article comment count is: 5

Ukwemera vy’indenzarugero bifise izihe ngaruka ?

Mu Burundi, co kimwe no kw’isi yose, abantu baremera Imana. Ariko rero ukwemera kugenda kuratandukana ukwo abantu batandukanye. Hari bamwe rero bemera vy’indenzarugero maze ugasanga biranabagiriye n’ingaruka mbi nk’ukwo Prosper Niyonkuru abituyagira.

Ugusenga vyamyeho kuva kera haba mu Burundi eka no kw’isi yose. Ariko uwo mugirwa ukorwa mu buryo bwinshi bivanye n’ivyo umwe wese yemera.  Hari abemera Imana imwe, yo mw’ijuru, abandi nabo bakemera izindi mana zabo, nk’izuba, ukwezi eka n’ibindi dusanga mu bidukikije. Ariko rero na bo bakumva banezerewe n’uko imana zabo zibumvira mu vyo bazisavye.

Amadini ya gikritsu nka yose aremeza ko dutegerezwa gukora neza kugira tuje mw’ijuru. Iryo juru rero turikorera ugutandukanye. Rimwe na rimwe, amadini arashiramwo n’inguvu mu gushiraho amategeko abuza abayoboke bayo gukora iki canke kiriya. Ivyo vyose bigakorwa kugira ngo uwo mugambi wo kuja mw’ijuru uhave ushikweko neza. Nama nibaza nimba ayo mategeko hari ico afasha mu kwizera kw’abakristu. Hari abo usanga batayakurikiza neza, abandi nabo bakayakurikiza eka mbere bakanayinjiza cane mu buzima bwabo. Haragera igihe nkibaza ko ari naho mbere hava ukwizera kurenze urugero.

Ingaruka mbi z’ukwemera vy’indenzarugero

Abarundi barayamaze ngo « usaba Imana ukanuye amaso ikaguha ibiyamena ». None boba barihenze? Hari amadini amwe amwe yigisha ko kugira tuzoje mw’ijuru dutegerezwa kugera ikirenge mu ca Yezu. Nk’ukwo nabisomye ku rubuga ngurukanabumenyi, ni muri iyo ntumbero umupasitori yitwa Alfred Ndlovu wo mu gihugu ca Afrika y’epfo aherutse gupfa adashikije ihangiro yari yihaye. Uwo rero ngo akaba yashaka kwisonzesha iminsi mirongo ine hamwe n’amajoro mirongo ine nk’ukwo Yezu yabigize. Ariko akaba yahavuye atorwa yitavye Imana inyuma y’iminsi mirongo itatu mw’ishamba aho yari yagiye kwisonzeshereza. Nkaba mbona ivyo yakoze ataho bitaniye no kwiyahura. Ico naco kikaba ari icaha.

Aha iwacu rero abantu nk’abo ntibabuze. Haracibonekeza amadini ategeka abayoboke bayo gusenga cane. Mbere benshi babikorera mu vyumba bita ivy’amasengesho maze bagasenga biyugaranye. Muri ayo madini, hari n’abahora bankira abayoboke babo kuja kwa muganga iyo bagwaye, bakabategeka gusenga gusa ngo Imana izobakiza. Ingorane zama zibonekeje n’ukwo hari abahora babipfiramwo abandi nabo bakiyumvira kubajana kwa muganga bamaze gusinzikara. Eka hariho n’abahora bahagarika imirimo yabo abandi bagata ubuzi bakigira muri ayo masengesho gusa ngo ibindi vyose bakeneye mu buzima Imana izobikora.

Akagohe novunira abemera bose

Abantu bagifise ivyiyumviro nk’ivyo, barakwiye kumenya ko gusenga atari ugupfa kwemera vyose batiyumviriye. Barakwiye kumenya ko ijuru ritaronderwa ku nguvu kandi bakamenya ko utarironka ubanje guheba ibikorwa vyo ngaha mw’isi. Ahubwo bari bakwiye kwumva ko mu bikorwa vyiza nko gufashanya ariho hari urupfunguruzo rw’ijuru kuko na Bibliya irabivuga neza : ugusenga kutagira ibikorwa ntaco kuba kumaze.

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (5)

  1. Iri jambo wanditse ngo « Ariko rero na bo bakumva banezerewe n’uko imana zabo zibumvira mu vyo bazisavye » ryerekana nkumbure uruhande uhagaze mwo mu kwizera kwawe, ariko Imana y’Uburundi twemera, turazi ko ar’imwe Rudende. Naho hoboneka ibitangaza bivuye ku kindi bita Imana, ukwizera kw’abarundi benshi gusa n’ukwa Yobu ngo: « kwubaha Uhoraho nibwo bwenge, kandi kuva mu vyaha nikwo gutahura » (Yobi 28: 28). Uhoraho Uburundi bwubaha n’umwe, abo bizera ivyo bindi ubwo nabo nirwo rugero bagezeko.

    Ugusenga rero ni ngombwa. Ego turazi ko hariho abafise ukwizera kurenz’urugero, bagashaka kukwerekana mu gukor’ibintu vy’indengakamere. Bibliya ivuga ko ar’ukwirarira, mur’aya majambo ngo :  » Ubuntu ni bwo bwabakijije kubw’ukwizera: navyo nyene ntivyavuye kuri mwebwe, n’ingabire y’Imana; ntivyavuye ku bikorwa kugira ngo hoye kugira uwirarira (Abanyefeso 2: 8-9). Ico ciyumviro waherejeko ntikijanye n’inyigisho zo mw’ijambo ry’Imana, ah’ubwo cavuye mu mangetengete y’ab’isi. Yakobo ni we yanditse ngo :  » Nkuko umubiri utarimwo impwemu uba upfuye, niko n’ukwizera kutagira ibikorwa kumeze (Yakobo 2: 26). Yamara ntiyigeze avuga ko ibikorwa vyonyene bishobora kuba urupfunguruzo rw’ijuru; ako n’akantu bamugerekeyeko. Hariho n’abahora bafatira kuri rya jambo rya Yezu ngo : « Narashonje ntimwangaburira, nari mu munyororo ntimwaza kundaba… None ho bakiberaho abatitwararika amategeko y’Imana, bakirya icara ngo kazima baja kuraba abarwaye, bafasha impunzi n’abakene n’ibindi… Kandi kenshi bakunda gufasha abo bazi canke bahuza ivyiyumviro. « Abapagani bo siko bagira none? » (Matayo 5: 47). Soma neza Bibliya yawe: Ibikorwa Imana yemera, niyo iba yarabiguteguriye. Kuva ku musi wemeye kwakira ingabire yo kwizera Yezu, uratangura urugendo, ivyo bikorwa navyo ugenda ubisanga ku nzira yawe: « Kuko tur’ibikorwa vyayo, twaremewe muri Kristu-Yezu ngo dukore ibikorwa vyiza, ivyo Imana yateguye kera ngo tubigenderemwo  » (Abanyefeso 2: 10). Imborerwa, abanyamacakubiri, abanyenzigo, abagwanyi, n’izindi nkozi z’ikibi n’abapagani bose barashobora gukora ibikorwa vyiza bitez’imbere ingo zabo n’ababanyi babo. Ariko kuko bitigeze baremwa ubwa kabiri muri Kristu-Yezu, ivyo bikorwa vyabo ntibibagirira akamaro imbere y’Imana. Reka ndangize mvuga ko n’abizeye Yesu nyene, iyo bakoze ibikorwa Imana yabateguriye ngo babigenderemwo, kugira ngo vyemegwe mw’ijuru, bisaba ko Data abibona nk’aho vyoba bikozwe n’Umwana wiwe w’ikinege Yezu-Kristu.

    Prosper muvandimwe, Imana « iradukiza itadukirishije ibikorwa vyo kugororoka twakoze, ariko nkuko imbabazi zayo ziri, idukirisha ukwozwa kuzanwa no kuvuka ubwa kabiri,  » Kuk’urukundo Imana yakunze abari mw’isi, arirwo rwatumye itanga umwana wayo w’ikinege, kugirango uwumw izera wese ntaz’afe rubi, ariko ahabwe ubugingo bugadashira » (Tito 3: 5 na Yohani 3: 16)

    1. Yaaaaaaah!!!Ko Bimeze Birtyo,tuvuge Ikii?Bisanzwe Imana Iri Muruhande Rwacu Uwoturwanya Ni nde?Itimanye Umwana Wayo,Ikamutanga Kubwacu Twese,Izobura Ite Kutugabirira Vyose Kuri We?Abaroma 8:31-32,irindi Rikambwira Riti?Kuko Niwaturisha Akanwa Yuko Yesu Ar’Umwami,ukizera Mu Mutima Yukw Imana Yamuzuye Imukuye Mu Bapfuye,uzokizwa.Abaroma 10:9 Ncut Ijambo Uherejeko Rirangejeje Ahandi Nigira Mvuge Ibi Ijambo Ry’Imana Ririkwije Kandi Rigira Ububasha Ncut Prosper Ngira Yumvise Ko Ijambo Atamuntu Afise Ububasha Bwukwongera Kuco Imana Yavuze Nimba Ivuga Kugera Ikirenge Muca Yesu Canke Kwaturisha Akanwa Ku Muntu Ko Yesu Arumwami, Sukuvuga Ko Arivyo Bigeneye Nivyo Ijambo Rivuga Rero Ijambo Rifise Ubushobozi Burenze.

  2. Turavye muvyanditswe, dusanga ko atawukizwa kubera ibikorwa ariko akizwa aruko yizeye Yesu Kristo kuko mu baroma handitswe ngo: »Ingero yicaha nurupfu, #ariko_ingabire_y’Imana_nubugingo_budashira_bwo_muri_Yesu_kristo. Rero aha turabona ko ubugingo budashira atari ingero, ahubwo ni ingabire.

  3. Ni vyo Prosper. Ibijany n’ugusenga ni akayobera bahinga. Mu vyukuri ibi bintu vyo gusenga vyazanywe na bazungu babera bironderera inyungu zabo,co kimw n’abakoroni bandi. kand vyongey nta wapfuye yagarutse ngo atubwire ukuri kw’inyuma y’urupfu. nico gituma dukwiy kubijamwo bukebuke kand ntidufate nabi atabijamwo kuko Imana izicira urubanza

    1. Tubwize ukuri: None abazungu bagize nabi kutwigisha gusenga Imana y’ukuri? Ivyo gusenga vyoba akayoberabahinga gute? kuko Imana isengwa irahari, ivy’ikora s’agaseseshwarumuri, kandi n’abayisenga barahari. Nta kibanza c’abahinga kiriho, iyo wemeye kuba umugenzi w’Imana ngo muyage muhuza na Yo. Zaburi igira iti:  » Uze unyambaze ku musi w’amagorwa, nzogukiza nawe uzompesha icubahiro (Zaburi 50: 15).

      Mbe ko utubwira ngo nta wafuye yagarutse, ushaka kutwemeza ko ivyizigiro dufise muri Kristu vyo kuzuka mu buninahazwa ko vyoba ar’ivy’ubusa? Ni waba utemera ko Kristu yazutse, ngo wemere ko yadutanguriye akatubera umushuzo, ukaba utemera ko abantu benshi bazuwe n’urupfu rwa Kristu (soma Matayo 27: 51-53), urumva ko ufise ingorane na wewe nyene. Sinumva ikigutumye kugira inama abizera, kandi utar’uwo muri bo. Ubutumwa bwiza buvuga buti: « Asangwa atawuzuka nta Kristu ntiyazutse! Kandi ni yaba Kristu atazutse, twoba twigisha ibinyoma, n’ukwizera kwanyu ntaco kwoba kumaze. Natwe twoba tubonetse ko turiko turaremera Imana ikinyoma, kuko twayishingiye intahe yuko yazuye Kristu kandi itamuzuye… Kandi asangwa bimeze birtyo, n’abasinziriye muri Kristu barayogeye. Ariko noneho Kristu yarazutse mu bapfuye, niwe yatanguriye abasinziriye… Kristu niwe yatanguye, maze aba Kristu bazokurikirako bazuke, aho azozira (1Abakorinto 15: 13-15, 18, 20, 23).

      Waduhanuye ngo « dukwiye kubijamwo bukebuke kandi ntidufate nabi abatabijamwo ». Numvise nciye nshaka kumenya umuntu nkawe uw’uriwe, kuko ntusanzwe. Ni nde ashobora guhagarika umuvuduko w’abakurikira Yesu mur’iki gihe c’imperuka. Ngira ngo wibeshe, ariko n’ibisanzwe, kuko twese abana b’abantu dushobora kwibesha. Abatabijamwo ntawobafata nabi kuko nta n’uburenganzira tubifitiye, ahubwo turabasengera. Bibliya Yera ivuga ngo: « Ariko ntimumufate nk’umwansi wanyu, ariko mumuhanure nk’umuvukanyi (2Abatesalonike 3: 15)
      Ahubwo reka kwigira umuhinga, ingo nawe wakire ukwo kwizera usenge nkatwe, « Kuko twese tutazobura kugaragarizwa imbere y’intebe y’amateka ya Kristu, kugira ngo umuntu wese ahabwe ibihwanye n’ico yakoze akiri mu mubiri, ar’iciza canke ar’ikibi (2Abakorinto 5: 10). Wewe Ntaconayigize Innocent, nawewe, uzorengutswa imbere y’iyo ntebe kur’uwo musi. Ntawuzosigara, abazima n’abappfuye twese tuzohaca. Ariko, « Abari muri Kristu-Yesu, nta rubanza ruzobatsinda  » (Abaroma 8: 1)

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.