article comment count is: 1

Amakori y’umurengera, umutwaro ku banyagihugu

Mu ndinganizo y’ubuzima bw’ibihugu harimwo ugutoza amakori aja mu kigega ca Leta kugira agire ico afasha mu butunzi. Ayo makori rero atozwa ku bintu vyose bishobora kuba vyinjiriza amafaranya n’inyungu ku babikora harimwo n’imiduga n’ibindi. Ariko rero, iyo ayo makori agiye kuba umurengera, bihinduka umutwaro ku banyagihugu nk’ukwo Oscar Niyonkuru atuyagira ukwo abibona hano mu Burundi. 

Kuva aho Uburundi bugiriye mu ntureka za politike, haciye hakurikira ubukene bwinshi. Ibintu vyinshi vyaribwe ibindi biraturirwa, abagwizatunga bamwe barahunga. Nkako, biragoye gukorera umugambi mu gihugu kidatekanye. Ivyo vyose vyaje kwunyurwa n’ibihano vyagiye bifatirwa Uburundi. Ibihugu bifasha Uburundi vyarahagaritse imfashanyo. Kugira imigambi y’ighugu ibandanye, Leta isa n’iyaciye iduduza amakori ku bintu nka vyose vya nkenerwa. Eka n’ivyahora bidatozwako amakori ubu aratozwa.

Muri iryo duzwa ry’amakori, umukuru w’igisagara ca Bujumbura aherutse kumenyesha ko hari ikori rizotangwa n’abatwara abantu n’ibintu. Abakoresha imiduga, abakoresha amapikipiki, eka n’abagendesha amakinga, bazotanga ikori ry’ibibanza bahagararamwo. Iryo kori twomenya ko rije ryiyongera kuzindi ngingo zaheruka gufatirwa abunguruza abantu ku makinga no ku mapikipiki. Izo nazo zasaba ko umwe wese  agura udukoti tubiri turanga abakora uwo mwuga.

None izo ngingo zakirwa  gute n’abanyagihugu ?

Uwunguruza abantu akoresheje ipikipiki tubana naramubajije ukwo bakiriye iryo kori rishasha. N’agahinda kenshi, yanyishuye ati : «Reka sha kwitwengera. Ivyo badukoreye n’akamaramaza ! Uwu munsi wumva ngo gura udukoti, bukeye ngo tanga ikori. Ikibabaje n’ukwo ivyo biba tutagishijwe inama kandi bivugwa ko bije ku neza yacu ». Yarongeye ambwira ati: « Ubu nta muntu akirondera gutunga. Uronse ayo urarira utahana ayo ».

Abafise imyidogo si abo gusa. Uwu munsi abantu benshi ntibagira akazi bivanye n’ukwo amashirahamwe bakorera yugaye ayandi akagabanya abakozi. Uwinanase akiyungunganya aca ahura n’izo ngorane z’amakori y’umurengera. Uganiriye n’abadandaza, baravuga ko bakora bahomba. Ivyo ngo biterwa n’ukwo abantu benshi bagabanije uburyo bakoresha mu gusuma.

None umuti w’izo ngorane wova he ?

Biraboneka ko igihugu kiri mu bukene ntangere. Ku bwanje, ikori n’ikintu ciza cane mugabo bobanza bakaraba neza ingene ritozwa. Hamwe bigumye ukwo ndabibona, nta nkeka abantu benshi bohomba ndetse na rya kori rikenewe rikaburiramwo. Ku bw’ivyo, hari inzira zibiri mbona zotorera umuti ico kibazo.

Inzira ya mbere n’ukwo Leta yoganira n’abayifasha ukwo ibintu vyosubira ku murongo. Abakera barayamaze ngo: « Ibigiye inama bigira Imana ». Sintahura neza ukuntu abantu bareka kuganira ku co badahurizako. Ukwo habandanya ukudadaza nikwo umunyagihugu nyarucari abandanya akena kandi atari we nkwezi y’amarere.

Mu gihe naho Leta itohuza n’ayifasha, naho nyene hari iyindi nzira mbona yofasha. Iyo nayo n’ukwo hoshirwaho ikori ku batunzi. Ryoba ryerekeye abantu biboneka ko batunze cane kandi mu gihugu si bake. Abantu bahembwa imishahara minini na bo nyene botanga iryo kori. Muri ico gihe, n’abategetsi bafise uburusho bw’umurengera bukagabanywa, eka mbere bishobotse bukanakurwaho.

Nimba vy’ukuri twemera ko igihugu ari ica twese, twategerezwa kugikorera neza twese. Ntibitahuritse ukuntu umunyagihugu yikeneye yokwikorera uwo muzigo w’ikori wenyene. Ivyo bigiye mu ngiro, abantu bose bogira icizere bakabona ko urugamba ari urwa twese ata nyagupfa, ata nyagukira maze igihugu kikabandanya gutera imbere mu migambi.

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (1)

  1. Nukuri Uyu muvukanyi akoze aho turway twese. Mubisanzwe umukuru w’igihugu n’agarukire abenegihugu tugeze habi cane. Uje mu gihugu hagati ushobora guhura n’abanyagihugu benshi basa n’abagenda batambaye kubere uduhuzu twabahereyeko, nta mahera baronka, n’utwo bashira mu nda tuboneka babanje guca ingero. Ikori ryoryo riza ryunyura vyose. umudandaza araritanga hama agaca aduza ibiciro gose kugira ayigaruze. hama natwe turya dusumye,turinanata ariko itariki ya 15 zukwezi ntituyirenza. Iyindi misi duca tuyibamwo mu madeni y’umurengera hama ukwezi kugehez tukayatorera abo batugaburiye hama ukundi kwezi bigaca bitunanira. Rero uwuhembwa canke uwudahembwa twese mu vyukuri tubayeho nabi mw’ibi bihe. Reta nikore ibishoboka iganire n’abo bose batavuga rumwe, imfashanyo zize ubuzima bugaruke.

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.