Photo d'illustration. Source Photo
article comment count is: 15

Amakuba yo gukwiza imyaka 30 utarubaka mu Burundi

Mu Burundi, abavyeyi hamwe n’umuryango barahimbarwa iyo bungutse ikibondo, bakamutunga, bakamushira mw’ishure eka mbere bakanamukunda uko bikwiye. Ariko rero, ivyo hariho imyaka bitarenza… Elodie Muco aratuyagira ingorane abakwije imyaka 30 bakibana n’abavyeyi bagira.

Mu Burundi, abakobwa bararemerwa cane n’imiryango yabo, na cane cane iyo bariko baregereza imyaka mirongo itatu. Kuba utarubaka urwawe ku myaka 30 bifatwa nk’ikosa, na cane cane ku bakobwa. Abatari bake baboba ko, kuri iyo myaka, umuntu yategerezwa kuba amaze gushika umuryango wiwe. Ikibano co mu Burundi nticishimira kubona abakobwa bagira imyaka myinshi batarubaka. Ntibitahuritse ko, ku myaka 30, umukobwa aba atararonka umugabo amutunga. Mu vyiyumviro vyo muri rusangi, abakobwa bategerezwa kwitwararika kudaca imvyaro bakiri iwabo.

Ababishinzeko intahe

Nancy, ku myaka 33, ntaraja kwubaka urwiwe. Aremeza neza ko atitwararitswe kandi ko abantu badashaka kumutahura. Yarigeze gukundana n’abahungu babiri ariko bose baramuhemukira none, ubu, yararambiwe. Arazi neza ko ukwo umwanya uhera ariko n’amahirwe yo kuronka umugabo abandanya agabanuka. Ku vyerekeye uko ababanyi canke umuryango bamuremera, yaramaze gutimba.

Divine nawe afise imyaka 36 akongera akaba nyina w’umwana w’imyaka 6. Kuba atarubaka urwiwe ku myaka afise, aremeza neza ko ico ciyumviro camaze kumuvamwo :  « Ndafise akazi keza, ndashobora kwitunga no gutunga umwana wanje jenyene kandi ndabinezererewe. Umuntu arashobora kubaho neza atamugabo agira, abantu nabo bagashaka bakavuga ivyabo. N’ubuzima bwanje kandi ndaryohewe !».

Kuri Ange hoho, iminsi mikuru yo mu muryango isigaye ari ikigeragezo. Ababanyi n’abagenzi ntibahengeshanya kumubaza igituma atarabereka umukunzi wiwe. We aritwengera ati : « Umenga ntuze biroroshe kuronka uwo mukundana ! »

Mu Burundi, ukwubaka s’ukubana kwa babiri gusa. Ahubwo n’uguhuza imiryango ibiri bikongera bikaba n’uburyo bwo kuronka ijambo mu kibano.

 

Cliquez ici pour lire le texte en français 

Partagez-nous votre opinion

Les commentaires récents (15)

  1. Ego Kubaho Ukwijije Imyaka 30 Niyirenga Urumwigeme Yirebanga Si Icoroshe Mukibano Iburundi Kuko Natwebwe Abahungu Tumaze Gushika Muri Iyo Myaka Baratubazagiza Nimba Atamugore Dufise,ugeze Mumiji Naho Inkumi Zitarubaka Zikatwitegako Vyinshi.

    Umuti Noha Abigeme: Nibagerageze Baze Bararesha Abahungu Ariko Babikore Rupfasoni Bareke Kuguma Bazingamitswe Nimici Imwimwe Yuburundi,erega Natwe Harimwo Abahungu Bashobora Gutinya Abakobwa,iyo Umukobwa Agufashije Gushika Kwijambo Wewe Umuhungu Uroroherwa Kandi Ntabwo Ubona Ko Yataye Indero.Mubivuze Ko Iki?

  2. nivyo ivyo bintu birahari muburundi .ariko ni ibintu nibaza bikunda gushikira abigeme baba basamaye ntibakanure ningoga naho mutokwirengagiza ko kubenga bikihari?jewe niyumvira ko muri abo benshi baba babanje kwiyankisha abagabo bamwebamw mais uko akanya kagenda niko bisanga umwanya wabajanye,maze bagasanga ntamisore ikibahanze ijisho kubera inyuma yabo haba hari generations zindi zishushe.jew rero nk’uwo wundi nobahanura KO boja barirehereza imisore nayone irahari biba vyayigoye kumvo izi cnk ziriya.hakuguma munzu no mukibano kibakengera,bogenda kanatsinda baraca umugani ngo ‘mwishamba ntagiti kibura inyoni ikigwako’

    1. Bonjour, Murakomeye , uko ndabibona igikomeye ni kuronka uwo mwumvikana, kandi mugahuza mu bitekerezo, apana kwihuta ngo imyaka irashize, ngo pression ya famille, mes filles c’ est votre vie qui est dans votre main… aho kugenda ugahita uruvamo, ntacyo bimaze,
      Uwiteka niwe Yubaka, mumusange arabayobora inzira yo kunyuramo abahe n’ ubwenge bwo guhitamo, jye niwe yampitiyemo , je me suis marier a l ‘age de 34 ans. kandi ni Umwami yabishoboje. so trust in Him.

  3. Mbega Akagaratete muri Mwaro niho higeze kubaho Isoko Abakobwa bishora Abahungu bakaza gucagura.Abo bafise iyo myaka nibatohoze yuko iyo soko ikibaho bajeyo kuraba yuko harico bohanoba.

  4. jew icombon nuk twokwitond mukwubak!kub ufis imyaka myinsh kubigem sikibaz,kuk nkajew mfis 26,arik nticombuz kwubakana nuwufis 35!gus urwaruk rwub ntiruseng erga iman niyo itang vyos!!kand hary numukobw arabishiramw uruhar!harimw abahung besh batiny kubavugish bivany nugutiny!ub abakobw bensh usang bifitiy amamodokar,hary umuhung umuciyk ukamwunguruz cank ukamukorer servic kanak,kir mubint umuhung atuma akwiyumvamw!kand bigatum yogutwar bivany ningn mwaganiriy!gusa abigm bensh bakunda amaronka kand itunga mworironderana!uwushak arampig kwiy numer ndamuh impanur zko yokwitwar(69411604)!murakoz

  5. ko tuzi neza ko mu mico y’abarundi nta mukobwa yirehereza umuhungu kandi abarundi nabo bakaba baha agaciro cane ubukwe bakwiye kumenya no gutahura ko hamwe n’ingo zimwe zidatang’icitegererezo ciza mu kibano canke mu miryango bic’intege sbakiri banshaka kubaza igitera ibivyimba vyo mu nda cane cane ku bigeme bajwijije imyaka 25 bataribaruka,

Nous utilisons des cookies pour vous garantir la meilleure utilisation sur ce site web.

En poursuivant votre navigation sur ce site, vous acceptez l'utilisation de cookies. Si vous souhaitez en savoir plus sur les cookies que nous utilisons, veuillez lire notre politique relative aux cookies.