Kwatirwa mu mwuga wo kudandaza

Abasokuru barayamaze ngo « ibanga riraheberwa ». Hariho ibisata bimwe bimwe vy’ubuzima umuntu adapfa kwinjiramwo ukwo ashatse kuko haba hariho n’ivyo ategerezwa gukwiza imbere yo kwakirwa mu muryango. Ari na vyo benshi bakunze kwita urwinjizo. Kwatirwa mu mwuga wo kudandaza na vyo nyene birafise urwinjizo rwavyo nk’uko Apollinaire Nkuruziza abituyagira.

Ahantu haba abantu babiri canke barenga harabaho itunganywa ry’ukuntu babaho, bakagira amateka n’amategeko ngenderwako kugira ngo umubano wabo canke ibikorwa vyabo bigende neza. Baragira ico bita umurwango kuko baba bafise ivyo bahuriyeko. Ivyo na vyo bikaba ari akazi canke umwuga. Umuntu mushasha yipfuje kwinjira muri bene uwo mu ryango ntibimworohera kuko baba bamubona nk’umunyamahanga, batazi n’ingeso ziwe. Ivyo bikabatuma batamwizera. Kugira rero ashobore kwinjira muri bo yongere yisanzure, kenshi na kenshi, arasabwa gukora iki canke kiriya, mu gihe baba bariko baramwihweza.

Urwinjizo muri rusangi

Umugenzo wo gutanga « urwinjizo » umenyerewe cane cane ku mashure aho benshi bavyita « kunyuzura » .Abanyeshure bashasha  bagategekwa n’abahamenyereye ibikorwa bakora  mu ntumbero yo kubamenyereza iryo shure n’inyifato bazogendera. Muri Kaminuza y’Uburundi hoho ivyo bikorwa vyahora bitunganijwe ku buryo vyamara amezi atatu. Abaciye muri iyo kaminuza bavuga ko imbere yo kwinjira ubwa mbere muri ico kigo bagenzi babo  barabarahiza, bakabategeka kudodora ku muryango bavuga bati : «  Kaminuza y’uburundi ndakwinjiye ariko sinzi ko nzogusohoka !», bagaca barenzako n’indahiro irora ku muvyeyi.

Eka uyo mugenzo wo gutanga urwinjizo no mu mwuga wo kudandaza ngo urakomeye. Ngo  ntivyoroshe ko umudandaza mushasha ashoka yinjira muri uyo mwuga ataronse uburenganzira ahawe n’abandi badandaza bahakorera. Abo na bo bamutegeka gutanga urwinjizo rw’amafaranga yo gusorora. Yamara kuyatanga bagaheza bakamwatira.

Kumira akabuye k’abagabo mu rudandazwa

Salvator, umudandaza w’impuzu mu Ruvumera, yaranyiganiye uko bigenda : « Hariho umurwi b’abantu bashika batanu bajejwe kubikurikirana, kuko ayo  mafaranga ntaryako uwariwe wese, kiretse abadandaza bazanzwe bacuruza ivyo uyo mushasha aje kudandaza ».

Yaranansiguriye uko ukwatira uyo mushasha bigenda: « Inyuma yo gutanga inzoga ku badandaza bakanywa bagahimba, umurwi ugizwe na bamwe batanu barihereranya uyo mushasha bakamwatira ari vyo bita kumira akabuye k’abagabo. Aho naho abongera izindi nzoga ukwabo hanyuma kabamubwira amajambo ane asubiramwo: 1. Gutorera munda nk’Inkoko 2. Kubika ayakunaniye 3. Kwibagira abavyeyi 4. Ugize Imana ukazoduga iyo waje uva ». Ati rero uwubibwiwe haraho ayo majambo amubabaza ariko nyene akanezerwa n’uko yinjiye mu muryango. Ariko rero ayo majambo ngo ntakoreshwa mu mirwi yose y’abadandaza,  bamwe bamwe bose bafise indahiro bisangije.

Ikindi kandi ngo ntibishoboka ko umuntu yirengagiza uwo mugirwa kuko ngo abo ahasanze batamukundira ko adandaza. Iyo naho ahatiyeko agakora ku nguvu ngo baca bamurerekera abasuma bakamwiba barorera, akabura uwo atabaza. Salvator ati: « Abonye uko bigenze araheza agaca aza kuturondera yihuta atawumuhamagaye. Natwe duca tumuheramwo n’igihano c’aho yatugaye ».

Ariko rero n’ubwo kwakira mu muryango abantu utazi imico yabo ari vyiza kubanza kubigisha inyifato kugira ngo ntibatosekaze umubano mwiza wari uhasanzwe, ntibibereye ko umushasha aca ahohoterwa nk’uko bikunda kwibonekeza mu mashure. Canke ngo aribwe amenyo maremare cane cane kubadanza kuko nk’uko Salvator yabinyiganiye ngo mukwakira mushasha bageze aho bamuca ibihumbi hagati y’amajana atatu n’amajana atanu. Vyumvikana ko uwufise umutahe muto atoshobora kuja muri bo ngo arondere ubuzima mu rudandazwa.

Articles récents

Say your opinion

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

*