article comment count is: 3

Ico kutabana neza mu muryango biturukako

Hirya no hino aho umwe wese aherereye, turakunze kubona ingo zitubatse neza. Ugasanga mu muryango nta mwumvikano uhari, eka mbere ugasanga zimwe zimwe birashitse zikanasambuka. Ivyo vyose rero biba bifise ico biturukako nk’ukwo Vincianne Nizigiyimana abituyagira.

Kuva aho hambere hahise, eka mbere kugeza n’ubu, mu migenzo y’ikirundi, gushinga umuryango ni intambwe ikomeye cane mu buzima bw’umuntu. Muri iki gihe ca none, urwo rubanza ruritegurirwa bikwiye. Haba mu kurondera utuntu n’utundi bazokoresha mu gutangura ubuzima bushasha, ariko cane cane mu kurondera uwo bazokwubakana. Ico gikorwa ntikiba coroshe kuko kurondera umuntu muzobana ubuzima bwose ni ikintu gihambaye. Abakristu bobo ngo bahitamwo gusengera abafasha babo. Abandi na bo ngo bagashima kugenzura imico n’inyifato y’abo bazokwubakana bakurikije ukwo bipfuza ko abafasha babo boba bameze. Ico kiringo co kuresha rero akenshi kiba gitandukanye cane n’ubuzima bwo mu rugo.

Igihe co kuresha

Ico kiringo akenshi gifatwa nk’ico kugenzurana no kumenyana n’abazubakana. Ariko, mu vy’ukuri, kiba ikiringo co guhendana no kwinyegezanya. Impamvu n’uko, yaba umuhungu canke umukobwa, bagerageza guhisha ingeso zabo mbi uwo bitegurira kubana . Mbere ni gake babwizanya ukuri ku buzima bwa kahise kabo. Ivyo vyose ngo babiterwa n’impungenge umwe canke uwundi aba afise zo guhebwa  n’uwo yipfuza ko bazobana. Ikiringo c’imbere yo gushinga urwabo kirangwa n’amajambo meza, asosa yo gusezerana amahoro, mu rukundo rutazohera. Agatwengo kaba ari kose, iterefone itava kuyindi, utuganuke, batemberana, n’ibindi bivanye  n’ubushobozi umuntu aba afise. Umwe wese mu bitegura gushinga urwabo aba yipfuza ko uwo munsi wogera akabana akaramata n’uwo yakunze.

Kuki  ubuzima bwo  mu rugo bukunda gutandukana  n’ubwo  mu gihe co kuresha ?

Ni ivy’ukuri ko iyo icipfujwe gishitse kiraryohera umutima. Umusore n’inkumi bipfuje kubana iyo babigezeko baranezerwa cane. Iminsi ya mbere, inyuma yo gushinga urwabo, umengo bose baba bari muri paradizo. Igitangaje ni ukwo uko iminsi ihera urukundo rw’abubakanye, aho gukura, rugenda rugabanuka. Abarundi bati akarimi kakureheje si ko kakurongora. Ya majambo asosa arazimangana agasubirirwa n’ibitutsi n’umuryano wa buri munsi.

Ivyo, ahanini, ico bivako ni ukwo umwe wese agenda arabona utugeso tutari twiza uwo bubakanye afise. Hari na bamwe iyo bamenye inyifato itari nziza yo muri kahise k’uwo bubakanye atigeze amucira ikanda baca bahitamwo kurondera abo kuruhande. Akenshi bishika nko ku bagore baba baravyaye imbere yo kwubaka mu nyuma bimenyekanye bikazana icuka kibi mu muryango no gusanzaza ubutunzi bw’umuryango nk’uko nabiganiriwe  n’abatari bake. Ubwo buzima ni bwo abagore benshi babayemwo, abagabo baronse amafaranga baca bayajana mu buhumbu.

Mu minsi iheze, kurenga ibigo vyibonekeza ku bagabo gusa. Ariko ubu ho iyo ngeso yarandukiye n’abagore. Kenshi ngo abagore bakunda amaronko, iyo babanye n’abagabo batunze hama bagakena, barabata bakaja kurondera abafise amafaranga. Abagabo nabo ngo hari uwushima umugore uko aba ameze akiri muto. Yamara kuvyara gatatu, kane umubiri wiwe ugahinduka, umugabo aramuta akaja kurondera abakiri bato.

Dufatiye kuri ivyo, dusanga ingeso yo kurenga ibigo ifise ingaruka nyinshi  mu muryango. Aha twovuga nk’urukundo rwategerezwa kuranga abubakanye ruherengetera, ubutunzi bw’umuryango busanzara, abana n’uwo basezeranye bakifumbereza. Indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka nka sida n’izindi ntizitangwa, umuryango ugahona, abavyeyi bagasiga impfuvyi ku ngoyi, hari n’aho zisigara zifumbereje ataco zifashisha.

Impanuro ku bipfuza kwubaka n’abamaze kubana

Ku bakiri bato bitegura gushinga izabo, bokwitonda bakabana n’uwo bihweje neza, ata bishobisho, bakabwizanya ukuri kuri vyose. Ku bamaze kubana bagasanga abo bubakanye hari ivyo babanyegeje canke ntibameze ukwo bari bavyipfuza, umuti si ukuja kurondera abandi. Urukundo rurabagarirwa. Ni berekane urukundo n’ingeso nziza. Gutyo, ingeso yo kurenga ibigo ibangamiye umubano mu ngo iranduranwe n’imizi.

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (3)

  1. Icoba Ciza Kubariko Bategura Kwubaka,nuko Umwe Wese Yobwiza Ukuri,Uwobariko Bategurana Kubana,Kuri Kahise Kiwe No Kumibereho Yiwe,kuvyo Akunda Nivyo Yanka Vyose.
    Ivyo Bikwiye Kuba Hagati Yabo Bantu Atakwiyumvira Ko Ahava Amuheba,kuko Vyoba Vyiza Kubana Numuntu Yakwemeye Ukuri Kwose.Bitabaye Uko Amahoro Murugo Azobura.
    Kubura Ico Wipfuza Bikomeretsa Umutima.Ariko Menya Neza Ko Divorce Yabatararushinga,nubwo Ibabaje,iroroha Gusumba Divorce Yabamaze Kurushinga Canke Kwubakira Kubisongoye.

  2. Kurondera Uwo Muzobana Ubuzima Bwose Si Ikintu Coroshe Na Gato. Ndatumiriye Abasore N’inkumi Kwitonda Mu Guhitamwo Neza N’ubwo Umwe Umwe Wese Arondera Guhisha Ingeso Mugenzi We. Bwizanya Ukuri Rero N’uwo Mwashimanye Niho Muzokwubaka Munezerana.

  3. Naho kubwizanya ukuri ari vyiza je mbona ko umuti urama aruko uwutarubaka yokwegera Imana kare atararesha(shwa)kugira Imana yo izi kugera imishaha imutorere uwo bazoshingana urugo bahuje.Kuko naho hoba kubwizanya ukuri akenshi bageze murugo batangura gupfa kwakuri yamubwira akama abimucukiza.Gusenga niwo muti ukiza kandi uramba.

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.