Ugutanga ishano mu ntara z’uburaruko
article comment count is: 2

Ugutanga ishano mu ntara z’uburaruko

Mu ntara z’uburaruko nka Kirundo, haraheze iminsi bivugwa ko himonogoje gutanga ishano. Ishano rero ngo riranagoye kuvura kuko ngo ntiryibonekeza kumwe ku bantu baba barihawe. Umuntu yokwibaza ukwo barisuzuma hamwe n’ukwo rivurwa iyo basanze umuntu yarihawe. Apollinaire Nkurunziza araducira ku mayange bimwe ku vyerekeye ishano.

Haraheze iminsi itari mike havugwa umuco mubi wo gutanga ishano mu ntara z’uburaruko bw’igihugu.  Ukumva  abantu bidoga bavuga ko risigaye ryiha inkumbi cane. Mbere ubwo bubisha benshi bakaba basigaye babufata nk’ikiza kuko ngo rihabwa abantu benshi muri iki gihe : abana n’abakuze. Hari naho usanga n’umuryango wose wariririye icarimwe.

Inyuma yo kwumva imyidogo hirya no hino, naragerageje kubaza abantu batandukanye ku bijanye n’ishano, ukwo umuntu ashobora kumenya ko yaririye hamwe n’ukwo rivurwa.  Bamwe mu bo twaganiriye, bakaniyemerera ko baririye, bansiguriye ko ibimenyatso vyerekana ko umuntu yahawe ishano atari bimwe kuri bose. Bati hari abo usanga bavyimba inda, abaribwa mu nda,  ngo hari n’abagira ibimenyetso nk’ivya malariya, bakamana imbeho. Mbere ngo iyo ryagushegeshe n’umushatsi urabenja.

Gusuzuma ishano

Kenshi birashika ko umuntu yikeka ko yarihawe atari vyo. Kuri ico, kugira amakenga ahere, ngo baraheza bakaja k’umuntu azi kuripima agaheza akabasuzuma. Vyongeye, ngo hari n’abazi kwisuzuma bo nyene: gukoresha amajani bashira mu cayi. Ngo umuntu ahengera mu gatondo ka kare agashira amajani menshi mu tuzi dukeyi agaheza akanywa. Iyo yariye ishano ngo aca ayorwa. Ikindi ngo  n’ukunywa amata y’umunyari ushize mu rigi ribisi canke ngo ugafata umutoto w’igitoke urya wo mu kanwa utaratabuka ukawukoza kunda mu gatondo kakare. Uyo mutoto uciye ubabuka ngo bisigura ko umuntu aba yarariye ishano.

Ngo hari n’ibindi vyinshi. Ku bw’abo bantu twayaze, ngo ikivyerekana cane n’ukwo igifungurwa waririyemwo udasubira kugishaka. Ukibonye ngo uca ugira iseseme. Eka baragera kure aho bavuga ko n’umuntu yariguhaye umubonye uca urwara ukaremba. Iryo shano rero ngo rikaba ritangwa cane cane mu ndya canke rikanyobwa mu mazi no mu nzoga.

Ukwikekana kuvuye ku gutanga ishano

Ibijanye no gutanga ishano bizana  ingorane  mu kibano zishingiye ku kwikekana. Usanga umuntu agenda aratungwa urutoke ko atanga ishano kandi ari umwikeko. Ivyo bigatuma ababanyi n’abagenzi bamuvako, akabura n’aho arahura umucanwa. Ubu rero hageze n’aho umuntu afashe urugendo arora mu ntara zimwe zimwe nka Kirundo abagenzi bamubwira bati uricunga nturye ishano.

None ishano rivurwa gute?

Naragerageje kubaza ukwo baheza bakivuza iyo basanze baraririye koko. Banyishuye ko kenshi badatumbera kwa muganga kuko ngo «  ivya kirundi bivurirwa mu kirundi ». Ngo hariho abavuzi b’imiti y’ikirundi baheza bakivuzako. Abo na bo ngo batanga umuti umuntu anywa agaheza akayorwa  yongera acibwamwo gushika iryo shano ryoshe rimuhezemwo.

Ico abaganga bavuga kw’ishano

Abajejwe amagara y’abantu na bo nyene narabegereye ndababaza ico babivugako. Naho, vy’ukuri ishano ribaho kandi rikaba rimaze guhitana abantu benshi, abaganga b’ikizundu bavuga ko ritemewe kuko ritaboneka mu bipimo vyabo. Baciye bansigurira ko iba ari imicafu iri mu biribwa abantu  bafunguye bigaca bibamerera nabi umubiri. Bati rero iyo bapimye umuntu bagasanga imicafu mu mubiri baca bamuha imiti yoza munda, agaheza akoroherwa.

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (2)

  1. Nukuri Aho Ntabubeshi Burimwo Ishano Mukirundo Riratangwa Gose.Naje Ndahakorera Kandi Siho Mvuka Namana Ubwoba.Abantu Baho Bamwe Muribo Baratanga Ishano Kubwinshi.Ntawupfa Kunywa Amazi Ahariho Hose.Nukuri Iyi Ngendo Mbi Yabantu Batagira Ubwenge Nubwo Kuja Kwiwese Batanga Ishano Barakwiye Kuyireka .Nosaba Imana Ko Yobararandura Kuko Ntaco Bamaze Kwisi.

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.