Photo d'illustration: ©Yaga

Vyoba ari vyiza kubika amafaranga i muhira?

Muri kino gihe, mu Burundi, amabanki yaragwiriye co kimwe n’amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana. Ariko rero bamwe n’abandi ntibabona kumwe akamaro ko kubitsa amafaranga yabo. Niho bamwe bahava bakibwira ko ari vyiza kubika amafaranga i muhira nk’uko Désiré Sezikeye abituyagira.

Igihugu c’Uburundi kirafise amabanki menshi eka mbere hari n’ayandi mabanki matomato abandanya kuvuka. Ayo mabanki rero arafasha abanyagihugu batari bake. Ariko n’ubwo biruko hari n’uyundi murwi w’abanyagihugu bataja kubitsa amafaranga yabo mu ma banki maze bagashima kuyibikira i muhira.  

Ayo mabanki avuka mu ntumbero yo gufasha abanyagihugu kubabikira amafaranga ndetse no kubaha ingurane mu gihe bakwijije ibisabwa. Eka mbere, uganiriye na bamwe mu banywanyi b’amabanki, ntibahisha kukubwira ko ayo mabanki ari kirumara mu gihugu kuko aborohereza mu bikorwa vyabo vya minsi yose. Abandi nabo bashima kuyibikira mu mazu iwabo ivyo na vyo bikaboneka nko mu gihe ibanki nkuru y’igihugu ifashe ingingo yo guhindura zimwe mu noti zakoreshwa igashiraho izindi nshasha. Maze ugasanga ari bo ba mbere batubahirije ikiringo ntabanduka kiba catanzwe. Kenshi usanga mbere baranatanguye kubihomberamwo kuko hagera igihe ugasanga ayo bafise yaramaze guta igihe maze bikagorana kuyavunja babaha mashasha. Ivyo bikaba mu gihe ababa bafise amafaranga mu mabanki bobo badaheza ngo bahure n’iyo ngorane.

« Mbona kubika amafaranga mu nzu ari vyiza »

Mu gushaka kumenya nimba vyoba ari vyiza canke ari bibi kubika amafaranga i muhira, nigiriye inama yo kuja kure y’igisagara kuko ari ho nkunze kwumva uwo muco wokubika mu mabanki. Niho nashikira ikirabo maze nsaba  ikinyobwa nanje kugira ndonke ingene dushobora kuganira n’abo nari ndagisanzemwo. Hanyuma birankundira ko tuganira nanduruka nshika ku kibazo nyamukuru cari canjanye.

Tumaze kuyaga n’uwo twari twegeranye niho namubaza ko vyoba ari vyiza canke bibi kubika amafaranga i muhira? Na we ambwira buke buke ati :« Kubwanje mbona kubika amafaranga munzu ari vyiza kuko umwanya wose ndayakeneye niwo ndayakoreshereza ntarinze kuja kuyarondera aha na hariya. Eka mbere narumvise ko mu mabanki  ayo ubikije atariyo baheza baguhe mu gihe co kubikura. Nico gituma mpitamwo kuyibikira i muhira iwanje».  

« Kubika amafaranga i muhira n’ukwihenda cane »

Maze kwumva ivyiyumviro vy’uwambere naregereye uwundi ndamubaza ca kibazo nyene ariko inyishu yampaye irahushanye n’iyo nahawe n’uwa mbere. Uyu wewe ati: « Jewe ku bwanje amafaranga akwiye kubikwa mu mabanki maze akahava agiye kurangura imigambi. Kuyabika i muhira n’ukwihenda cane kuko hari n’abayazira. Ikindi kandi nka jewe nd’umudandaza kuba mfise ikonte muri banki nziganyako biratuma haba ukwizerana hagati yanje na banki. Ivyo na vyo bigatuma ndanashobora kuronka ingurane. Nivyo ko hari udufaranga ibanki igenda iragutwara ku kwezi ariko usanga bitavunanye».

Ico ndavyiyumvirako

Ndabona ko kubika amafaranga muhira bikunze kugira ingaruka mbi kubabikora mbere bamwe bakabizira. Ngatera akamo uwo wese agifise uwo muco wa kera  kuwuheba mu ntumbero yo kwikingira no gukingira umuryango wiwe. Abarundi bayamaze ngo « amagara aruta amajana».

Ikindi n’uko iyo umuntu abitse amafaranga menshi mu nzu ataco ariko arakora biheza bikagira ingaruka mbi k’ubutunzi bw’igihugu mu gihe nyene kuyabika ayabitse igihe kinini. Amabanki hamwe n’ayo mashirahamwe arakwiye gushika ku mitumba ya kure gusigurira abanyagihugu neza akamaro ko kubika mu mabanki.

Articles récents

Say your opinion

Votre adresse de messagerie ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *

*