Photo d'illustration: Pixabay
article comment count is: 5

Ukwemera Imana mu Burundi bw’aho hambere

Abarundi bamye bemera Imana kuva kera na rindi. Mu Burundi bw’aho hambere, Imana yari izwi, igasengwa, igasabwa inka n’ibibondo kandi ikizigirwa cane biciye kuri Kiranga, umuhuza wayo n’abantu. Naho rero ubu benshi bahakwa gusuzugura ukwemera kw’Abarundi ba kera, hari vyinshi nyabuna twari dukwiye kumenya kandi vyodufasha muri ukwo kwemera kwabo nk’uko Divin Dushime abituyagira.

Aho hambere, Abarundi bari bazi kandi bakemera Imana. Ariko rero kino gihe hari abasa n’ababihakana bafatiye kw’izina twumva Kiranga. Imbere y’uko abazungu bashika mu Burundi, aho baje bigisha Imana bakoresheje Bibliya, Abarundi bari basanzwe bemera Imana. Sinoreka kuvuga ko hari ukutabona kumwe ivy’akahise tudahurizako nk’Abarundi.

Hari abavuga ko Kiranga ari we yafatwa nk’Imana abandi nabo bati haba namba Kiranga ntiyari Imana ahubwo yafatwa nk’umuhuza w’Abarundi n’Imana. Jewe nkaba ndi ku ruhande rw’abavuga ko Kiranga yari umuhuza w’Abarundi n’Imana…!

Nk’uko navyiganiwe na Sicaire, umwigisha yanonosoye ururimi rw’ikirundi, narakuyemwo ivyiyumviro bikuru bikuru bishika kuri bitanu bifatiye ku kugene Abarundi babona Imana. Babona ko Imana ari yo soko ry’ivyiza vyose, ikaba ariyo izigama umuntu, igahana uwuyigabiye, ivyo ikora ntibitahurika iminsi yose kandi Imana ziri kwinshi. Kukaba nka ko, Abarundi baho hambere, biciye mu buzima bwabo bwa minsi yose, biraboneka ko bari bemera Imana.

Ibimenyetso vyerekana ko Abarundi bemera Imana

Ntawuyobewe ko ata mugani, igitito, canke umwibutsa mu mayagwa n’imigenzo vy’ikirundi vyabayeho inyuma y’uko abazungu bashitse mu Burundi. Ivyemeza ko Abarundi bemera Imana turabibona mu migani no mu myibutsa: “Imana iguhaye niyo ikwaka”. Utundi turorero turi mu mazina nka “Rugira”, “Sebibondo”, “Indavyi”, n’ayandi. Hari n’ibindi bimenyetso dusanga mu migirwa nko gukeza umuvyeyi yibarutse aho bavuga akajambo ngo “Kira mama! Simba imanga, Imana icane…” ndetse no mu bundi burorero bwinshi.

Ariko rero hari n’utundi turorero tutwereka ukwo Imana yabonwa. Hari n’abayibona ukundi aho hari amazina baca bayita ariyo: “Rwuuba rwa biguta”, “Bijinyagu”, “Busa bubi”,…  Ibi bikerekana ko Abarundi babona Imana uburyo bubiri. Bikerekana rero ko hoba hari Imana babona nka nziza n’iyindi mbi. Ni no muri utu turorero twose tubonera ko Kiranga atari Imana.

Nta masengero yari ahari ameze nk’aya tubona muri kino gihe nk’uko navyiganiwe na Sicaire. Ariko rero, hakaba hariho ikibanza bita indagano, aho bahurira n’Imana. Ibi vyose bikabandanya vyerekana ko Abarundi baho hambere bemera Imana.

Kuvuga ko badusumvya kumenya Imana n’ivyo kwemeza umuntu kugiti ciwe ariko ku bwanje mbona bari bafise ukwemera gukomeye! Ni vyo ntibigishwa nkuko abubu twigishwa kuko ntawarayizi gusumvya uwundi ariko bobo barizera Imana ku rugero ruhambaye mbona umenga abizera Imana bakino gihe twokwigirako. Nk’uko hari abapagani kino gihe, na kera bari bariho. Abo nabo n’abatemera ko Imana ihari canke ntibakurikize imigenzo ndoramana.

Ico mbona rero nuko tutokwagiriza canke ngo tuvuge kw’abakera ata Mana bemera canke bari bazi. Twari dukwiye kubaza neza uko vyari vyifashe ahohambere kugira ngo tugumane ukuri kw’ivy’akahise. Urwaruka na rwo rwari rukwiye kwitaho kumenya kahise muri rusangi kuko tutazi kahise hari ivyo tuzosigara turakora bidahwanye n’uko twari dukwiye kubaho.

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (5)

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.