article comment count is: 0

Ingorane z’amakarata yo kwinjiza amafaranga

Haraheze iminsi ishirahamwe Econet Leo ririko riradandaza amakarata yo gushira amafaranga muri terefone yanditseko « Nipe Buddie ». Amenshi muri ayo makarata akaba ari ay’igihumbi. Iyo uyiharuye wihuta, akenshi ibiharuro biratabukana n’agakarata. Ivyo rero bikaba bitari bimenyerewe ku makarata yahora akorwa n’ishirahamwe Leo maze bigatuma abaguzi n’abadandaza bazo bato bato bidoga nk’ukwo Caritas Ninziza abituyagira.

Imbere y’uko ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru biciye kuri terefone Econet-Wireless rihinduka EconetLeo, abantu bakoresha amaterefone hariho umwidogo batari bamenyereye. Ariko rero, ntawuzi ko vyose vyava k’uko Econet yari isanzwe ifise abanywanyi bake ugereranije na Leo. Kuko aho ayo mashirahamwe amariye gufatanywa, imyidogo yaratanguye kwumvikana. Iyo myidogo mvuga aha nayo yari ijanye n’amakarata yo gushira amafaranga muri terefone. Amakarata yahora adandazwa na Econet, menshi muri yo y’igihumbi, yanditseko « Nipe Buddie », yarateye ingorane nyinshi abantu batari bake. Izo karata nka zose uharuye zatabukana n’ibiharuro vyategerezwa kwinjizwa muri terefone.

Ico abadandaza ayo makarata babivugako

Umwe mu badandaza amakarata yo gushira amafaranga muma terefone, muri zone ya Gihosha, aratubwira ukwo vyatanguye : « Mu minsi yambere vyaragiye biratera ingorane ugasanga ufise bene ubu bwoko bw’amakarata nturiko uradandaza neza. Ugasanga abanywanyi benshi bashaka kugura gusa amakarata yahora akorwa n’ishirahamwe Leo kuko ariyo yaharuka neza. Izi zindi rero zarabagora cane bagahitamwo kuziheba. Ubu kenshi mpitamwo kuziharurira abaguzi bose kuko bisaba ubuhinga n’ubwitonzi ntangere. Wihenze ugaharura cane canke wihuta, zica ziharukana n’ibiharuro ».

Uwundi mudanzaza wo muri ako karere nyene nawe yavuze ati : « Erega burya izi karata bari barahagaritse no kuzitanga hariya ku biro bikuru. Ariko ikidutangaza n’ukwo ubu zagarutse ku bwinshi. Eka mbere iyo unabajije za zindi zahora zikorerwa muri Leo bakubwira ko zaheze ubu hari izi zonyene. Ivyo rero nka jewe vyaranteye ingorane mu ntango kuko abaguzi benshi barazingarukanira kubera zaharutse nabi ». Umuntu yari iruhande yatwumviriza turiko turayaga ni we yavuze ati : « Mu bisanzwe Econet nta banywanyi benshi yari ifise. Ubu rero bategerezwa kubanza kudandaza izo bari barakoze kandi zizomara umwanya. Ubo ngo n’iyo ugiye hamwe hahora ibiro bikuru vya Leo usanga hari bene izo zonyene ».

None bizobandanya ukwo ?

Umuntu yihweje ukwo bimeze aribaza niba EconetLeo izobandanya kugumiza kw’isoko izo karata kandi imaze kwumva ingorane zijanye na zo. Kuko mu bisanzwe umudandaza uwo ari wese yari akwiye gukora ibishoboka kugira ashimishe umuguzi. Ariko kandi ivyo birakunze kwibonekeza iyo abadandaza babonye ko bamaze kuronka abaguzi benshi kandi badashobora gusubira inyuma, barimenyera ugasanga ivyo bariko barashira kwisoko ntibigifise akanovera nk’aka kera. Kuko bibwira bati naho twobikora ukwo dushatse ubu baramaze kuba abacu ntahandi bari bugende bazoguma baza kugura.

Ku neza ya EconetLeo, no ku neza y’abaguzi nyene, iryo shirahamwe ryari rikwiye gusubira gukoresha ubuhinga bwahora bukoreshwa na Leo mu gukora amakarata y’igihumbi n’ayandi agoye guharura. Gutyo bizofasha abaguzi kandi bibandanye guha icizere iryo shirahamwe nk’ukwo ryari rigisanganywe.

Partagez-nous votre opinion

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.