article comment count is: 0

Cndd-Fdd nk’umugambwe wiganje mu Burundi

Mu Burundi, umuzo wa Demokrasi wazananye n’imigambwe myinshi. Iyo migambwe yarabandanije kurwirirana gushika naho igera mu mirongo ine. Ariko rero, nk’ukwo Bakame (atashimye kwivuga izina) abibona akanabisigura, ubu aho ibintu bigeze, Cndd-Fdd usigaye ari nk’umugambwe wiganje mu Burundi.

Inyuma y’amatora yo mu 2005, umugambwe wahoze ari umuhari urwanya Leta, Cndd-Fdd, ni wo uri ku butegetsi. Kuva ico gihe, uwo mugambwe wagiye « uranyengetera » mu bice vyose bigize ubuzima bw’igihugu, gushika aho ubu usa n’uwamaze kwigarurira igice kinini c’abanyagihugu. Muti mbe ivyo vyagenze gute ? Canke bibonekera kuki?

Kuva Cndd-Fdd itsinda amatora, haribonekeje abantu benshi bo mu mice n’ibisata vyose bigize ubuzima bw’igihugu bawinjiyemwo. Hari abokwibaza ngo bawukunze ivyiyumviro. Jeho nibaza ko bamwe bamwe bariko bahiga ivyicaro n’inyungu zabo. Kuko, iyo bawushima ivyiyumviro, bari kuwujamwo na mbere ukiri umuhari, bakawukorera. Ivyo bifise insiguro kuko niho wari ukeneye inguvu kurusha aho wari umaze kuzihabwa n’abanyagihugu biciye mu matora. Jewe novuga ko vyabaye kwa kundi kw’umukecuru ahishije atabura abuzukuru.

Ukwo ibintu vyifashe inyuma y’intsinzi yo mu 2005

Ugucangwa kw’inzego z’umutekano vyavuye mu masezerano y’uguhagarika intambara vyarafashije ishingwa ry’inzego zihurikiwemwo na bose. Ivyo kandi vyarafashije umugambwe Cndd-Fdd kuronka ingabo zihagararira irangurwa ry’imigambi yawo. Nk’akarorero, itembagazwa ry’ubutegetsi ryaburabujwe muri Rusama 2015, vyaravuzwe n’umwe mu bari bariteguye ko ritashobotse bivuye ku ngabo vyagaragaye ko zishigikiye umukuru w’igihugu n’umugambwe aturukamwo.

Ndavyihweje, sinovuga ko ingabo zahora zirwanira umuhari Cndd-Fdd ata politike zijamwo. N’ikimenyamenya,  uwutwara uwo mugambwe ubu yatowe ngo awurongore ata n’ukwezi guheze avuye mu gisirikare ca Leta. Kandi nibaza ko ivyo bitatangaje jewe gusa.

Ndibuka ko, kuva muri Ndamukiza 2015, benshi mu barwanya Leta na Cndd-Fdd bavuga ngo nta minsi intwaro yawo isigaje idasenyutse. Yamara, naho haciyemwo ibihuhusi vyinshi, turabona ko ubutegetsi butahindutse. Ico ni icerekana ko umugambwe Cndd-Fdd hari ico usumbije abawurwanya n’abizera ko buca usenyuka.

Mu gihugu hagati, uravye no ku mabarabara makuru aduga, eka mbere no mu bisagara, usanga amabendera y’uwo mugambwe asa n’ayaruta  ay’imigambwe yindi yose ikoranye. Eka noneho, no mu Nama nshingamateka na nkenguzamata, nta n’urunani na rumwe rwoshobora kwiyunga ngo rusumvye inguvu uwo mugambwe. Hageze mu vy’imibano, uzosanga n’abagumyabanga basa nk’uko ubu ari bo bonyene bakirangura ibikorwa vy’imigambwe mu gihugu hagati. Imigambwe irwanya Leta myinshi isa n’iyazimanganye, canke nk’iyisigaye igizwe n’abayitwara gusa, kuko ata bikorwa igishobora kurangura. Ikindi naco, uzonasanga Imbonerakure ari rwo rwaruka ruvugwa gusumba urundi rwaruka rwo mu yindi migambwe.

Ivyo rero bishobora kuba bifise inkomoko itabwirizwa kuba ari nziza  kandi ntibibwirizwa kuba biha ishusho ryiza igihugu citwa ko kiri mu ntwaro ya demokrasi. Imigambwe iri ku butegetsi imaze kuba irusha inguvu iyindi migambwe yose, usanga isigaye imeze nk’iyigenzura vyose mu gihugu. Ico ishatse cose umenga coranguka ata yindi migambwe igishijwe inama canke ngo yumvirize ivyiyumviro vy’abo batavuga rumwe. Niho usanga hariko harava n’ugukingiranira ikibaba, ka mwana wa mama, ukudahana, ukwivanga mw’igaburwa ry’ubutegetsi, n’ibindi. Maze rero ugasanga womenga igihugu kiri mu ntwaro y’umugambwe umwe.

Ibikurikira iyo shusho y’ukwo ibintu bimeze

Ubu n’uwuronse akazi ka Leta canke aronse icicaro gikomeye, usanga mu kibano baca banuganuga ko yoba akorera umugambwe uri ku butegetsi. Ko biri ukwo rero, uwo mugambwe ukaba warakwiye mu mice yose, birakwiye ko worangura imigambwi myiza ku gihugu maze nivyawunanira ntuze witwaze ngo wabuze ibi canke biriya kuko burya, nta butunzi buza buruta abantu, abo n’abo ukaba ubafise kuva hasi mu barimyi, abatagira akazi, gushika hejuru mu nzego nkuru z’igihugu.

Partagez-nous votre opinion

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.