article comment count is: 2

Kubana bidaciye mu mategeko mu kiyaya c’Imbo

Mu Burundi, turamenyereye kwumva ingeso yo kubana canke kwirukana umugore bidaciye mu mategeko. Ariko rero, hari intara zimwe zimwe z’igihugu vyibonekezamwo kuruta izindi. Vincianne Nizigiyimana aratuyagira ukwo iyo ngeso yimonogoje mu kiyaya c’Imbo.
Umupfasoni ni kirumara mu muryango, haba aha  mu Burundi, eka no kw’isi yose. Abarundi baraciye umugani ngo « umuhushatunga ahusha umugore ». N’aho biri ukwo mu ntara kama zimwe zimwe zigize igihugu cacu, sikwo bimeze. Aha  twovuga nko mu kiyaya c’Imbo aho biboneka ko uburenganzira bw’umugore butubahirijwe. Ashobora no kwirukanwa umwanya wose umugabo avyishakiye. Nta nama, nta mpanuro bibanza kubaho. Ikibabaje ni uko n’abapfasoni bo muri iyo ntara kama y’Uburundi babifata nk’aho ari ibisanzwe.

None iyo ngeso ituruka kuki?

Ico ni ikibazo umuntu wese yokwibaza. Igituma kubana no kwahukana bidaciye mu mategeko bigwiriye cane muri ako karere gusumba mu zindi ntara kama z’Uburundi. Naraganiriye n’abatari bake mu baba mu kiyaya c’Imbo bambwira ibituma bitandukanye bitera kubana no kwahukana bidaciye mu mategeko.

Bamwe bambwiye ko Imbo hashushe bituma abana b’imiyabaga bubaka hakiri kare. Mwene abo baca bigira bakabana uko nyene. Abo babanye bakiri bato, haciye iminsi baraharurukana ivyo kubana bikabagora bitewe n’imyaka mike. Ikindi abatari bake bagumye bagarukako ngo ni amafaranga. Mu kiyaya c’Imbo hari uburyo bwinshi bwo kuronka  amafaranga: uburovyi, ibigazi, umuceri, eka n’urudandazwa. Iyo umugabo rero yejeje umuceri, ibigazi vyamye neza canke  mu  kiyaga vyagenze neza, aca yirukana umupfasoni wiwe akazana uwundi. Canke iyo atamwirukanye aca yigira mu buhumbu.

Ikindi bambwiye bivako ngo ni ubukene bw’inyigisho, bitewe n’ukwo Imbo batiga ku rugero rushimishije muri rusangi. Ivyo biva ku dufaranga bakura baronka bakabona umengo kwiga bigarukira ku amafaranga gusa.  Ivyo bica bituma abapfasoni batamenya uburenganzira bwabo mbere n’agateka kabo ntikubahirizwe.

Inkurikizi zo kubana bidaciye mu mategeko ?

Kubana bidaciye mu mategeko bifise ingaruka mbi ku umuryango wose, na cane cane ku umupfasoni mbere no ku bana. Aha twovuga ku mupfasoni, kwirukanwa nk’umucangero mu rugo rwawe wakoreye atakubaza ikintu na kimwe muvyo barondereye hamwe n’umushingantahe wiwe. Bamwe muri abo bapfasoni birukanywe baca bayerera barondera uko bobaho. Abandi bitewe no kutabona ubuzima iyo buja bakaja mu ngeso mbi kugira ngo bashobore kubaho. Ivyo birahava bikabakwegera ingorane nyisnhi nk’indwara zidakira. Tutibagiye ko bitesha agaciro mu kibano, uwahora ari inarugo akitwa igihumbu.
Ku bana bavutse muri uwo muryango, kazoza kabo kaba kagoye cane nk’ukwo mu kirundi bayamaze ngo « umwana agirwa na nyina ». Abo rero baca baba abana bo mw’ibarabara. Ubasanga ku kiyaga batora utudagara, ivyo bita kunobera, abandi batoragura imise aho bengera ibigazi.

 Uko mbona ibintu

Ubwa mbere n’ukwo abajejwe intwaro   mu kiyaya c’Imbo bogerageza gutuza iyo ngeso yo kubana bidaciye  mu  mategeko, bagahana, bagahasha bimwe biboneka abafaswe bubatse bitemewe n’amategeko. Eka mbere hakaba n’isuzumwa ry’ingo zidakurikije amategeko! Ikindi, bohana umugabo yirukanye umugore wiwe akazana uwundi bitisunze amategeko. Abapfasoni baserukira abandi, haba mu mashirahamwe ya Leta, abari mu nzego bakwiye kwigisha abigeme b’imiyabaga n’abakenyezi bo mu kiyaya c’Imbo ineza yo gushinga umuryango biciye mu  mategeko.

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (2)

  1. HARI ABANTU N’ UKURI USANSANGA BIZERANA CANE, BAKUNDANA CANE; BADASHAKA KO AMABANGA YABO HAGIRA UWAGATATUTU AYINJIRAMWO NA CAN CAN UBU UBUZIMA TUGUMA TUBUZIMBISHA; « NA KARE NGO UBUGIRIGIRI BUGIRA BABIRI »!
    ARIKO RERO TUSHATS’ ABANA, TWIBUKE AMATEKA YABO: UKWIGA, UBUZIMA, AKARANGAMUNTU, ITONGO,… MU KUMENYESHA NO KWANDIKISHA MU BADUTWARA!

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.