Photo d'illustration: Iwacu
article comment count is: 0

Abakokayi n’ingorane batera rimwe na rimwe

Abatari bake mu bamenyereye kwiyunguruza barazi abantu bahuza abunguruza abantu n’ingenzi ari bo bitwa abakokayi. Abo rero, bivuye ku gushaka ko buzuza imodoka ngo bahembwe, birashika bakabesha ingenzi ku mafaranga y’urugendo maze bikayigora imaze gushika iyo ija kuko usanga bishika bakavuga amafaranga make kugira ngo bareshe ingenzi imodoka zuzure. Ivyo rero rimwe na rimwe biratera n’ingorane nk’uko Jean-Désiré Nduwayo abivuga.

Uko bukeye uko bwije abantu babandanya kwiyunguruza. Muri abo biyunguruza rero hariho abafata ingendo za kure, nk’abaja mu gihugu hagati, eka n’ababa baja hafi, nko mu gisagara ca Bujumbura. Nk’uko bimenyerewe, ku bituro vy’imodoka zitwara abo bantu uhasanga abantu bafasha abunguruza n’abiyunguriza guhura ari bo bitwa « abakokayi ». Abo na bo igikorwa cabo ni ico kwereka ingenzi imodoka zifata. Ico na co ni kimwe twita gukoka. Abo bakokayi rero iyo bujuje imodoka hariho amafaranga bahabwa na nyene gupakirirwa. Ivyo rero bituma baca ku giti no kw’ibuye kugira ngo buzuze iyo modoka, gutyo bahembwe. Hariho rero abahenda abiyunguruza ngo ni bo bajana mbere bakumvikana n’amahera aza kuriha.

Ukwo bikunda kugenda

Umunsi umwe nariko ndatembera ku gituro c’imodoka zija mu gihugu hagati. Niho nabona umupfasoni yagomba kuja i Ngozi. Niho nabona abakokayi banyaranira ku gasakoshi kiwe. Umwe avuga ngo ni je natanguye kumubona, uwundi na we ngo eka ni jewe. Nanje aho ndi ndajumararirwa kuko vyari biteye isoni. Sinzi ingene umwe anyakuye uwundi ka gasakoshi aca akirukankana mu modoka. Gutyo wa mugore arakurikira aja kwurira imodoka agasakoshi kiwe kagiyemwo. Niho maze akanya nihweza ivyariko biraba naca mbona umuntu anyegereye mpora ndidoga ndamubwira ibibaye ingene bimbabaje.

Niho yaca ambwira n’agashavu kenshi ati: «Sha abo ndabibutse numva mbabaye nibutse ivyo bangiriye. Umunsi umwe nari nduze i Gitega. Niho nashika ngaha nza mbona baje bariruka. Umwe aca anyaka ibintu nari mfise avyirukankana mu modoka. Ariko yabitwaye nguma ndamuhamagara ngo abanze aze abitware twumvikanye amahera ndiha. Ariko rero nta zirya mpuzu zibaranga yari yambaye. Niho yagaruka aje kuntora nanje ngo anyereke ikibanza nicaramwo kandi ciza, nawe urumva nyene ko kwari ukundesha. Muri uwo mwanya nca ndamubaza amahera nza kuriha kuko yambwira ko ari we tujana arihisha amahera. Niho yambwira ko ndiha amahera ibihumbi bitanu (5000Frbu). Ariko nanje ndamubwira ko mfise ibihumbi bine (4000) hama aca aranyemerera ko ninjira nkicara. Burya kubera nari mfise inoti ya bitanu, naciye nigira inama yoguhitana utuntu tw’1000 kuko nari ndayacaguye. Ndakubwire, natangaye nsanze uwo twajanye atari wa wundi. Ngize ndariha vya bihumbi bine aranka. Nanje ntayandi nari mfise. Kubera ukwanka induru kuko yari yayanteye, nshitse naciye ndamusigarana ivyo nari mfise nja kuyagurana. Sha narahashe kuko abo bakokayi ni bagateranya ». 

Ukwo ibintu vyari bikwiye kugenda

Ku bwanje, uwo ari we wese yitwa umukokayi, yari akwiye kuba yambaye impuzu zimuranga kugira yitandukanye na barya barihisha amahera. Abajejwe ivyo kwunguruza abantu n’ibintu boshinga igiciro ntabanduka co kwiyunguruza k’umuntu aja hagati mu gihugu nk’uko bimeze mu gisagara ca Bujumbura. Aha twoshima ko hariho amashirahamze yamaze kubikora nka Volcano, Memento, n’izindi. Ivyo vyotuma atawirirwa arabaza ngo mbega muntwara kuri angahe, akabaza gusa imodoka ija iyo ashaka kuja.

Partagez-nous votre opinion

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.