Photo d'illustration
article comment count is: 0

Ubukene bw’abarimu mu mashure

Mu mashure atari make yo mu gihugu, haribonekeza ubukene bw’abarimu. Naho henshi binanirana ugasanga abana bariko bariga mu buryo budashimishije, hari ayandi mashure yiyungunganya maze agashobora gusukamwo mabisi ivyigwa bikabandanya neza. Akenshi rero, ivyo bikunda biturutse ku kwiyungunganya kw’abavyeyi n’abarimu b’abakorerabushake nk’ukwo Chancelle Bamuhaye abituyagira.

Inyuma y’aho Leta ifatiye ingingo yo kuba irabangiriye ku gutanga akazi ku barimu bashasha mu mashure matomato n’ayisumbuye, hasigaye hibonekeza ikibazo c’ubukene bw’abarimu ku mashure menshi yo mu gihugu. Ivyo na vyo bigaca bigira ingaruka mbi na cane cane ku banyeshure. Aho bibonekera mu kuyoberwa kw’abo bana kuko baba bize nabi na nabi. Usanga abana biga ari benshi mwishure aho ushobora n’ugusanga nk’abana bokurikiranwa n’abarimu batatu canke bane bariko bakurikiranwa n’umwarimu umwe. Canke ugasanga umwarimu ariko atanga ivyirwa vyinshi ndetse n’ivyo adafitiye ubumenyi. Ivyo navyo aca abitanga nabi eka na bimwe yarazi agaca avyigisha nabi kubera uburuhe.

 

ECOFO Kanserege, ni rimwe mu mashure yo muri komine Muruta mu ntara ya Kayanza. Nk’ayandi ma shure menshi, iryo shure rirafise ico kibazo c’ubukene bw’abarimu. Ariko rero, abavyeyi hamwe n’abarezi bo kuri iryo shure bagiye hamwe, baragerageje gutorera inyishu ico kibazo batarindiriye intererano ya Leta.

Ukwo ibintu bimeze kuri iryo shure n’akarorero ryatanze

Joseph Nibigira, umwe mu baserukira abavyeyi barereye kw’iryo shure, agira ati : « Ubukene bw’abarimu ni kimwe mu ngorane iri shure turereyeko rifise. Ivyo navyo bigaca bituma abana bacu badaheza ngo baronke ubumenyi baba baje kurondera. Ariko, inyuma yukubona abana bacu birirwa bariyerereza vyitwa ko baba baje kw’ishure, twebwe abavyeyi tugiye hamwe n’umuyobozi twahavuye tuja inama yo kwironderera abarimu b’abakutsakivi tukaza turabihembera ».

Hambavu y’abo bigisha b’abakutsakivi basanzwe bahebwa n’abavyeyi, hari n’abandi bita abakorerabushake. Abo nabo ni bamwe bahejeje amashure mugabo bataronse akazi. Abo nabo bakora atagahembo baronka kuko baba baje gufasha gusa kuko babishatse. Rimwe na rimwe niho abavyeyi baja hamwe bakabaha agasabune kagashirukabute. Protais Ndayizeye, umwe muri abo bigisha b’abakorerabushake bo kuri iryo shure, agira ati: « Maze kubona abana bo k’uyu mutumba wacu batanguye kwadukana utugeso tutari twiza kubera birirwa aha muhira naciye mvuga nti reka nze gufasha nanje ntange agatererano naho koba gato ku bumenyi naronse kuko n’ubundi nari muhira atakazi mfise ».

Abandanya atanga impanuro ku bandi bagenzi biwe boba barahejeje amashure mugabo batararonka akazi eka anatera akamo Leta agira ati : « Hari abana benshi buzuye amashure kandi badafise abigisha, hari kandi n’abigisha benshi bari mw’ibarabara barindiriye ubuzi bwa Leta. Nohanura abo benewacu ko nabone boza tugufasha guterera ubumenyi twaronse tukabuha batoyi bacu kuko benshi usanga birirwa barayerera navyo kenshi bikaba vyigisha ingeso mbi gusa. Hama Leta  na yo noyisaba ko iyo hageze ko itanga akazi yoza ihera kuri twebwe kuko hari igihe usanga batwibagiye ».

Kuva rero aho abavyeyi bo kuri iryo shure rya ECOFO Kanserege bafatiye mu minwe ico kibazo c’ubukene bw’abarimu hakaboneka n’abo bigisha b’abakorerabushake, harabonetse ihinduka kw’iryo shure. Jean Liévin Nahimana, asanzwe arongoye iryo shure, agira ati : « Ntawovuga ko ico kibazo catorewe umuti burundu mugabo hariho akarusho kuko ubu isomero ryose rirafise umwarimu arikurikirana urumva ko ata mwana aciyerereza ngo ntamwarimu afise eka kandi n’umwimbu w’abana wariyongereye ».

Utworero n’uturorero twiza twari dukwiye kwisungwa mu gihe habaye ibibazo bene ivyo bibazo. Kuko hari vyinshi bikira kandi vyari bisanzwe vyari gupfa kubera bene izo ngorane.

Partagez-nous votre opinion

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.