Photo d'illustration: Pixabay

Abapfungakiwani babaye umurengera

Abatari bake baramaze kwumva ijambo “abapfungakiwani” rikunze gukureshwa mu bisagara ariko rikaba risanzwe risigura abakoresha ububeshi mu kwiba. Abo rero babaye umurengera kandi barageramiye abantu batazi kwiyubara kuko bama bivye abatari bake nk’uko Jean-Désiré Nduwayo atuyagira ivyamushikiye.

Uko ubukene butera bwiyongera niko ababeshi, bamwe benshi bazi kw’izina ry’abapfungakiwani, batera biyongera. Ukwo kwiyongera kw’ubukene rero kwatumye n’ubuhinga bwo kwiba bugwira. Twari tumenyereye ko umuntu yibwa bamukoze mu mufuko canke bakanyuruza utwo afise. Ubu hoho umuntu asigaye yibwa ari we yitangiye ivyiwe. Aha mwomenya ko hariho abantu bibwa biciye ku materefone mu kubemerera ubuzi canke ibindi bintu vy’agaciro. Abandi na bo bakabahenda ngo : « Natomboye amahera ingo unyereke aho ndayatora ndaguhako ». Abandi na bo ngo : « Ngurira iki  (terefone,ibirato,…) » Maze rero uwubibwiwe akaja narwo ntamenye ko hari umugambi wo kumwiba wihishije inyuma. Ari na vyo vyanshikiye, n’ubundi buryo bwinshi ntarinze kudondagura ngaha. None kugira ngo ubwo bubegito burwanywe hokorwa iki?

Uko vyangendeye

Umunsi umwe nari kumwe n’umugenzi tugiye mu gisagara hagati tugeze neza na neza harya hari icicaro gikuru c’ibanki BBCI. Niho twahura n’umuhungu afise terefone, yoba yari iciye nk’ibihumbi amajana atatu (300.000Frbu). Aca ambaza ko noyimugurira. Nanje nti :  « Zana ndabe ». Nsanga ni ukuri ni terefone nziza kandi izimvye. Ndamubajije ayo ayishakako aca ambwira ibihumbi ijana ariko nanje ndamuha ibihumbi mirongo itatu aranka. Meze nk’uwugenda aca arankurikira ambwira ngo nongere amahera nanje ndanka.

Amaze kubona ko nanse kwongera amahera aca arasubira arayimpa ngo: « Ihweze neza urabeko  itarengeje ayo mahera ! » Aho rero twatera tujana mu gisagara yahevye n’iyo yari agiye, eka noneho ngira nta naho yagira. Erega ndayimusubiza ndahihevye ariko nibwira ku mutima nti ndahomvye ntagendanye amahera menshi kuko nari nifitiye ayo gusa. Niho rero yaca ayitekera mbona  muri karya gafuko bakunda kuzibikamwo. Niko guca asubira inyuma ambwira ngo ntakundi kutongeye amahera urihombeye terefone nziza. Burya n’uwo mugenzi twari kumwe ambwira ko mpomvye.

Erega tucidoga niho twabona agarutse, aca ambwira ngo : « Basi pfa kuzana ntakundi ». Ariko aca ambwira ko noyibika ningoga mu mufuko. Ndayakiriye, wa mugenzi wanje arakebwa aca avuga ngo : « Banza uzane ndabe imbere yokumuha amahera ». Hewe afunguye akamashine abona ni isabune cagisuma gica kirakamufyitura kiriruka. Yemwe iyo ntaba ndi kumwe n’uwo mugenzi nari nibwe kuko nta mugambi wokurinda kuraba nari mfise kuko yari yayishizemwo mbona. Kumbe yari afise udufuko tubiri dusa.

Akagohe novunira abandi

Nagira mpanure abatari bake kugira ntihagire uwuzoza ababwira ibi na biriya ata gahunda mwari mufitaniye. Kuko niwamuha amatwi ukanamwishura uzoba uriko uramwitera, gutyo abonereho kukwiba ariwe umwihereye ivyawe ku mugaragaro. Leta nayo twoyisaba ko yobandanya umugambi wo gutuza bene abo babegito mu guhana vy’akarorero uwufashwe yagirizwa ako kabi.

Articles récents

Recent Comments ( 1 )

Say your opinion

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

*