article comment count is: 0

Malariya n’indwara ya mbere ibangamiye Abarundi

Mu Burundi, co kimwe no mu bindi bihugu, hari indwara usanga zikunda kwibonekeza cane kuruta izindi. Ivyo rero bikunda kubonekera ku bitigiri vy’abagwayi baza kwitura muganga ku mavuriro atandukanye. Ikimaze kwibonekeza n’uko malariya ari indwara ya mbere ibangamiye Abarundi. Rénovat Ndikumwenayo, umunyeshure yigira ukwunganira abaganga, aratuyagira ukwo iyo ndwara yandurwa, ukwo twoyivuza hamwe n’ukwo twoyikingira.

Malariya ni indwara mbi cane kuko yica ningoga mu gihe umurwayi atayivuje hakiri kare. Twese turazi ko Abarundi batari bake bugarijwe n’indwara nyinshi cane kandi zikomeye. Muri izo zose, malariya ni yo iza ubwa mbere. Ikaba rero ibangamira cane cane abagore bibungenze hamwe n’abana batararenza imyaka itanu. Malariya ifata cane abantu baba mu biyaya gusumba ababa mu mitumba ihanamye. Amatohoza yakozwe n’ishirahamwe PNIP ribifashijwemwo na Caritas Burundi yerekanye ko ibice 80 kw’ijana vy’Abarundi babangamirwa n’iyo ndwara. Mirongo itanu na batandatu ubasanga mu ntara zo mu biyaya, mirongo ibiri na bane nabo mu mitumba ihanamye. Ikindi cerekana ko iyo ndwara ari iyo ya mbere ibangamiye Abarundi batari bake nk’ukwo nko kw’ivuriro rikuru ryo mu Rutana, mu bitaro vy’abakuze, abarwayi icumi kuri cumi na batanu usanga bagwaye malariya.

Narashoboye kwegera umwe mu barongoye ivyo bitaro ndamubaza igituma hibonekeza abagwayi ba malariya gusumba abandi yanyishuye ati: « Ubwa mbere ho ibi bitaro biri mu ntara ikazemwo malariya kandi abanyagihugu baho bakaba babayeho mu buryo bubayebaye. Imiti ya malaria nayo ikaba ibazimba. Kiretse abana batarenza imyaka itanu bavurwa ku buntu. Aha mwomenya ko, muri abo bagwaye malariya, abatari bake usanga bafise ingorane zo gukama amaraso kubera bafungura nabi ». Ndasubira Ndamubaza nimba iyo ntara yimbuka yansubije ati: « Ni iya mbere imera kandi yimbuka. Gusa abantu baho ntibaramenya gufungura neza kuko ibiharage n’ibigori bashima kubishora bakagura ifu y’imyumbati, nayo ikaba ata kamaro kanini ifise ku magara y’abantu ». Ndamubajije ko iyo ntara y’ubuvuzi ifise abakozi bakwiye bajejwe kwigisha kugwanya malariya, yambwiye ko ifise abaremeshakiyago ariko ko ingorane ihagaze ku kwivuza nabi biva ku bukene bw’abo banyagihugu. Baca bahitamwo kuja kugura imiti idakwiye muri magendu kandi batipimishije.

Ukwo malariya ifata

Iyo ndwara iterwa n’umubu w’igitsina gore iyo ukuriye wariye uwundi muntu agwaye malariya. Kugira umuntu amenye ko agwaye malariya, yumva afise ubushuhe bwinshi, akajugumira, akameneka umutwe, akabura akayabagu, akumva mu kanwa harura, mbere n’ukuyorwa akayorwa, agacika intege, n’ibindi. Ivyo bimenyetso vyose rero si ngombwa ngo vyibonekeze, ibimenyetso bibiri canke bitatu birakwiye kugira umuntu abibonye ace anyarukira kwa muganga.

Ingaruka mbi zo kutivuza malariya hakiri kare

Iyo umurwayi atanyarutse kwivuza, ashobora kugira ingorane yo gukama amaraso, akavyimba amaguru, igatuma umuntu adashora kwituma neza umwanda muto, agata ubwenge, n’izindi ngaruka mbi zitari nke. Hari n’abandi iyo bagwaye malariya baca baja kugura ibinini vy’umutwe maze babonye ubushuhe bugabanutse bagaca bijajara ngo bakize. Muri ico gihe iyo ndwara ica yibika ikazogarukana amakari menshi ari naho baca bavuga ngo bamutoye malariya y’imisaraba itatu. Bigaca bisaba ko kugira umuntu akire neza abanza kugwarira mu bitaro ikiringo kitari munsi y’iminsi indwi.

None twokwingira malariya gute?

Abantu bari bakwiye kumenyera kwipimisha malariya bakongera bakayivuza neza mu gufata imiti neza ukwirikije impanuro zo kwa muganga hamwe n’ukuryama mu musegetera urimwo umuti wica imibu. Aho ntitwokwibagira kugwanya ibinogo bitegamwo amazi ari vyo imibu itamwo amagi hama ikarondoka kuko biri mu mu bituma malariya igabanuka. Leta nayo yari ikwiye kugerageza kwongereza uburyo mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu n’ukugwanya SIDA mu kuvura abagwayi bose ba malariya ku buntu, kugira malariya ishobore kugabanuka, n’imiburiburi, gushika kubice 10 kw’ijana.

Partagez-nous votre opinion

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.