Photo d'illustration: Pixabay
article comment count is: 2

Abakozi b’Imana baracizewe nka mbere ?

Muri rusangi, amashengero afise uruhara runini mu buzima bw’ibihugu n’abakibamwo. Ariko rero, bamwe bamwe mu bayarongoye, ari bo bakozi b’Imana, barikika mu kiza maze bagakora ibitajanye n’ivyo biyemeze nko kuremesha igihugu c’Imana mu gusanasana no kuremesha imitima. Vincianne Nizigiyimana aribaza niba abakozi b’Imana bo mu Burundi bacizigiwe nka mbere.

Abakozi b’Imana bamye bafatwa nk’abizigirwa, abantu bo kwitura mu gihe umuntu afise akamuri ku mutima: yaba ingorane baramugisha inama canke bakamubwira ivyaha, ivyo abakatolika bita kwirega, abaporoti bakavyita kwihana. Iyo hagize uwurwara canke akarwaza uwiwe baramusengera atagisabwe. Bari kandi abantu bahanuzwa mu mibano, mu gihugu, eka bari mpanuzwajambo. Barangwa n’umutima w’ubwitonzi, guhuza abadahuza hamwe no kwubaka imitima ibabaye.

Abantu batari bake twaganiriye bambwiye ko abakozi b’Imana bo muri iyi minsi  bateye amakenga. Abenshi bakibaza niba abakozi b’Imana ba none bakiyikorera canke bikorera utwabo. Kuva inyuma y’intambara yabaye mu gihugu cacu, haraciye imyaka itari mike, haciye havuka amashengero menshi, cane cane mu bisagara. Aha umuntu yokwibaza ati  mbega n’ukwemera kwa cane canke? Ivyo ntawovyemeza kuko ubugizi bwa nabi bwarongerekanye nk’uko tubibona mu buzima bwacu bwa minsi  yose.

Uko ibintu vyifashe mu mashengero menshi y’ubu

Nk’uko nagiye ndabiyagirwa n’abatari bake, ku vyerekeye abakozi b’Imana, na cane cane bo mu madini y’abaporoti, ngo benshi muri bo barataye ubwizigirwa. Ikintu nyamukuru bagarutseko ngo amafaranga ni yo atesheje ibanga benshi. Aho abapasitori bamwe bafata abakristu babo nk’abo baronderamwo amafaranga gusa. Ivyo vyatumye bahindura inyigisho, ntibaba bakibwira abantu ngo bahebe ingeso mbi kugira bazoje mw’ijuru, ahubwo bakabigisha ko bagiye gutunga, kuronka vyinshi nk’amapete mu kazi, n’ibindi. Ivyo vyose bakabikora kugira abanywanyi b’amadini yabo babe benshi. Bakabigisha gutanga amafaranga kugirango baronke ya migisha bababwira.

Ivyo rero vyagira ingaruka yo gusambura amashengero. Umupasitori wa kabiri abonye ko uwumukurira aronka amafaranga menshi ntamugabanirize, yaca ashaka  gushinga ishengero ryiwe. Amatati akavyuka, intambara mu rusengero zigasekera. Bamwe bagiye barwanira mu  nsengero, nko mu gisagara ca Bujumbura, mu Kanyosha (amashengero atari make). Akarorero ka vuba ni ako mu mu Mabanda, mu ntara ya  Makamba, mu kwezi guheze, aho abapasitori babiri bo mw’ishengero rya Pentekoti barwaniye mu rusengero. Abakristu barigabuyemwo kubiri, imirima n’ibintu vyari aho hafi birononekara. Kabaye akamaramaza mu nzu y’Imana.

Ikindi benshi bagiriza abakozi b’Imana bamwe bamwe n’uko bagira nkunzi mu kurutisha abatunzi abakene. Abatanga amafaranga menshi mu masengero amwe amwe ni bo bafise ijambo.
Ijambo ry’Imana riti « mwabiherewe ubuntu mubitangire ubundi ». Niko umukiristu wo mw’ishengero riraho yidogera abakozi b’Imana yabwiye ngo bamusengere agwaye umutima na diabeti bagaca bamusaba amafaranga menshi kuko babona ayafise. Ngo hari n’abatemberera ingo zifise, babasengera birukana imivumo mugabo bakabaka amafaranga y’ivyo bikorwa ariko benshi bariko barabahinyura.

Abandi bakozi b’Imana bamwe bamwe bahamagara abakobwa mu biro vyabo ngo babasengere maze bagaca babajana mu ngeso mbi. Bamwe bagatwara inda mugabo bagategekwa n’abo bakozi b’Imana kubigira ibanga bakabafasha mu mpisho.

Akagohe umuntu yovunira abakozi b’Imana

Mu kirundi bati  umuryambwa aba umwe agatukisha umuryango. Ntitwovuga ko ari bose  mugabo abo bataye ibanga baratukishije bose aho basigaye bitwa abanyamayeri. Abagikorera Imana vy’ukuri ni bahanure bagenzi bao mu nyigisho bahuriramwo. Abamaze guta umurongo bari bakwiye kumenya ko ikibi atari ukurwa ahubwo ari uguherayo. Ni bikebuke bahindukirire Imana ibaharire kuko ivyo bakora bitukisha bo nyene ubwabo n’Imana  bitwa ko bakorera.

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (2)

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.