Photo d'illustration: Pixabay

Ubukene n’indwara ikira

Mu gihe abantu benshi bugarijwe n’ubukene hirya no hino mu gihugu, mu ntara ya Gitega, hari umuti abanyagihugu bamwe bamwe bagerageje kubutorera. Uwo muti ushimikiye ku gushinga udushirahamwe duto duto maze abanywanyi bakaza baraziganya bongera baguranana hagati yabo. Gutyo rero, abatari bake baramaze gutahura ko ubukene ari indwara ikira nk’uko Divin Dushime abituyagira.

Ubukene canke ukutaronka amahera yo kwifashisha mu gihe ugize ikibazo ntibikiri ikibazo ku bari mu  dushirahamwe two gufashanya. Mu ntara ya Gitega, ngize iminsi mbwirwa kandi nkibonera ico bene utwo dushiramwe two gufashanya tumariye abaturimwo. Utwo dushiramwe dukora mu buryo bwo guhanahana ingurane y’amahera hagati y’abanywanyi, aho bumvikana ku gatererano k’amafaranga gatangwa ku kwezi canke kundwi. Ivyo bikavana n’abagize ishirahamwe.

Indinganizo yorohereza bose

Ica mbere nabwiwe n’uko utwo dushirahamwe tutaba twanditswe aho amashiramwe asanzwe yiyandikisha. Aho naho hakaba ari mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu kuko ngo bisaba ibintu vyinshi maze bigaheza, rimwe na rimwe bigateba narirya ata buryo bwinshi abanywanyi baba bafise. Ishirahamwe ryose riba rifise agatererano kumvikanyweko n’abanywanyi kakaba karihwa ku ndwi ku ndwi muri rusangi.

Umunywanyi iyo asavye ingurane, arahabwa ikiringo ntarengwa kugira abe yasubije ayo yahawe hariko n’akunguko kuko aba yararindiriwe ari naho ishirahamwe riheza rikungukira. Ariko rero inyungu isabwa iba ari nke gusumvya iyo basaba mu mashirahamwe yo kuguranana azwi n’amategeko. Iyo umwaka urangiye, bivanye n’uko ishirahamwe riba ryarakoze, abarigize baraheza baragabura ya nyungu itangwa hejuru y’ingurane iba yatanzwe maze umwe wese akabona kuronka ayangana n’intererano yatanze. Ikindi naco n’uko ata ngwati isabwa k’uwusavye ingurane.

 Abantu babona gute utwo dushirahamwe?

Nk’uko navyiganiwe n’umwe mu bari muri mwene utwo dushirahamwe ngo turafasha cane igihe uba ukeneye udufaranga wifashisha canke mu gihe wifuza kurangura umugambi muto wogufasha kubaho. Akarorero n’uko ushobora kuba ushikiwe n’ingorane kanaka, ugasanga nta n’umwe yokugurana mu bagenzi. Ariko rero iyo uri mw’ishiramwe ukaba wasavye akagurane, barakaguha ukikenura maze ukabandanya utanga agatererano kawe mw’ishirahamwe. Ikindi na co n’uko atawimiriwe kuba mw’ishirahamwe rirenga rimwe.

Ni bande boba bitabira cane utwo dushirahamwe ?

Muri rusangi, abakenyezi n’urwaruka ni bo bitabira utwo dushirahamwe. Iyo ni yo mice iserukiwe cane. Ico nabwiwe kandi n’uko atari abagabo benshi bitabira utwo dushirahamwe. Abatugize usanga ari abasanzwe babana mu kibano hafi na hafi.

Ivyo vyose vyaranyeretse neza ko iyo abantu bagiye hamwe baheza bakagiriranira akamaro. Nkatera akamo n’abandi bumva ko buno buryo ari bwiza ko boja hamwe mu mwumvikano ntangere maze bakiteza imbere. Aho rero urwaruka rwari rukwiye kuja hamwe rukirengagiza ibishobora kurutandukanya, rukaja mu bikorwa vyo gufashanya no kwiteza imbere aho rugeza. Nk’uko abakera bayamaze ngo « Tubiri tuvurana ubupfu”, kandi ngo “Nyamwigendako ntarimira impeshi”.

Articles récents

Recent Comments ( 2 )

  1. Uwutari Bwamenye Uburyo Bwo Kwikenura Niyumvireho Arahuye Na #Yaga Iramuyagiye Ntazosubire Gukorera Mukutamenya.Abo Nabo Ndabateye Intege Baheze Bajijure N’abandi.Mukomere Ku Mirimo Yaba #Yaga Canke Abo Bariko Bikenura.

Say your opinion

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

*