c’Uhoraho musome, Nta kigabo kizobura ikigore… (Yesaya 34: 16).
bibaho naho kenshi bitera ingorane
urukundo nta sano rufitaniye n’idini kuko idini ririfitaniye n’ukwemera
Amadini mu burundi ni nka commerce,knd abayarongoy bashir imber cn ivyicaro namashikanwa,ark urukundo surtout rwabubakana rwar rukwiy kubahirizwa,bakarek kurwivangamw cn mu gihe ata makosha cnk ibicumuro nko kub umugor wa 2,cnk ibindi,m6
nukuri birababaje kuko urukundo n’idini ntaho bihuriye baribakwiye kwiga icokintu bakabihindura kuko kandi kumenya Imana ntabwo ari idini twese dusenga Imana imwe kandi notre Dieu iri au delà de la loi.loi yobayeho ngo idufashe guterimbere dans la foi aho kudusubiza inyuma kuko ndaziko naho ntari Aline ko vyamukomerekeje bikamusubiza inyuma
Muraho cyane. nge ndi mu Rwanda ariko ndakeka natanga igitekerezo. Ku bijyanye no gushaka uwo muzabana mudasangiye idini, muri Kiliziya Gatolika ni ibintu byoroshye rwose ariko musabwa kugira ibyo mwumvikanaho nk’abagiye gushinga urugo imbere y’umupadiri, mbese ubwo ni imbere ya Kiliziya. Mubaye mutabyumvikanye ntabwo idini ribabanisha. Ndakeka aribyo Padiri yakoze. Bityo rero ntabwo umwanzuro ari uko hari intambamyi….. ntayo rwose. Mu yandi madini sinzi ibyaho cyane, ariko hari aho bategeko ko ushaka uwo muri iryo dini nyine, nkeka ariho haba hari ikibazo. Kuir kiliziya gatolika bisobanuke gutyo… shaka uwo mu rindi dini, ariko mukurikize icyo amategeko abasaba, cg se ahinduke umukatolika nabyo ni byiza.
Ncuti kuba uri murwanda ,ntivyatuma udashikiriza igitekerezo ciza nkico ngico!!!!!Ekreziya gatolika nimwe kwisi yose!!!!
Urakoze kutwigisha muvyeyi!!!
imana yaremyabantu ngobaban aho yarema adamu na eva.tumenyek nukorinez uhera munzu iwany!idini yumugabo niyo yumugore?
Jew kubwanje kuk nobanzi ico nakiriye noheba vyose nkaguma kugakiza umugabo imana yozompa nuwundi